Ngiyi imwe mu migambi mikurumikuru yiyemeje kurangurira abarundi mu kiringo ciwe ca mbere c’imyaka 7, mu ntumbero yo guteza imbere ibisata bitandukanye vy’igihugu c’Uburundi igihe umukuru w’igihugu c’Uburundi yimikwa kuri uwu wa 18 Ruheshi 2020
Mu gisata c’ubutunzi n’iterambere
Hagiye gutunganywa umugambi wo kwikoreshereza ubutare n’agataka Uburundi bufise mu gushinga amahinguriro yabwo.
Harategekanijwe kubandanya ibikorwa vyo kwubaka ingomero z’umuyagankuba 7 zizotuma atawushaka kugira ihinguriro ngo abure n’umuyagankuba. Mu gihugu hagiye kugwizwa kandi, umuyagankuba uva ku mishwarara y’izuba.
Kwitaho kwubaka amabarabara kugira ngo abagwizamwimbu boroherwe mu gihe bashora imyimbu yabo haba hagati mu gihugu canke mu mahanga.
Reta igiye gushigikira bimwe biboneka abahinga b’abashakashatsi baba abikorera utwabo canke abigisha bo muri za kaminuza kugira ngo haboneke iterambere.
Reta igiye gushigikira n’ukworohereza abagwizatunga baba abarundi canke abanyamahanga bipfuza kuzana imitahe yabo mu Burundi.
Mu gisata c’indero n’ic’amagara y’abantu
Inyuma yo kubona ko umugambi wo kugabanya impfu mu bana no gukomeza inyigisho mu mashure kugira ngo abana b’Uburundi bose bashobore kuja ku ntebe y’ishure waramiye imiryango myinshi, umukuru w’igihugu mu sasha na we ngo azowukomeza. Yagize ati: « Abakenyezi bibungenze n’abana bari musi y’imyaka itanu bazoguma bavurwa ku buntu, abana bari mu mashure shingiro na bo nyene bigishwe ku buntu ».
Ikomine yose igize igihugu c’Uburundi igiye kuzoronswa ibitaro, ironswe n’abaganga bakurikirana amagara y’abanyagihugu.
Mu gisata c’imico n’akaranga
Umukuru w’igihugu c’Uburundi yamenyesheje ko azobandanya guha ikibanza imico myiza n’imigenzo y’ikirundi kugira ngo bibere inkingi y’iterambere abarundi bose. Ni muri iyo ntumbero nyene, yashikirije ko azogarukira yongere ateze imbere ururimi rw’ikirundi, imico n’akaranga ka basokuru abicishije mu kigo gishasha c’ubushakashatsi, kwitaho n’ukugarukira ururimi n’imico y’ikirundi.
Azobandanya gushigikira inkino, imico n’imigenzo, azokomeza kandi inyigisho n’inkino n’ubunonotsi hamwe n’iz’ubuhinga ndangakaranga cane cane gukomeza ingoma kugira ngo ziteze imbere zongere zimenyekanishe Uburundi mu makungu.
Guhinyanyura gushasha poritike ijanye n’inyigisho kugira ngo urwaruka rwige rubona iyo ruja, rwitegurire umwuga ruzorangura ruhejeje amashure, hubakwe amashure menshi cane cane ay’ubuhinga kugira ngo Uburundi buramure urwaruka rushoboye kandi rweze ku mutima.
Iyindi migambi…
Yamenyesheje ko azonagura amashirahamwe ategekaniriza kazoza abakozi kugira ngo abakukuruka babone ko bafise kazoza keza: « Bagiye kuvurwa ku buntu bateko baronke n’agashahara kangana n’imiburiburi n’ako bahora baronka bakiri ku buzi ».
Ibisata vy’uburimyi n’ubworozi bigiye kurushiriza kwitabwaho biboneka ubona ko ari vyo bisata bibeshejeho cane abarundi benshi muri rusangi eka mbere haboneke n’umwimbu wo gushora hanze mu bindi bihugu : « Kugwiza amahinguriro y’itunga kama nk’uburimyi n’ubworozi bizotuma ubutunzi bwiyongera hagwizwe n’akazi ».
Reta yarashizeho ikigo OBUHA kugira ngo gitunganirize uburaro abakozi badafise amikoro manini bazohora bariha bukebuke ku giciro kitavuna gushika zibegukire.




