Jimbere

ikirundi French English
INDERO

Bariye isosiso yatowe hasi, none bahatswe kuhasiga ubuzima

Hari ejo haheze ku wa 27 Ruhuhuma 2025, kw’ishure rya Nyabagere II riri mu buyobozi bw’indero bwa komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura, aho abanyeshure 13 bagizwe n’abakobwa 9 n’abahungu 4 baraye bahatswe kuzira isosiso batoye mu nzira iri kumwe n’uburobe.

Isosiso iri hasi

Umwe mu bayiriyeko ati: « Abanyeshure twatonze kw’ishure nk’uko bisanzwe. Mu nzira igana isomero hari hatezwe imfungurwa: isosiso n’uburobe. Ivyo abanyeshure babicako binjira mu kigo c’ishure. Ariko, umunyeshure umwe w’umukobwa yiga mu mwaka w’indwi ( 7e A) ayikubitijeko ijisho, ngo abona iranuze. »

Wa munyeshuri niko gusubira inyuma, arindira ko abandi barengana. Aca atora nya sosiso, akubita mw’isakoshi yari afise ayirema i mugongo maze uburobe asiga aho. Ashitse kw’ishure asanga yacerewe. Aguma hanze. Vyagatevye arinjira.

Ageze mw’ishure, ya sosiso itangura gutamirana. Akamoto gashwara ishure ryose. Umurezi yari ahari yumve ako kamoto, asaba uwufise iyo sosiso mw’ishure guhaguruka, bose bararabana maze humvikana ijwi ry’uwuvuga ko bayiriye bayimaze. Ariko yari ikibitse. Hageze mu mwanya w’akaruhuko, isaha zine, wa mwigeme akora mw’isakoshi, arahimbura urugigu runini aratamira. Arinovora. Afata agasigaye atangura guhako abagenzi biwe bigana. Ariko ntiyibagiye no guhako délégué na vice délégué, kugira ngo ntibazoze baramwandika mu bavuga. Abamubaza yababwira ko ari iyo yaguze, igihumbi.

Abayiriye bose baragwaye bararemba

Nk’uko vyiganwa n’umunyeshuri yahababariye, « inyuma y’akanya gato, abayiriyeko twese twatanguye kuribwa mu nda. Tukumva dusha umengo ni umuriro uriko uratwakamwo. Wa mukobwa abonye bikomeye, aca avuga ko isosiso yadusangije yayitoye mu nzira hepfo y’ishure. Duca twitura abarezi. Nabo baduha amata biranka. Baca badusimbana kw’ivuriro badutera amaserumu. Uyo yayizanye kubera yari yaremvye cane aca ajanwa ku bitaro vyitiriwe abasirikare vyo mu Kamenge (Hôpital Militaire). »

Havyarimana Jean Marie, Umuyobozi w’ishuri Nyabagere II

Havyarimana Jean Marie, umuyobozi w’iryo shure avuga ko ejo nyene abanyeshure 12 batoye mitende barataha ku mugoroba. Ariko umukobwa yayitoreye ari nawe yagaburiye abandi yaraye mu bitaro. Umuvyeyi w’uyo yaraye mu bitaro, kuri terefone akaba yabwiye uyo muyobozi ko aho uyo mwana agwariye ko nawe yorohewe.

Nya sosiso, zari ziteze ahantu hatatu

Amakuru ava mu banyeshure biga kuri iryo shure, avuga ko izo sosiso n’uburobe vyari bitezwe mu bibanza bitatu. Imwe ari nayo yahatswe gukora ibara yari musi y’uruzitiro rw’ishure, iyindi iri iruhande y’urusengero rw’aba Methodiste ruri haruguru y’iryo shure, iyindi nayo yari iruhande ya kaminuza y’ivyizigiro vya Afurika (Université Espoir d’Afrique) iri mu Gishingano hambavu y’iryo shure nyene. Izo sosiso zose bamaze kuzikeka bakaba baragiye kuziraba ngo bazite barazibura. Bikikekwa ko hoba hari n’abandi bantu atari abanyeshure bazikozeko, ubu batazi uko bamerewe aho bari.

Uyo muyobozi wo kw’iryo shure ryigako abana 2186 rikagira n’abarezi 34, avuga ko, kw’ishure bahimiriza abanyeshure kudatoratora utuntu barya ahubwo boshira umutima ku vyigwa. Mbere anamenyesha ko babujije bamwe batembereza amabarafu n’utu jus ahegereye ishure mbere ata n’umwana yemerewe kuzana amazi yo kunywa kuko baca batoragura ibibuni (ibikinju) batazi ababitaye n’ivyo baba babishizemwo ugasanga ni vyo bazanyemwo amazi. Bahamagarirwa kunywa amazi yo mw’ibomba ari kuri iryo shure.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top