Mu gihugu c’Urwanda hariko havurwa ibihe bikurubikuru vyaranze ibirori vya Trace Awards ku ncuro ya mbere, aho ababikurikiranye bavyikugura. Muri Tanzaniya, ibanki nkuru y’igihugu isaba abakora akazi ko kuvunja amafaranga mvamakungu gukora ibishoboka vyose mu gukomeza uburyo bwo gutandukanya inoti nyazo n’iza magendo. Aya hamwe n’ayandi ni mu makuru yaranze akarere ka Afurika y’Ubuseruko mu ndwi yo kuva ku wa 16 gushika ku wa 22 Gitugutu 2023.
Ibihe bikurubikuru vyaranze ibirori vya Trace Awards vyabereye mu Rwanda
Ibirori vya Trace Awards vyabaye ku ncuro ya mbere bikabera mu Rwanda, vyarasize amateka muri ico gihugu nk’uko vyikugurwa n’abashitsi eka mbere n’Abanyarwanda bakurikiranye ivyariko bibera muri BK Arena bikamara igihe c’amasaha indwi.
Yaba uwabikurikiye ku mbonesha kure canke ku mbuga ngurukanabumenyi, bose batangazwa n’ubwiza bw’ivyo birori, imyambaro, ubushimwe bwatanzwe, n’abaririmvyi n’aho bari bafise iminota mike bitewe n’ubwinshi bwabo. Ibi bikaba vyari ibirori vyaha ubushimwe abanyamuziki b’abanyafurika bigenjeje neza, bakanerekanwa ku mboneshakure zingana 22 z’ikigo ca Trace Group kimaze imyaka 20. Kano gashimwe kakaba gafise ishusho y’igiti citwa Baobab gisanzwe kiba muri bimwe mu bihugu vya Afurika, gasigura vyinshi ku buzima bw’Abanyafurika, kuko ico giti gisigura muri Afurika ubuzima kuri benshi. Iyi nkuru tukaba tuyikesha ikinyamakuru Megazap.
Vyankingiye uguhumbishwa n’abasore bo mu kibano – agendana ubumuga akaba yize umwuga wo gushona
Emmanuela Tuyishime avuga ko kubana ubumuga atari impamvu yotuma umuntu atibeshaho. Bamwe mu bagendana ubumuga mu Rwanda bavuga ko kugira ubumuga bw’ingingo bishobora kuba intambamyi ku muntu abufise, ariko ko atari impamvu yo kwumva ko ubuzima buhagaze. Emmanuela Tuyishime, w’imyaka 24, afise ubumuga bw’amaguru yose n’ukuboko akongera akagira ijisho rimwe. Yamugaye kuva afise imyaka umunani. Mu kigo Ubumwe Community Center, mu ntara ya Rubavu iherereye mu burengero bw’Urwanda, ni ho yigiye umwuga wo gushona, igihe yatahura ko ategerezwa kugira umwuga akora kugira yibesheho. Yabwiye BBC ati: « Vyankingiye uguhumbishwa n’abasore bo mu kibano. Vyatumye nkorera amafaranga nkashobora kwigurira birya bari kumpendesha, gurtyo nkirinda gukurikira amaronko. Ndirihira inzu kandi nkashobora no kurihira umwana wanje. »
Nk’abandi bose bagendana ubumuga butandukanye baciye muri ico kigo bakiga imyuga itandukanye, uno munsi baritunze n’imiryango yabo. Iyi nkuru tukaba tuyikesha ikinyamakuru BBC News Gahuza.
