
K’uruyu wa 12 no ku wa 19 Nyakanga 2024, mw’isekeza Curijambo haracuzwe amajambo 19 atahora afise uko avugwa mu kirundi kugira ngo abe arifashishwa mu gisata co guhanahana amakuru n’ubuhinga bwa none.
Kuri ayo masango, amwe mu majambo yakunda kunanira Abarundi eka n’abigisha kuyavuga no kuyigisha mu kirundi yatanzwe kugira acurwe ni nka : criptomonnaie, micro, réseau mobile, click, logiciel, application, algorithme, câblage, numérique, plateforme, serveur, glisser, souris, copier, coller, couper, enregistrer, antenne parabolique, internet, réseaux sociaux, connexion, micro, camera, technologie d’information et de communication, digital, numérique, tablette, block chain…
Hari aho mu gucura amajambo kwitiza ayo mu zindi ndimi bikenerwa…
Dr Donnay Fleury Nahimana amaze gusigura amajambo y’ubuhinga abari aho baca bagerageza gutora uko bobivuga mu kirundi. Bakaraba ijambo ribereye. Ariko akamenyesha ko amajambo asanzwe agoye abantu bashobora kuyitiza bagakwegerako rigakoreshwa nk’ikirundi. Ati : « Nka saterite tukakivuga ukonyene mu kirundi. »

Amera nk’uwunganira mugenzi we w’umuhinga mu vy’ubuhinga bwa none, mwigisha Ferdinand Mberamihigo nawe ati : « Hari uburorero bwinshi aho usanga amajambo bagiye barayafata uko nyene nka kurya umufundi uza wumva ngo fosebutike (fosse septique) abantu benshi bakanduruka bayita uko. » Yongera ati : «Hari uwo twiganye yitwa Salvator ariko Sekuru yamwita Saragatoyi, Rodegem bakamwita Rudegemwa…»
Mwigisha Paul Ngarambe nawe nyene yari yitabiriye ico cicaro, aragwa akagaruka ati: «Aho hakurya mu Rwanda usanga bayagumiza nk’uko ari mu rurimi akomokamwo, bagaca bayashira mu kinyarwanda. Ariko mu kirundi si uko. Ikirundi caratohojwe kandi kiguma gitohozwa. Ico kintu tugomba gutorera izina ubwo turacumva ? Nk’iyo ordinateur ubwo vy’ukuri bose barategera ubwo bwonko ubwo ari bwo tuvuze nyabwonko ?»
Amajambo yacuzwe ngo abe arifashishwa mu kirundi…
Abari bitabiriye ivyo bikorwa vyo gucura amajambo bamaze kwumvikana uko gucura amajambo bigenda, bashoboye gucura amajambo 19 mu gisata c’ubuhinga bwa none azoba arifashishwa mu kirundi mu kurindira ko urwego nshingwakirundi ruyemeza. Ayo na yo ni:
- TIC : Ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru
- I.A : Ubwenge mpingurano
- Astre : Icogajuru
- Coller : Kumadika
- Couper : Kumadura
- Déplacer : Kwunguruza
- Copier : Kwimura
- Télécharger : Kuvoma
- Etoile filante : Ikinyenyeri nyakotsi
- Venus : Nshingabuce
- Tablette : Ikigura
- Ordinateur : Inyabwonko
- Digitalisation : Iyitsanyabwonko
- Logiciel : Interabwenge
- Application : Agaterabwenge
- Virus : Umugera (nyabwonko)
- Algorithme : Ingenabikorwa
- Code : Umuhinyiko
- Serveur : Urusenge
Isekeza ngarukamwaka Curijambo ryari ritegekanijwe muri uyu mwaka wa 2024 rikaba ryasozerewe n’igikorwa co gucura ayo majambo yo mu gisata c’ubuhinga bwa none. Ariko hakaba hategekanijwe ucicaro co kurabira hamwe amajambo yose yacuzwe muri iryo sekeza aho mbere kazoba akaryo keza ko kuyashikiriza abamenyeshamakuru bipfuza kuba boba barayakoresha.




