Muri uwu mwaka w’ishuri wa 2019-2020, ibitigiri vy’abanyeshuri vyitezwe bo mu mashuri shingiro n’ayayakurikira birenga 3 000 000. Aho harimwo abashika 2 900 000 bo mu mashuri shingiro, n’abarenga gato 400 000 bo mu bisata bitandukanye bishika 31 vyo mu gice ca kabiri c’amashuri yisumbuye. Mur’abo, abari mu bisata vy’imyuga barenga gato 60 000 gusa. Vyashishikirijwe n’umushikiranganji w’Indero n’Inyigisho z’Imyuga, Janvière Ndirahisha, mu birori vyo kwugurura umwaka w’ishuri.
Kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 9 Nyakanga 2019, umushikiranganji w’Indero n’Inyigisho z’Imyuga, Janvière Ndirahisha, ari kumwe na Marjan Montanzemi, icegera c’uwuserukira ishirahamwe ryitaho ineza y’ibibondo UNICEF mu Burundi, buguruye icese umwaka w’ishuri wa 2019-2020. Kabaye n’akaryo ko gutanguza ku mugaragaro umugambi « Back To School 2019» wo «Gusubiza abana b’igihugu kw’ishuri, kurigumamwo no kurironkeramwo umwimbu mwiza ». Ivyo birori bikaba vyabereye kw’ishuri shingiro rya Mugeni riri muri komine Kayogoro mu ntara ya Makamba ku civugo kigira giti: « Twese dukorere hamwe kugira uwu mwaka w’ishuri ube uw’itekane, w’umwimbu ubereye, uzira ihohoterwa rishingiye ku gitsina, uzira inda z’indaro n’ibindi vyose bitesha abana amashuri ».

Mw’ijambo ryiwe, umushikiranganji w’Indero, yahagaraye cane ku kurwanya no gutuza inda z’indaro ku mashuri. Na yo ku vyerekeye inyifato n’indero itegerezwa kubaranga uwu mwaka, umushikirangaji asaba abarezi n’urwaruka kwakirana urupfasoni abana bashasha baba abaje gutangura umwaka wa mbere w’ishuri shingiro canke abaje gutangura uwa mbere ukurikira ishuri shingiro, hamwe rero no kubakundisha inyigisho kugira bagume biga bateko bunguruzwe.
Ibitigiri vy’abanyeshure bitezwe uyu mwaka w’ishuri wa 2019-2020
Umushikiranganji w’indero n’inyigisho z’imyuga Janvière Ndirahisha agira ati: « Muri uwu mwaka, ibitigiri dufise vyerekana ko twiteze abanyeshuri barenga 3 000 000. Aho harimwo abashika 2 900 000 bo mu mashuri shingiro, n’abarenga 400 000 bo mu bisata bitandukanye bishika 31 vyo mu gice ca kabiri c’amashuri yisumbuye. Mur’abo, abari mu bisata vy’imyuga barenga gato 60 000 ». Ndirahisha yongeyeko kandi ko bagereranije n’umwaka uheze wa 2018-2019 ibitigiri vy’abana vyiyongereye ku rugero rw’ibice 10%.
Ariko ngo n’ubwo biruko, ibitigiri vy’abana biga mu mashuri y’imyuga biracari bito cane, akavuga ko bagiye gushiramwo inguvu kugira buhoro buhoro ayo mashuri yiyongere kandi aronswe n’ibikoresho nkenerwa kugira abashe gukora neza.

Interano ya UNICEF mu nyigisho y’urwaruka rwo mu Burundi
Bahejeje kwugurura ishuri shingiro ryubatswe ku mfashanyo ya Unicef, uwaserukiye iryo shirahamwe Marjan Montazemi yavuze ko bazoguma bagerageza gukora ukwo bashoboye kwose kugira indero y’abana b’abarundi igume itera imbere. Ni muri iyo ntumbero yaciye ashikiriza ivyo UNICEF yiyemeje kurangura muri uwu mwaka w’ishuri. Agira ati: « Uyu mwaka biciye mu ntererano UNICEF yashize hamwe n’ibanki nkuru y’isi yose (Banque Mondiale) mu ntumbero yo kuryohora akanovera k’inyigisho, twaratanze ibikoresho vy’ishuri (amakaye, amakaramu, uducamurongo,…) mu ntara vyaragaragaye ko zibikeneye cane: Makamba, Ruyigi, Cankuzo, Kirundo, Muyinga na Rumonge. Abana barenga umuriyoni bose bazobihabwa. Nayo abigisha bose bo mu gihugu bo mu mwaka wa mbere w’ishuri shingiro bakazoronka ibikoresho vyo kwigisha ».
Marjan Montazemi yongerako kandi ko bamaze kwubaka mu gihugu cose ibirasi vy’amashuri 173 birikumwe n’ibibanza vy’ubwiherero vy’abahungu n’ivy’abigeme, amazi n’ibindi vyinshi.
Kubera ko indero y’urwaruka iraba uw’ari we wese, umushikiranganji w’Indero yasavye ko umwe wese ategerezwa kugwanya ico cose coza gitesha urwaruka amashuri, canecane inda z’indaro ku bigeme. Akaba akengurukira abakunzi b’igihugu atako batagira kugira indero igume itera imbere mu Burundi.