Ibanki nkuru ya Tanzaniya iragabisha abavunjayi ko borikanura kugira ntibahave bakira inoti za magendo
Inyuma y’iminsi mike ibanki nkuru ya Tanzaniya itangaje amategeko mashasha mu ntumbero yo gukomeza uburyo bwo kugenzura ibikorwa vyo kuvunja amafaranga biturutse kw’ikena ry’ama dollars y’Abanyamerika, iyo banki yarasohoyeurwandiko kuri uyu wa 10 Gitugutu rwarungikiwe amabanki y’ubudandaji hamwe n’amazu akora akazi ko kuvunja amafaranga mvamakungu, imenyesha ko ifise amakuru ko hamaze gufatwa inoti nyinshi za magendo z’ama dollars y’Abanyamerika hanze y’igihugu agamije kurungikwa ku mugabane wa Afurika. Ibanki nkuru y’igihugu ca Tanzaniya yasavye abakora akazi ko kuvunja kwicungera no gukomeza uburyo bwo gutandukanya inoti nyazo n’iza magendo.
Itegeko rishasha rigenga ibikorwa vyo kuvunja amafaranga mvamakungu ryashizweho itariki 6 Gitugutu risubiriye iryahahora kuva mu mwaka wa 2019. Amazu yo kuvunja akaba agiye gushirwa mu mice itatu hisunzwe ba nyene imitahe, umutahe n’imiburiburi utegerezwa, hamwe rero n’uko inzu ukoreramwo ingana. Iyi nkuru tukaba tuyikesha ikinyamakuru The East African.
Ibihugu vya Kenya na Angola vyarasinye amasezerano 11 yo gutsimbataza imigenderanire yavyo
Umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto na mugenzi we wa Angola João Manuel Goncalves Lorenco barashize umukono ku masezerano mu ngoro y’umukuru w’igihugu i Nairobi kuri uyu wa 21 Gitugutu 2023. Ni amasezerano afatiye ku gutunganya no gukingira amashamba n’ibikoko biyabamwo, ugufashanya biciye mu gisata co kwunguruza ibintu n’abantu biciye mu mazi, iterambere ry’urwaruka hamwe no gufasha mu gisata c’uburimyi.
Ayandi masezerano ari mu gisata co gutumatumanako amakuru, ubuhinga bwa none, ibitoro hamwe na gaze, ubutare n’agataka, ugufashanya mu bijanye n’amagara y’abantu, gutezimbere ubumenyi mu buzi bwa reta hamwe rero n’inyigisho za kaminuza kugira imigenderanire hagati y’ivyo bihugu iterimbere, nk’uko vyashikirijwe na William Ruto mw’ijambo yashikirije inyuma yo gutera umukono kuri ayo masezerano. Iyi nkuru tukaba tuyikesha ikinyamakuru Citizen Digital.
Bukavu havugwa iduga ry’ibiciro vy’igitoro
Ibiciro vy’igitoro ntibihengeshanya kuduga uko umunsi utashe mu gisagara ca Bukavu kiri muri Kivu yo mu bumanuko. Cadandazwa ku mafaranga 3 500 vy’amafaranga y’amakongomani gushika ku muhingamo wo ku munsi wa kane uheze, kuri uyu w’imana iritiro ry’igitoro co mu bwoko bwa essence yariko igurwa ibihumbi bitandatu n’ayarenga. Abakidandariza mu mpisho bita abakadafi nibo nyene basigaranye igitoro mu bubiko. Ibituro bidandarizwamwo ibitoro nka vyose birugaye kubera kubura ibitoro, ibituma rero n’igiciro co kwiyunguruza kiduga bivanye n’urugendo uko rungana. Ahatari hake igiciro kikaba kimaze kwigwiza na kabiri.
Ikindi cibonekeza n’uko uruja n’uruza rw’imiduga rwagabanutse bimwe bigaragara mu gisagara, kuko benshi bahitamwo gusiga muhira imiduga yabo bakaja kwipakiza. Abadandaza igitoro mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko bamenyesha ko barindiriye ikiva mu masezerano hagati yabo na Reta ku giciro gishasha imbere yo kuja kurangura mu mahanga, kuko nahone igiciro c’akagunguru bita baril caduze. Iyi nkuru tukaba tuyikesha Radio Okapi.




