Jimbere

ikirundi French English
UKUBANA

« Batampaye ikibunabuno, umukobwa wanje ntava aha »

Hari imigirwa 3 ikomakomeye kandi itigera ihara ku munsi w’urubanza rw’ubugeni cane cane mu ntara z’uburaruko w’Uburundi : gutanga ikibunabuno, gupfumbatisha uwazanye impfizi yo gusohora (iyo vyagiriweko) hamwe rero n’uguhorora umugeni. Nguku uko bigenda…

Ku munsi w’urubanza rw’ubugeni, Kare kare cane mu gatondo, umuhungu avyuka arungikira umukobwa yakoye ikanzu y’ubukwe yamurondereye ngo azoshaze biryohe( iyo yabuze arungika iniro zera). Muri uwu mwanya, nyina w’umuhungu na we aba ariko arikazanura ategura ikibido c’inzoga arungikira nyina w’umukobwa ari na co bita ikibunabuno. Nta mugabo n’umwe yemerewe gushinga umukenke mu kibunabuno kuko ari icibutso c’igihe nyina w’umukobwa yabunabuna ku gise, aho na ho umugabo akaba yaradora. Nuko rero urwo rukanywa ruraheza rugakamagirwa na nyina w’umukobwa hamwe n’abakenyezi yitoreye wenyene.

Euphrasie Niragira, umukenyezi w’imyaka 58, aba i Muyinga agira ati : « Maze gushingiza kabiri kandi aho hose bamwana baranzanira ibibunabuno(….) Batabimpaye umukobwa wanje sindamwemerera ko ava mu nzu kuko nanje simba namuronse vyoroshe. Kandi nkako na je ku bahungu banje bubatse izabo nagiye ndabirungika 

Gupfumbatisha uwazanye impfizi yo gusohora

Uwu mugirwa usomekeranye n’urubanza rwo gusohora. Wahora ukorwa bukeye umukobwa yaraye arongowe ariko uno munsi hari abashima kuwujaniranya n’urubanza rw’ubugeni mu ntumbero yo kugabanya amahera asohoka n’ukurondera kwunguka umwanya.

Mu kiringo kigira kabiri c’urubanza rero, ab’iwabo w’umukobwa baje kumusohora, bitangirwa imbere n’impfizi y’impene inuze neza yambitse ishishiro n’imbugita mw’izosi. Ico gihebe kiba cashorewe na musaza w’umukobwa nabo abigeme biremetse ibiseke n’imibindi y’inzoga bagakurikira. Uwu yengenganye ico gipfizi ntiyigera akirekura muramuwe atamupfumbatishije amafaranga. Amaze kuyamuha rero ibiseke biraheza bikakirwa, ya ntungwa na yo bakayiyoborera aho iba irarisha utwatsi dutoshe mu kurindira ko bugoroba, imbugita yaje yambaye mw’izosi igakora igikorwa cayo.

Guhorora umugeni

Urubanza rumaze guhera abageni barinjira mu nzu yabo, bakabazanira amazi yo kwiyuhagira, maze bakaruhuka gato. Muri ico gihe inabukwe w’umukobwa canke baramukazi we baba bariko barakayambanya mu gikoni barondera imfungurwa babashira ngo bakore ku munwa. Zitunganye barazijana bakazitereka ku meza yo mu cumba abashitsi bashikiramwo canke bakazibasanza haruguru maze inabukwe agasa n’uwitebesha inyuma gato. Uno mugeni ntiyigera akora kw’izo mfungurwa inabukwe atamupfumbatishije amafaranga, ari na vyo bita guhorora. Ngo baba bashaka kuraba ko uno mukobwa adafise inda ndende.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top