Jimbere

ikirundi French English
ubuzima

« Imbeba ikurikira akaryoshe kenshi ikanduruka ihera mu mutego… »

Uru rwaruka rwiyita ngo ni abana bo mw’i ‘cité’ canke abanyamuji (watoto wa mjini), oya mu vyukuri barakavya. Si abakobwa si abahungu hari abo usanga ugushurashura babigize ubutwari. Aho batamaramarira ntibanabinyegeza ngo babigire n’ibanga. Umusore amaze kuryamana n’abakobwa benshi yumva ko kuvyihaya mu bantu ari ubuhizi. Ubahanuye kubiheba ntibumva. Njebas nawe ati : « Imbeba ikurikira akaryoshe kenshi ikanduruka ihera mu mutego…»

Ubu ho hari imvugo igisibije mu rwaruka ngo « kurya umwana », oya pe ! Ibara ryaraguye. Erega ryari nari kumwe n’umuhungu numva aritoye ngo : « Yooh … bro, … » nca ndakanguka. Ndamuravye mbona yikoreye amaboko, ngira ngo hari ikintu kimushikiye kikamutera ubwoba. Ni ko guca ndamubaza ico abaye, numva arinamuye ati : « Bro, ndagowe, uzi ko nibutse ko indwi izohera ejo ntariye umwana… !» Sinaronse n’ico nsubizayo.

Erega ahubwo nagiye gutangazwa n’ingene adatinya kubitera ko inkuru !  Yaguma yihaya, yivuga amazina adondagura abakobwa ngo batinyitse ku gihagararo amaze kurya mugani wiwe. Mu giswahili yagize ati : «  Sisi watoto wa mjini usituchezee ! Tunakula tule tusichana tuzuri-tuzuri tena twenye umri mdogo» (Twebwe abana bo mu muji ntudukinishe, dukorana na turya dukobwa twiza tutarasaza). Ni kwo kumbwira ko abakobwa azi ubwambure canke abamuzi ari benshi cane, n’igitiri ata co azi ku mutwe. Aho rero akabivuga yikubita mu gikiriza yerekana ko ari intwari muri ico gikorwa.

Akamaramaza, n’uwundi muhungu ntashimye kuvuga izina  numvise ariko arabwira bagenzi we,  mbere ico gihe n’abakobwa barimwo, ati : «  Ndatesa. Uziko mu ndwi iheze nararumanije umwaka ata weekend n’imwe yijana ntariye akadada. Kandi  incuro nyishi twaba ari utudemu dutandukanye. » Muri bagenzi we aragara ngo ni intwari, mbere bohava banamwita umukuru w’abasore kuko ngo umukobwa arinze ashima ntamugera umutwe ! Ubabajije nimba ho bikingira, bakubwira ko bivana n’uwo bari kumwe. Ngo iyo ari « icuki » (umukobwa mwiza) nta vyo kwiboha…

 Bagenzi, uzi ko hari n’abakobwa ata co bibanga ? Ukumva umukobwa ariko aratera inkuru ngo nta mu « type » yomunanira yamushatse. Umwigeme ryahiye, yubahuka akavuga ko umuhungu atararyamana n’umukobwa canke umukobwa batararya ari uwa ruguru, umunyarutoki, mu majambo make atari umusirimu. Ngo umusirimu ni uwusohoka kandi akirekura. Ni ibara !

Ugushurashura kwogukwegera ingaruka mbi…

Bane ba mama ukuntu urwaruka rwihaya ubusambanyi, rwatumye mbaza umuganga ko atangaruka vyohava bitera ababugenderamwo. Muvy’ukuri, baganzi umve ndabahanure, uwo muganga yagize ati : « Usambana iyo utibutse ngo wikingire ushobora kuhandurira ingwara zandukira biciye mu bihimba vy’irondoka, nka Sida, Sifirisi, Mburugu n’izindi. Kandi ko ushobora kwisanga wanateye canke ugasama inda utipfuza mu gihe wobikora utikingiye. » Rero uwo muganga avuga ko umuti w’izo ngorane zose ari ukwihangana, ariko uwo vyorinda vyankira nawe, ahuko agwa mu ngorane zituruka kuri ubwo buhumbu ko yopfuma yikingira.

Umve ndanabibire akabanga, uwitwa Vital asanzwe yarize ivyigwa bijanye n’inyifato, avuga ko ugusambana iyo wabigize umwuga bishobora kukwica mu mutwe. Umuhungu canke umukobwa kubera yamenyereye kuyerera mu bushurashuzi, ngo hari igihe bishika inyota yo kwubaka urwiwe ikamuherana. Canke ngo umunezero wo kuba yokwishimira umuntu umwe ukamuvamwo bitewe n’uko azi benshi batameze kumwe. Mbere ngo umukobwa arashobora no guhura n’ingorane yo mu kibano bakamwinuba ugasanga arabuze n’uwumubenguka ngo amushire mu rugo, agatangura kwicuza imyaka imujanye, kuburyo yoshobora no kuhagirira ikibazo co mu mutwe.

Rero benewacu, nobahanura kureka kwiratira ubutwari mu buhumbu ahubwo mu kihaya ingeso nziza n’ibikorwa bibashikana ku kwiteza imbere, kuko ubushurashuzi usivye ko ari n’icaha imbere y’Imana, ubwishinze wozohava umera nka ya mbeba yakurikirana akaryoshe igahera mu mutego. Bibwirwa benshi bikumva benevyo.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top