Kuri Roi Khaled, umuvyeyi yavyaye umwana w’umuhungu akomeye ariko baca bamuha uwapfuye. Magingo bagomba baje gushingura, basanga babahaye ikiziga c’umukobwa, niko kwiha akaruru ngo babahe uwabo, abaganga baca basanga hari umuvyeyi bahaye umwana atari rwiwe.
Kuri uyu wa 28 Gitugutu 2025, abavyeyi babiri bibarutse umwe umuhungu, uwundi umukobwa ariko abana babo baca baraguzwa « kubera ugusamara kw’abaganga ».
Umwana umwe yahavuye yitaba umuremyi, abavyeyi bagiye kumushingura basanga babahaye ikiziga c’umwana w’umukobwa kandi bo bari bavyaye umuhungu. Uwo wundi na we ajako aronsa uwo bamuhaye atazi ko atari rwiwe, ahubwo uwiwe yashengeye.
« Ese kuguza umwana akomeye wari umaze iminsi 2 umwonsa, mu nyuma bakaguha ikiziga c’umwana yapfuye ngo ni we rwawe, kandi wari uzi ko wibarutse umwana akomeye. Ni agahinda kadasanzwe « , ivyo bivugwa n’uwo umuvyeyi yaramaze kwonsa umwana yibaza ngo ni rwiwe.
Nk’uko twashoboye kuvyiganirwa n’umwe mu baganga bakorera kuri ivyo bitaro, ngo abo bavyeyi bose bibarutse ku munsi w’Imana igenekerezo rya 26, umwe yibaruka umuhungu, uwundi umukobwa. Kubera ko abo bana bashitse barushe cane, umuganga yabanyarukanye ahari ivyuma bibafasha guhema, kubera ko umwana wese bamwandikako izina ry’umuvyeyi wiwe ngo uwo muganga yoba yaranyuranije amazina, uwavyaye umukobwa amwandikako umuhungu, uwavyaye umuhungu nawe amwandikako umukobwa. Abavyeyi bamaze kuruhuka, umwe wese ngo mu kuja kuraba umwana bamwereka uwuriko izina ryiwe, akaba ari na we yonsa.

Baranyuranije impinja
Mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri, ngo ni ho uwo muryango wari ufise uwo mwana w’umukobwa wamenyeshwa ko umwana wabo yapfuye, bugingo imiryango yari yiyegeranije kugira ngo baje gushingura, ni ho umwe mu bari baherekeje uwo muvyeyi kwibaruka kandi yari yiboneye ko havutse umwana w’umuhungu yabona ikiziga babahaye ari umukobwa, aca ashira akaruru ku munwa, intureka ziba ziradutse ngo babagurije umwana babaha uwapfuye.
Nk’uko babandanije babitwiganira, ngo abaganga bahavuye batangura amatohoza, niko kuraba neza baca basanga kwabaye ukunyuranya abo bana, uwo yapfuye baca bamuha uwari afise uwo agikomeye ikiziga bakigurana n’uwukomeye. Isaha 2 n’igice (20h30) akaba ari ho ikiziga bagishira mu buruhukiro.
Nsengimana Damien, umuvyeyi w’urwo ruyoya rwashengeye avuga ko kuri ivyo bitaro hari ugusamara kurengeje. Agira ati: « Intandaro y’ivyo vyose umukenyezi wanje yashitse kuri ivyo bitaro ku munsi wa gatandatu isaha 3 z’ijoro (21h), ariko yagiye kuronka umuganga amwakira bukeye bwaho ku munsi w’Imana isaha 5 z’umurango (11h) kandi yari yavuye muhira hageze ko yibaruka, ivyo vyose vyabaye vyatumwe n’uko umwana yari yarushe cane n’umuvyeyi ngo yari ku mpfiro yabuze uwumwakira. »
Abaganga bamubwiye ngo « échographie irihenda »
Nayo ku bijanye n’umwana, avuga ko muri vya vyuma bimurika mu nda (Échographie) bari baramubwiye ko bazibaruka umwana w’umukobwa, ariko ngaho kuri Roi Khaled ho, ngo abibajije abaganga bamwishuye ko ivyuma vyihenda, gutyo rero ntiyavyitaho. Akaba ari yo mpamvu ivyabaye umutima wiwe wavyakiriye vuba n’aho bitoroshe.
Uwo muvyeyi rero aratakamba ko yosubizwa amafaranga arenga 500.000 BIF yari amaze gukoresha mu kuvuza uwo mwana bari bamuhenze ko ari rwiwe, akayakoresha mu gufubana iteka ico kibondo ciwe. Arasaba kandi n’indishi y’akababaro kuko ivyabaye vyamuhungabanije n’umukenyezi wiwe kubera ugusamara kw’abaganga.
Iruhande y’aho uwari yiteguriye guhamba na we yamenyesheje ko yari amaze gukoresha ayarenga ibihumbi 700 yitegurira guhamba, na we agasaba kuyasubizwa.
Mwomenya ko abajejwe intwaro muri zone Gihosha bari bishikiye kuri ivyo bitaro, mu burorero bwinshi uwurongoye iyo zone yarerekanye utunenge twinshi cane cane mu kwakira nabi abagwayi twibonekeza kuri ivyo bitaro. Abajejwe uburongozi bw’ivyo bitaro bakaba bemeye ko buzoriha inusu y’amafaranga abo bavyeyi bene abo bana bishuza, ariko ngo bazobanza kwandika amakete.




