Umuntu ataragwa mu mutego w’abafungakiwani bo mu gisagara ca Bujumbura aguma yibwira ko Buja ari nziza, isayangana. Igishingatahe ca Annie*, umwigeme wo muri kaminuza imwe mu ziri mu gisagara ca Bujumbura cotwigisha amayeri amwe amwe abafungakiwani bibisha.
Ni mu gatondo ko kuri uwu wa 9 Nyakanga 2023. Ikirere kirijimye (kirimwo ibicu). Ndi mw’ibarabara rya Gasekebuye ngana igituro c’amabisi. Nta munego, ama ‘ecouteurs’ nakubise mu matwi, ngenda ndumviriza indirimbo. Ngize ntya, nza mbona itagisi yo mu bwoko bwa ‘Spacio’ iraje n’imbere yanje ngo ba. Umushoferi numva arambajije nimba ndiko ndaja mu gisagara hagati anjane. Nanje nti : « Cane ni yo ndiko ndaja ». Ni ko guca ndamubaza amafaranga ndamuriha ahanshikanye. Na we ati : « Ni 500Fbu gusa ». Sinatangajwe n’ukwumva ayo mafaranga kuko nti bwari ubwa mbere ndiha kw’itagisi amahera make nk’ayo.
Naciye ninjira mu muduga nsangayo abandi bantu babiri. Abagabo. Umwe yicaye imbere, iruhande y’umushoferi, uwundi yicaye ku ntebe y’inyuma. Ndabaramutsa bose. Hanyuma umuduga uragenda, haheze akanya urahagara. Uwo twicaranye ku ntebe y’inyuma yari abonye umugenzi wiwe. Uyo rero ni we yaciye atangura kutwiganira ko hari abantu batatu bariko bararonderwa n’inyamiramabi (abaporisi) bagirizwa ko bari batwaye mu muduga ibiyayuramutwe. Aca atubwira ko abaporisi bariko barasaka abari mu miduga bose bakoresheje utwuma dusuzuma ibintu vyose bihinguwe mu vyuma, ko banaraba mu materefone y’abantu kugira bashobore gukurikirana izo nkozi z’ikibi zabatorotse. Kandi ko ico gikorwa co gusaka abari mu miduga giteba. Aca atuvunira akagohe ko hamwe twoshobora kunyegeza amaterefone yacu mu mabahasha ‘enveloppes sac’ dushobora kurengana abaporisi mu kanya gato tutarinze guteba.
Abo twari kumwe bose mbona batanguye kubika amaterefone mu mabahasha yari ngaho mu muduga nyene. Ubwoba burantekera, nanje nca ndabigenza gutyo. Uwari yicaye iruhande ya shoferi, aca ansaba ngo ndamuhe amfungire neza ibahasha kuburyo ata pepu zoshobora gusohoka. Nanje n’ubwoba n’akantu, nca ndamuhereza harimwo na terefone, arayifunga aca arayinsubiza, maze ndayinyegeza mw’isakoshi nari mfise.
Turabandanya urugendo. Tugeze aho twururukira, nta n’umwe yasohotse kiretse jewe gusa. Ndariha umushoferi ya 500Fbu yari yambwiye, maze mbandanya nja ku gituro c’amabisi ahahagarara izija mu Gihosha kuko nari ngiye kw’ishure kuri kaminuza.
Ndi muri bisi nariruhukije, nti nawe ntu, rya sakwa ry’abaporisi ndarisimvye reka mbe ndaraba uduhita hirya no hino kuko nabona n’abandi bafise amaterefone. Nugurura isakoshi ntora yabahasha, ndayifungura neza, ngire ndatora terefone nsanga ntoye ‘gifua nguo’, isabune ikoreshwa mu kumesa impuzu. Ndikorera amaboko, ndiyagamura, amarira antanga gukoroka kuko niyumvira terefone nimbwe ko ikiri nshasha, ata n’amezi atatu nari ndayimaranye.
Annie* ni izina twitije
Twokwirinda gute kugwa mu mitego y’abafungakiwani
Annie ahanura abiyunguruza ko bokwirinda gufata tagisi isaba amafaranga make cane. Ariko kandi ko umuntu aramutse ayifashe yoguma yicunga, kandi akirinda kwemera inkuru zitagira mvura, z’uruhendo. Canke akabaza ibibazo mu gihe abona hari akangonongono ku vyo abo bari kumwe bariko bakora canke bavuga. Kandi ni ukwibuka kwicara ku ntebe y’inyuma kandi ku mpera mu gihe usanzeyo abandi utazi kugira wirinde ivyokwaduka ugasanga bagufatiye hagati barakugiriye nabi.
Igihambaye kandi, ni ukwirinda kwizera abantu usanze mu muduga ufatiye ku gihagararo c’ukuntu baboneka. Kuko nk’uko Annie abivuga, ngo n’abo bantu bamwivye terefone bakoresheje uruyeri, baboneka nk’abagwaneza, biyubashe kandi batera inkuru cane.
Annie avuga ko, nko mu gihe wokwikeka ko umutekano wawe woba ubangamiwe, ko woca utabaza, abantu bakaza bakagutabara. Kubigenza gutyo, birashobora gutuza abibisha uruyeri.
Rero kubera ko abafungakiwani bakoresha amayeri menshi mu kwiba, ni vyiza ko umuntu yokwirinda guhura n’abantu atazi bamurondera ku materefone bamurangira aho bohurira. « Na yo ku bizera Imana, ni ukubanza gusenga, burya nta wuba azi ibiza kumubako. Imana ikamuba hafi, ikamurinda, kuko inzira z’Imana zitavogerwa ».




