Jimbere

ikirundi French English
IKIRUNDI

Urwego nshingwakirundi coba kigira kizane impinduka mu rurimi kavukire?

©️ Dr Clément Bigirimana

Mw’itangazo ry’inama nshikiranganji ryo Ku wa 27 Munyonyo 2024, umuvugizi wa Reta y’#Uburundi yashize ahabona, harimwo agace kavuga integuro y’itegeko nshikiranganji rishinga agahembo k’abakozi bo mu bunyamabanga nshingwabikorwa hamwe n’urugero rw’agashirukabute k’abagize urwego nshingwanyigisho, n’abahinga b’abakutsakivi, mu Rwego Nshingwakirundi (Académie Rundi)

Umushikiranganji ajejwe indero n’ubushakashatsi yamenyesheje ko urwego nshingwakirundi rwatunganijwe mu mwaka wa 2021. Ariko ico gisata ntikiratangura gukora bimwe biboneka, kubera abakozi badakwiye. Iyi nteguro ije guca inzira kugira ngo hashobore kugenwa abagize urwego nshingwanyigisho muri ico gisata no kugira ngo haboneke abakozi bo mu bunyamabanga nshingwabikorwa n’abandi bahinga bokenerwa rimwerimwe kugira bafashe gukutsa ikivi

Igenwa ry’abagize urwego nshingwanyigisho naryo rizofasha kugira ngo hace hashirwaho amategeko agenga abakozi kugira ngo ico gisata gitangure gukora koko. Inama nshikiranganji ikaba yaremeje iyo nteguro.

Ku bwa Dr Clément Bigirimana arongoye Ikigo Nshingwakirundi, ngo urwo rwego ni rwajaho bizofasha cane mw’itunganywa ry’ibikorwa vy’ico kigo. Yamenyesheje kandi ko « hari ibikorwa ico kigo cari kimaze kurangura, nk’inganda zihora zitegurwa ku mwaka ku mwaka ku bigisha 30 mu gihugu cose bigisha indimi, mu ntumbero yo guha agaciro abigisha b’ikirundi mu mashure. »

Ico kigo kandi caratumye umusi mpuzamakungu wahariwe ururimi kavukire uhimbazwa ku rwego rw’igihugu, mu gihe wahora uhimbazwa mu bigo vya kaminuza y’Uburundi gusa. Ico kigo kandi ngo caratumye ihiganwa « Prix littéraire rumuri » rishirwamwo ururimi rw’ikirundi, ubu abahiganwa muri iryo higanwa barakoresha n’inyandiko z’ikirundi

Naho bir’uko, ngo bimwe mu vyatumye ibikorwa vy’ico kigo bitagenda neza, harimwo ukubura abakozi n’uburyo bikwiye ndetse n’amategeko agenga ico kigo. Yabandanije amenyesha ko bimwe mu bituma urwaruka rw’ubu ruyoberwa cane mw’ishure harimwo ukudatahura ivyirwa kuko biri mu gifaransa. Yagize ati: « Ivyo vyirwa nka histoire, géographie, mathématiques n’ibindi hamwe vyoshirwa mu kirundi, kumbure vyogira ico biterereye mu kuronka umwimbu mwiza mu mashure »

Mu kurangiza yamenyesheje ko urwaruka rwubu atarurimi na rumwe bazi kuko iyo ruriko ruravuga, indimi zose rurazicanga. Nico gituma urwo rwego ruje hageze kugira ngo ururimi rw’ikirundi ruhagurukirwe bimwe bishemeye

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top