Muti kuki ico kibazo? Haraheze nk’ikiringo c’ukwezi Sygepebu na Sepeduc, ama syndicats y’abigisha atari mu runani mpuza ma syndicat Cossesona, abicishije ku mbuga ngurukanabumenyi, yagiriza urwo runani ko ruriko ruriba abigisha. Agira ati : « Cossesona iriko iriba abigisha. Iriko ibatwara amahera batagishijwe inama ». Mu kwisigura, indongozi za Cossesona ziti : « Ntimurire ngo muhogore, turazi ico muduhora. Ni agashavu kuko twabankiye kwinjira mu runani ».
Intandaro ya vyose si iyindi. Ni amahera 500 urunani Cossesona rwamenyesheje ko rugiye kuza ruratoza ku munywanyi wese wama syndicats agize Cossessona. Muti ayo mahera azokora iki ? Victor Ndabaniwe arongoye Cossesona aratanga umuco : « Kuva 2017 hari umugambi twise « Solidarité nationale » twashizeho muri Assemblée Générale mu nzira yo kwitabira akamo kari katewe n’umukuru w’igihugu ko gushigikirana. »
Mu ntango uwo mugambi waje kugira uze uragarukira ku bahuye n’ibibazo bijanye nama catastrophes naturelles, nk’aba baheruka guhitanwa n’imvura, aho uruzuba rwatse canke imvura n’urubura bikonona imirima, … Ibituma haca haduka inzara aho hantu. Ico gihe umwigisha wese yiyemeje kuzoza aratanga amahera 4 000 mu mwaka. Ayo mahera akahora atozwa mu biringo bibiri, muri ruhuhuma no muri Ntwarante.
« Tumaze kuraba tugasanga abo gufasha ari benshi, no hagati y’abigisha ubwabo harimwo abakeneye gufashwa, mu nama ya twese iheruka twarasavye abanywanyi ko twongerako makeya kugira abafashwa babe benshi. Bonyene batoye ko ako gafashanyo batanga koduzwa ku bihumbi bitandatu ariko hakaza haratangwa 500 buri kwezi ku ma compte », nk’uko vyemezwa na Victor Ndabaniwe.
Abo mu ma syndicats adahurikiye muri urwo runani nabo bati : « Wanguha ! Umwigisha ariko aribwa. Ko Cosssesona ivuga ko ashikira abo yategekanirijwe, imiriyoni zirenga 490 zo gufasha abanya Kirundo yakamanganiye hehe ? Ko tutumvise agakuru kayo ? »
Cossesona na yo iti :« Mbanje kubeshuza ko ata amahera angana uko twari bwatoze ku mwaka. Menshi twatoje ni ayo mu mwaka uheze, nazo zari imiriyoni 350 z’amarundi ku bigisha 70 000 bari muri Cossesona. kandi yarakoze ico yari agenewe gukora. Mu Kirundo twarabashikirije amatoni arenga 250 y’ibifungurwa, ibitenge, abigisha barahawe amabati mbere hari n’abashika hafi icumi twavuje hanze. Hari n’abo turihira ibitaro ».
None vyukuri umwigisha ariko aribwa ?
Ku cerekeye ko abigisha batagishijwe inama, Victor Ndabaniwe, arongoye Cossesona avuga ati : « Abakuru b’ama Syndicats baragiye baravugana n’abanywanyi babo mu nyuma batuzanira ivyegeranyo vy’inama bagize yemeza ko bahawe uburenganzira bwo gusinya ku gatwe ka syndicat ». None ko hari abigisha bari muri ayo ma syndicats badatahura umugambi wa « Solidarité Nationale », mbere batanazi n’ico ari co kandi bari muri ayo ma syndicats ? Ndabaniwe ati :« Hariho abatarawutahura kubera inyigisho zabo zitarabashikira kuko tumaze kuwusigurira abakuru bo mu ndero gushika kuba DCE. Aba nabo ngira ntibarashika kw’ishure rimwerimwe ngo bawutahuze abandi. Kubadashigikiye uyu mugambi ariko bari mu ma syndicats na bo, twararungitse ama fiches hose kugira uwumva wese atawushaka ntibamuhatireko ».
Impande y’abari muri ayo ma syndicats, hari n’abandi batazirimwo bavuga ko batwawe ayo mahera ari na bo Sygepebu na Sepeduc ziriko zivugira. Uwutwara Cossesona arongera ati :« Twe nta mwigisha ari muri ayo ma syndicats twokwubahuka gutwara amahera kuko twaranayankiye kwinjira mu runani. Icatumye tubankira ni uko biyonkoye ku ma syndicats ari mu runani abandi n’abo birukanwa muri yo. Bagiye gutanguza ayiwabo hari abanywanyi bari babashigikiye bagenda bajanye. Ico niyumvira coba carabaye kubera uwo mugambi wo gushigikirana waje imbere yivuka ryayo ma syndicats, abari muri ayo ma syndicats ntibibibutse kutubwira tubakure kuma listes yacu ».
Mu bushikiranganji bw’indero bobo bakivugako iki ?
Direction des Ressources humaines mu bushikiranganji bw’indero iremeza ko izi uwo mugambi wa Cossesona kandi banawushigikiye. « Uwo mugambi ni wo kuko uje gukora aho ayandi ma caisses sociales atahora ashika. N’abakozi ba ministère bariko barawitabira nubwo batari mu ma syndicats. Ku ma niveau yose hariko haraba ihimirizwa. Sensibilisation igeze kuba DCE. Mu minsi mike abigisha nabo bazoshikirwa kandi ntankeka ko bose bazowushigikira kuko ni ku neza yabo ». Djuma Edouard, umuvugizi w’ubwo bushikiranganji abunganira agira ati : « Umwigisha atari muri syndicat ariko akaba yarakuriweko amahera niyandikire Fonction Publique ayihe nivyemeza hanyuma bamusubize amahera yiwe. Nta muntu numwe arekuriwe gukora ku gashahara kiwe ataruhusha yatanze ».




