Ivyo vyashikirijwe na Ferdinand Mberamihigo, umwigisha muri Kaminuza y’Uburundi akaba n’umuhinga mu bijanye n’indimi, kuri uyu wa 18 Mukakaro 2024 mu gihe hatanguzwa ku cicaro ca Éditions Gusoma indwi ya mbere ya rya sekeza #Curijambo, yari yerekeye amajambo atugora mu gisata c’ubutunzi.
Kubwa Chantal Ntima, arongoye MDE, ishirahamwe riherekeza abitunganiriza imigambi, avuga ko hari intambamyi mu kurondera amajambo y’ikirundi bakoresha mu gisata barimwo c’ubutunzi, bakisanga bariko bitiza amajambo y’igifaransa. Yagize ati: « Iyo hageze gutora nk’amazina y’amashirahamwe yo kwiyungunganya biragorana cane kuko hama haza amazina asa, akomoka ku murwi w’amazina afise itsitso -hamwe, nka « twitezimbere n’ayandi. »
Kubwa Mberamihigo, gucura ijambo si ivy’abavyigiye gusa: « Buri muntu wese arashobora gucura ijambo. Haba hasigaye ko umugwi w’abatohozandimi usuzuma ko iryo jambo rifise inyubako y’ikirundi n’insiguro bibereye. »
Uwo muhinga yashikirije ibikenewe kugira ngo kazinduzi y’Ikirundi iboneke n’amajambo yose aboneke mu Kirundi. Avuga ati: « Bisaba ko Abarundi twese twumva ko bikenewe, tukareka kwama twitiza izindi ndimi. Bisaba kandi ko Reta ibishiramwo inguvu ibicishije mu rwego nshingwakirundi kuko bisaba umwanya n’amafaranga »
Yongeye avuga ati: « Hasabwa amafaranga arenga 1.000.000.000Fbu kugira ngo haboneke kazinduzi y’Ikirundi mu Kirundi. Harakenewe ayarenga imiriyoni 300 kugira ngo haboneke kazinduzi Kirundi-Français kugira isubirire iyo dukoresha ubu yanditswe n’Umubirigi w’umupatiri Firmin Marie Rodegem mu 1970 »
Mwomenya ko muri ico gikorwa co gutangura gucura amajambo, hizwe ku majambo 7 yo mu gifaransa akoreshwa mu vy’ubutunzi yongera atorerwa ayoyasubirira mu kirundi n’abari bitabiriye ico kiyago.
Na yo akaba ari:
- prescripteur: ndandariza
- commissionnaire: umuranzi
- reçu: icemezandishi
- contrat de vente: igurizo
- facture: ikirihiriro
- avance: urugusho
- entrepreneur: umunyamugambi




