Jimbere

ikirundi French English
UKUBANA

Inda z’indaro n’ingaruka mbi zazo mu rwaruka : hakorw’iki ?

Mu Burundi, urwaruka rw’imiyabaga ruri hagati y’imyaka 15 na 19 rurakunze guhura n’ibibazo bijanye n’irondoka, mbere bamwe inda zikabahitana. Ni ikibazo kidasanzwe kuko bishika mu rwaruka rutari ku ntebe y’ishure ho bikarushiriza.

Ibiharuro vyo ku rwego rw’igihugu (« EDSB-III 2016-2017 ») vyerekana ko abigeme b’imiyabaga bashika ibice 8 % baja baratanguye kuvyara. Abataciye ku ntebe y’ishure bangana ibice 19%, mu gihe abafise amashure ari hejuru n’ay’intango bagera 4%. N’igiki none cokorwa kugira inda z’indaro n’ingaruka mbi zazo mu rwaruka, na canecane rutari ku ntebe y’ishuri, zigabanuke ?

Ishirahamwe « Cordaid » ntirireze amaboko

Kuva ku wa 7 gushika ku wa 13 Nyakanga 2020, iryo shirahamwe ribicishije mu mugambi Menyumenyeshe, ryaratunganije ihiganwa mu rwaruka rutari ku ntebe y’ishure, mu ntara 8 Cordaid isanzwe iranguriramwo uwo mugambi, ku civugo : « Turwanye inda z’indaro n’ingaruka mbi zazo mu rwaruka rutari ku ntebe y’ishure ». Akahayagiwe karahinda.

Kw’igenekerezo rya 9 Nyakanga, isaha zitanu, muri zone Nyarucamo neza na neza ku mutumba Buhorwa, i Bukeye, aho ni ho ibirori vy’ihiganwa vyariko birabera. Agakino kakuranwa n’akandi, impanuro zijanye n’ukugwanya inda z’indaro zasamiranira mu binyamajwi, na yo abari ku misozi no mu birabo bagashwabaduka basatira ahariko harakinirwa utwo dukino ngo biyumviririze neza, bongere baratire ijisho. Izuba rimena imbwa agahanga, ariko ntawiyonjorora kuko akanovera k’ivyashikirizwa mu bikino karisumvya ubukazi.

Ibituma inda z’indaro zigwira mu rwaruka

Nk’uko urwo rwaruka rwagiye rurabishikiriza mu dukino, bamwe bakorwako n’ukutamenya, amohe mabi abandi bakiyononera kazoza biturutse ku kutabumbwa n’ivyo bahabwa n’abavyeyi babo. « Hari abahendwa ngo bakoze imibonano mpuzabitsina bambaye umusegetera mu gishingo c’agafuko nta ngorane, abandi ngo ikibi ni uko umuhungu akuja hejuru, na yo ngo iyo ari umukobwa umuriko wewe ntangorane. Hari abasore bahemukira abigeme basezeranye gukoresha agafuko bahengera umwigeme atabona bakagatabura nkana, canke bakakambura. Bamwe bahendeshwa terefone zigezweho bakazihahamukira, abandi bakazira amarifiti bahabwa n’abatwara amapikipi, babahendahenda ngo babahe amavuta y’indege, n’ibindi. »

Ingararuka ntiziteba kwigaragaza

Urwaruka rwakina utwo dukino rwagirako rwibutsa abandi ingaruka mbi inyuma yo kugendera mu bushurashuzi. « Ukoze imibonano mpuzabitsina ushobora kwandura ingwara zifatira mu bihimba vy’irondoka, uciye usama inda ho nta cizere usubira kugirirwa haba mu muryango canke mu kibano. Umuryango ushobora kukwangaza, uwaguteye inda hari aho ataba akiguha agaciro mbere akanakwihakana ukabura n’agasabuni ukagenda uduma urusazi, bose bakagutunga urutoke ugasigara wicuza uti iyo menya ata co iri bugufashe usivye ukwicuza. »

Tubamenyeshe ko ivyo birori vyarangiye hatangwa udushimwe tw’ibitenge n’amasabuni ku barushije abandi. Rosa Sinamenye atwara umugambi Menyumenyeshe wa Cordaid mu ntara ya Muramvya akaba yibukije urwaruka ko rukwiye kwirinda amosha mabi, rukabumbwa n’ivyo abavyeyi barwo baruronsa, rukirinda ubushurashuzi ata kindi bugamije atari ukubafutaniriza kazoza. Yagize ati : « Inkoni uzokwitwaza mu busaza uyica ukiri muto. »

Baba abajejewe intwaro, abajejwe amagara y’abantu muri iyo ntara urwaruka rwo mu kibano, abavyeyi, bose bakaba bakengurutse ibikorwa vy’uwo mugambi kuko uriko urafasha abavyeyi n’igihugu kurerera Uburundi

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top