Jimbere

ikirundi French English
INDANGA

Ashushanya inyama n’ivyamwa bikozwe mu masashe n’impapuro. Birasize ubwenge

Urumva nyene, ni za nyama, za papayi, ya mavoka, na wa mukeke muzi. Dani-Kasembe, umuhinga-munyamyuga  wo mu ntara ya Rumonge abishushanya mw’ibumba akura mu nkaratasi, nabo abanyamero babirabukwa aho biteretse mw’isahani bakamucunga ku kigohe mbere bamwe n’iryinyo bagashinga ko, bagatangazwa n’uko basanze ari ibuye ryibereye aho’o.

Yemwe ngo iyarara ni ryo rimwihera. Dani avuga Ko abamubona kenshi ariko aratoratora amasashe n’ibipapuro bataye, haba mw’ikuburiro canke mu tuguriro, bamutunga intoke babwirana ngo urya ni umusazi, mbere bamwe akumva bavugana ngo karabaye. Ico akora ngo abima amatwi agashishikara kuko aba azi Ko birimwo ubuhiye.

Vyatanguye nk’inzozi…

Dani kasembe agira ati:«Mu mwaka wa 2011, ni ho narota ndiko ndakora inyama n’ivyamwa mu masashe. Kuko narinsanzwe nzi ubuhinga bwo gushushanya ibintu ndabicishije mu nyandiko, maze kwikangura, nibwira nti karubutse, umwuga wa kabiri uravutse kuko vyose biza mu kurota. Ni ho natangura kubishira mu ngiro, mu nyuma ndateba nja hamwe n’abandi tugira ishirahamwe bita «Art in Africa » kugira ngo dushobore gukora vyinshi bishoboka».

Uko babibumba

Nk’uko Dani–Kasembe abimenyesha, inyuma yo kwegeranya impapuro n’ibikaratokarato barabibombeka bakabimaza nk’indwi 2 canke zirenga gato bariko barondera ico bo bita «ibumba». Ivyo birangiye, baraheza bagasekura rya bumba, bugingo  rinoze bakarondera «colle» ikora nk’ishashara mu kumatanya uduce tumwetumwe tw’ivyo yipfuza guhingura, bagakora amagufa, bakayateranya hanyuma bagatanga ishusho y’ikintu. Ivyo birangiye, baraheza bakavyanikira, hakaba intambuko yo kubikuyengeza(kubiseena), bakabisiga irangi bagaheza bakiga ingene hoboneka isoko yavyo.

Intambamyi..

Nubwo Dani-kasembe akunda gukora ibintu vy’ubuhinga busamaza ndetse bugatangaza benshi, avuga ko abura abamufata mu mugongo ngo bamufashe kubishira ahabona ibikorwa vyiwe kugira ngo ashobora kubishora no hanze y’igihugu.

Dani-kasembe amenyesha kandi Ko benshi mu barundi bataramenya agaciro k’ibikorwa vy’abanyamyuga. Agira ati: «Ni koko hari abaza bakavyihweza bikabashimisha  ariko hageze kukigura akaguha amahera adashoboka kandi hari aho usanga bitahuritse bivanye n’uburyo bw’abanyagihugu batobato».

Uwo Dani agasaba ko hoba amashirahamwe ashigikira abanyamyuga b’i Burundi kugira ngo impano zabo zishike kure hashoboka kandi zambaye akaranga k’abahinga-banyamyuga b’i Burundi eka n’igihugu kivugangwe kubw’akaranga k’ibikorwa vy’amaboko vy’abarundi.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top