Jimbere

ikirundi French English
Ijwi ry'Abana

OIDB yafashe iyambere mu guharanira agateka k’abana

Abarenga gato 700 nibo bafashwa n’ishirahamwe OIDB buri mwaka mu kugurirwa ibikoresho kubanyeshure hamwe no mu kwandikishwa mw’ikomine kubana bakivuka n’ibindi… Bamwe n’bandi barashima. 

Naho OIDB (Observatoire Ineza des Droits au Burundi) rijejwe ahanini kwubahiriza, guharanira hamwe no gukingira agateka k’abana, buri mwaka rirafasha mu kugurira ibikoresho abana bavuka kumiryango ifise amikoro make hamwe no kwandikisha abana bakivuka.

Nahimana Hassan, umusore w’imyaka 13 avuka mu ntara ya Ngozi akaba afise impano yo gusetsa hamwe no gukina umupira avuga ko iryo shirahamwe ryaje hageze: “Iyo OIDB idaseruka mba narahevye ishure kubera ko abavyeyi banje bari bananiwe kundihira ngeze m’umwaka wa gatatu.” 

Kuva ico gihe uko umwaka w’ishure utanguye OIDB imugurira ibikoresho vy’ishure (amakaye, amakaramu, n’umwambaro w’ishure). Arongera akavuga ko rimwe na rimwe rinamuha n’agasabune ko kumesura, akagirako atera akamo abandi bana ko boza kuryitura rikabumviriza hama rikabafasha.

Komezubumwe Chanel batazira AG, wewe afise impano yo kuririmba aratuyagira ingene yinjiye mw’ ishirahamwe rya OIDB. Avuga ati: “Nabuze abavyeyi nkiri umwana muto cane naciye nja mw’ibarabara nca mpura nabarezi bo muri OIDB baje kurondera abana kugira babagirire umunsi mukuru niho nanje baca banjana hamwe n’abandi bana.”  

Abamaze gufashwa barashima

Arongera ati kuva ico gihe ntibaramutererana : « Igihe kimwe vyarashitse ndapfungwa mugasho, nibo baje kunkuzayo kandi ico gihe cose naroi muburoko nibo bangemurira. Eka bala nbaje kundaba uko merewe. » Komezubumwe Chanel akaba anasaba ko bomufasha no guteza imbere impano yiwe yo kuririmba.

No mubavyeyi OIDB byiyatanzwe mugufasha. Nahimana Evelyne n’umwe mu bavyeyi bafashijwe kwandikisha umwana mw’ikomine n’iryo shirahamwe: “Nukuri igihe nibaruka ntanurumeya rwari munzu kugira twandikishe umwana. Naraje nditura OIDB baca barabimfashamwo.”

Ntibahagarikiye aho gusa, baciye banarihira uwundi mwana wiwe ibikoresho vy’ishure. Akaba ashima bivuye ku mutima urukundo bamweretse ningene bamwitayeho, anabasaba kubandanya bamufasha kugira umwana wiwe yige neza kuko wewe atagize amahirwe yo kuja kwiga. 

Nahimana Evelyne aranatera akamo abandi bavyeyi batarandikisha abana babo kubwo kubura uburyo ko bokwegera OIDB ikabibafashamwo kubera ari ngirakamaro: “Iyo umwana atanditswe n’igihugu ntikiba kimuzi.”   

Mwomenya rero ko mu ntara ya Ngozi aho iryo shirahamwe rikorera, agateka k’umwana kubahirijwe k’urugero rushimishije.Nkunzimana Delphine uwurongoye iryo shirahamwe mu ntara ya Ngozi ahamagarira abana bose bo mur’iyo ntara ko botabaza mugihe bashikiwe n’ingorane zitandukanye na canecane izotuma baheba ishure kuko ngo iryo shirahamwe ryaje kugira ribafashe mumikoro make yabo. Bagize n’ibindi bibazo vyotuma agateka kabo katubahirizwa boryitura.

OIDB n’iki?

Ni ishirahamwe riharanira agateka k’abana muri rusangi na cane cane abo mw’ibarabara rifashwe m’umugongo na KIYO (Kids Youth). Muvyo rirangura hakaba harimwo nko kugurira ibikoresho vy’ishure kubafise amikoro make, gufasha abavyeyi kwandikisha abana mw’ikomine, kubafasha gusubizwa ibisigi vy’abavyeyi nko mugihe banyazwe, gufasha guteza imbere impano z’abana bituye iryo shirahamwe, gukuza mw’ibohero abana bahohotewe no gusubizwa mu mashure n’ibindi.

Kino gisomwa canditswe na Niyera Ange-Diella mu ntumbero yo guha ubumenyi abaciye mu mugambi « Enfants Journalistes » wa UNICEF ushigikira ijwi ry’abana ku bibazo bihanze abana.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top