
Mu gihe urwaruka rwinshi rurindira akazi ruhawe na Reta, Jean Marie Nizigiyimana we yahisemwo kugaha abandi. Uyu ni umuyabaga w’imyaka 35. Aba muri karitiye Karera, i Gitega. Haheze umwaka atanguje ishirahamwe Jeni Eco Company, rihingura amasaso (“pavés”) akuwe mu micafu itabora itabwa aho ari ho hose. Ubu akaba amaze guha akazi abashika 16 …
Kuva akiri kw’ishure, kuri kaminuza y’i Gitega mu gisata c’ibidukikije, Jean Marie ngo yakomeje kwumva hari ico yokora mu gukingira ibidukikije, ariko akabikora mu buryo butanga akazi ku bandi. Agira ati: « Iciyumviro co gukora ikintu c’akamaro kintsimbatayemwo, naciye ntangura nja mw’ishirahamwe rifise igisata c’ibidukikije. Nararongoye ico gisata ku rwego rw’igihugu, hanyuma mvuye kw’ishure mu 2019 hanjemwo iciyunviro co gusukura igisagara ca Gitega, ndagisangiza n’abandi bagenzi, abayobozi baca baduha gutangurira muri karitiye Nyamugari. »
Amaze kuraba imisozi y’imicafu iva muri iyo karitiye Karera, Jean Marie ni ho hamuzamwo iciyumviro c’ingene iyo micafu begeranirije hamwe yoyizimanganya burundu. Aca atangura kugerageza iciyunviro c’ihinguriro ryohingura amasaso avuye mu micafu ya “plastiques”. Ni ho haca havuka ishirahamwe Jeni Eco Company rihingura amasaso mu micafu itabora, mbere akaba yanaritanguje abanje kuryandikisha mu gisata kibijejwe, arico API – “Agence pour la promotion des investissements”.
Kubera ata mutahe yari afise wo gutanguza uwo mu gambi, Jean Marie avuga ko mu gutangura yasavye ingurane muri banki CECM kuko ariho ahemberwa umushara uva kw’ishure Gitega International Academy yigishako. Ico yakoze kugira bayimuhe iyo ngurane, yarondeye uwumwishingira(avaliseur). Mu ntango ico gikorwa nticamworoheye na gato. Agira ati: « Twafashe umwanya utari muto wo kugerageza iciyunviro ngo turabe ko ibiri mu mutwe vyoshobora kuvyara ikintu kiboneka. Vyaradutwaye umwaka wose w’igerageza. Twatanguye gukora ibintu vyiza kandi bikomeye mu mwaka wa 2020. Kuva tuvuye mw’igerageza, ubu turamaze kuronka isoko. Amatafari twashashe 170 m2. Ni mu gihe 1 m2 iwiwe irimwo amasaso nka 25 canke 26. Rero 170 m2 irimwo amasaso arenga 4250 ».
Imiryango ndetse n’intwaro bose barahungukiye
Jean Marie agitangura ivyo gusukura igisagara, yarahaye akazi abantu 11, hanyuma atanguye guhingura iyo micafu na ho nyene yararonkeje akazi abantu 5. Bose hamwe bakwira 16 ahaye akazi. Naho hasanzwe hari abajejwe kwegeranya iyo micafu itabora, n’uwundi wese ayizanye aragurirwa. Umufuko munini wotekera ibiro 100 ugurwa amafaranga 700. Ku munsi bahingura amasaso 75 ava mu micafu apima ibiro 125 kuko bagikoresha amaboko.
Naho biri ukwo intambamyi ntizibuze. Intambamyi nyamukuru ni iy’uko bataronka amasoko uko bavyipfuza, iyindi ntambamyi ni uko umengo umuntu atamba yirorera ntaronke abamufata mu mugongo ngo atere imbere ku rugero yipfuza. Ariko mu gutorera umuti izo ntambamyi, Jean Marie avuga ko agerageza kuganira n’abantu akababwira ivyo bakora, n’ingene amasaso bakora atandukanye cane n’ayo bari basanzwe bamenyereye, gutyo abubaka amazu bagaheza bakaza baramugurira.
Muri kazoza na ho, Jean Marie Nizigiyimana ategekanya kwegeranya imicafu yose ya “plastiques” mu gihugu cose, akagira uruganda rushobora guhingura iyo micafu yose, ariko kandi akazoba ashobora guha akazi abantu benshi gusumba. Aripfuza kandi no kwagura ibikorwa vyiwe ariko nyabuna agahingura n’ibindi bivuye muri iyo micafu nyene, nk’ibisenge vyiza cane hamwe n’amabati. Afise kandi n’umugambi wo guhingura ivyo yita “charbon actif” bugabanya ubukare bw’ivyuka biva mu mahinguriro bikica igisenge. Avuga ko utwo bafise turi mu ma masques y’abakozi bakorana ariko adukura hanze ashaka ko vyohingurirwa i Burundi akaza arabigurisha ku mahinguriro. Ariko ivyo vyose, bikaba bisaba uburyo bwinshi, akiriko ararondera hirya no hino




