Kw’isoko mpuzamakungu y’icayi iri Mombasa muri Kenya, gushika ubu, Uburundi buza mu kibanza ca kabiri mu bihugu bishika icenda vyo mu karere bihashorera icayi c’akanovera. Ibice 95% vy’icayi cimbuka i Burundi ni vyo bishoka mu makungu
Mu gihe kuva kuri uwu wa 14 -18 Kigarama 2020, ku cicicaro gikuru ca OTB i Bujumbura huguruwe icese indwi yahariwe icayi (Semaine – Thé), amashirahamwe atandukanye na canecane ay’uburimyi ari mw’ihayanishagurishwa ry’ivyo basanzwe bimbura n’ivyo bahingura. Ni n’akaryo keza ko kumenya vyinshi ku vyerekeye icayi.
Icayi rero, ni igiterwa njabukamazi, ahanini kigurwa n’amahanga. Yvonne Girukwishaka ajejwe gukurikirana akanovera k’icayi muri OTB, afatiye ku bitigiri vy’ingene icayi c’i Burundi kigurishwa, avuga ko Abarundi batanywa cane icayi. Ibice 5% vy’icayi cimbuka bigurishwa mu Burundi, mu gihe ibice 95% vy’icayi c’i Burundi bigurishwa mu makungu.
Agira ati: « Kw’isoko mpuzamakungu, icayi c’i Burundi cifashe neza cane gose kubera akanokera kaco. Gushika ubu, Uburundi buza mu kibanza ca kabiri mu bihugu bishika icenda vyo mu karere bigurishiriza icayi cavyo kw’isoko mpuzamakungu y’i Mombasa mu gihugu ca Kenya. »
☕ Kuri uyu wa 14 Kigarama 2020, mu gisagara ca #Bujumbura ku cicaro gikuru c'ishiramwe #OTB (Office du Thé du Burundi)…
Posted by JimbereMagazine on Monday, December 14, 2020
Imigambi yo kugwiza umwimbu w’icayi…
Gushika ubu mu Burundi harimirwa icayi c’ubwoko bumwe, ariko hageze kugihingura, kigakurwamwo ubwoko bubiri. Hariho icayi c’urwatsi rutoto (thé vert) hakabaho n’icayi cirabura (thé noir) iki na co kikaba kirimwo imice myishi bivanye n’akanovera kaco gatandukanye. Umwimbu ushobora kuboneka ku mwaka, wababa itoni 11 z’icayi giseye gishorwa mu makungu, ni ukuvuga hafi itoni zababa 60 z’amababi kuko, mu biro bitanu vy’amababi y’icayi, havamwo ikiro kimwe giseye, OTB ija kugurisha,
Rero kubera ko umwimbu w’icayi uboneka utari ku rugero rwipfuzwa, Yvonne Girukwishaka amenyesha yuko muri OTB bariko barakora imigambi yo kwagura indimo n’amahinguriro kugira umwimbu n’akanovera k’icayi vyisununure. Baranahimiriza abarimyi kugira uruhara ruboneka mu gukwiragiza ico giterwa njabukamazi mu zindi ntara kitarashikamwo. Ivyo bikaba mu ntumbero yo gushaka ko icayi c’i Burundi cofata ikibanza ca mbere kw’isoko mpuzamakungu, gutyo n’umurimyi akaharonkera amafaranga y’inyongera

Agahembo ko gute ku barimyi b’icayi?
Hari abarimyi bavuga ko OTB ari yo yiyungukira umurengera ku giterwa njabukamazi c’icayi, ariko bo bagatahira umuruho wo gukorera ico giterwa, Yvonne Girukwishaka ajejwe gukurikirana ibijanye n’akanovera k’icayi muri OTB aragira ico abivuzeko: « Ikiro c’icayi giseye kiriko kiragurwa amadorari 3$ (yababa 5800Fbu ku giciro ca BRB). Ikiro 1 c’icayi giseye na co, kiva mu biro 5 vy’icayi c’amababi. Umurimyi na we ariko aragurirwa amafaranga 250Fbu ku kiro 1 c’icayi c’amababi. Ni ukuvuga rero ko, ku biro 5 vy’icayi c’amababi havamwo ikiro 1 c’icayi giseye OTB ija kugurisha amadorari 3$, umurimyi nawe aba yagihembweko 1250Fbu, kandi umurimyi arongera akanaronka n’amafaranga y’inyongera 70Fbu ku kiro c’icayi c’amababi iyo umwaka uheze bivanye n’uko isoko iba yaragenze. »
Arongera ati: «Rero, kuri ayo mahera OTB ikura mu cayi, hambavu y’amafaranga ahembwa umurimyi, harahembwa abakozi, harahembwa abagishikana ku mahinguriro, abacanikira, abagisya, abagitekera, abacinjiza mu modoka zija i Mombasa, harahembwa i modoka zikijana i Mombasa, harahembwa aho gishikira, abakigurisha, harahembwa amakomine kirimirwamwo, haratangwa ikori, haratangwa inyungu kuri Reta yashinze amahinguriro, harasigara ayibikorwa vyo gukora amabarabara n’ayo gukora ibikorwa bitandukanye. »
Mwomenya rero ko OTB ifise amahinguriro atanu ari yo Jenda, Tora, Teza, Rwegura na Buhoro, ikaba ikorera mu ntara zitandatu, ari zo Cibitoke, Kayanza, Muramvya, Mwaro, Bujumbura Rural na Bururi.




