
Kw’igenekerezo rya 06 Nyakanga 2019, mu Cibitoke ni bo bakiriye igitabu « Abakenyezi b’Intwari Bibagiwe ». Ibirori vyabereye muri komine Buganda, kw’isoko yo mu Gasenyi. Vyatuma n’abahita baza gutega amatwi…
Ku ruzuba rumena imbwa agahanga, abantu ntibaretse kuza gutega amatwi abo bakenyezi. Abarengana barahagarara bagasoma ivyanditse ku gitambara (banderole) kivuga ibijanye n’ico gitabo. Hariko n’ishusho ya Christine Ntahe. Hari abaca baza kwirabira ivyo ari vyo kubera ko baguma bumva ibitangazwa mu cuma kiduza amajwi.
Uwurongoye ikigo kijejwe iterambere ry’ingo n’imiryango (CDFC) muri iyo ntara amaze gutanga ikaze, yaciye aha aijambo umuhanuzi mukuru wa buramatari w’intara ya Cibitoke. Uyo mutegetsi na we yarashimye: “Abari ngaha muraza kwibonera Christine Ntahe mwahora mwumva ku musi w’Imana aganiriza ibibondo. Muze gutega amatwi mugire ico mutegereyemwo. Ico muzoba mwakuyemwo, ni co muza kwishura babajije, kandi ni co muza kuyagira abandi batashoboye gushika hano”.
Ku bwiwe, kuza bararonka abantu bene abo ni vyiza cane kuko iyo ntara ihana urubibe n’ibihugu bibiri. Aho na ho ngo abanyagihugu baho bashobora kuvoma imico hakurya, mugabo ngo baronse abantu babayagira bagumana imico myiza.
Abapfasoni Georgette na Mariam bamaze gufata jambo, baravuze ivyo babayemwo n’uruhara bagize mu kugarukana amahoro. Nk’umuvyeyi kandi yabonye vyinshi koko, Mahwera yarabateye akamo ati: “Igihugu cimirije amatora. Yemwe yemwe banyacibitoke ndabasavye aya matora twimirije ntatume abantu bo ngaha musubira guhungira muri Kongo. Abavyeyi mwigishe amahoro. Urwaruka ivyo mukura ngaha mubiyagire abandi. Ejo ntizokwumve ngo harabaye intambara. »
Mariam Ndayisenga na we yamenyesheje ko aboneyeho akaryo ko gushimira umupfasoni Christine Ntahe akiriho. Ku bwiwe, ngo birabishe iyo abantu bavuga ngo umuhisi kanaka yamaze iki na kiriya, mu gihe batabivuze akiriho.
Umwe wese yiyemeje guahranira amahoro

Uretse ko bagize ivyo biyemeza, abari ngaho bamwe baravuze ko bahimbawe n’ukubona Christine Ntahe batazira Maman Dimanche. Umwigisha Joselyne Dusabe ati: “Iyo nakoreye mu Kirundo hari umwana yambwiye ngo yakuriye kwa Maman Dimanche. Ndahimbawe cane kumwibonera.” Yaciye yongera ati: “Ko mfise abo njejwe, nkagira n’abana banje, nzogerageza kugira ndabakuremwo amacakubiri.”
Umuhumure Esther Nyandwi na we yabonye vyinshi asaba ko amahoro yohoraho. Ubu ngo ararima akimbura kubera adaturatura. Yavuze ko agiye guhimiriza abuzukuru biwe gukura baharanira amahoro.
Céline Niyonzima, na we ni umuvyeyimurezi. Ico azokora ngo azohimiriza abana biwe n’abo yigisha. Ngo ntozohengeshanya kubabwira ko naho bogira ico bapfa botorera umuti hamwe. Baciye bamukomera amashi.
Abari aho baba urwaruka canke abakuze bose bavuga rumwe ku bijanye n’ico biyemeje. Asmani Nimpaye wo ngaho mu Gasenyi ati: « Abahutu n’Abatutsi aha muri Buganda tubanye neza, turasangira akarwa n’ibindi. Ndashimye ko mudutumiye kubibwira abandi, natwe tuzobikora. Tuzobumbatira amahoro n’umutekano, mu kugira ibiganiro n’abandi.”
Uwitwa Bonheur Habimana, akiri muto na we nyene ntiyatanzwe.Yiyemeje guharanira amahoro biciye mu mugambi w’iterambere ari kumwe n’urundi rwaruka. Aho rero ngo bazoza baragira n’inama zijanye no kubana neza.




