Jimbere

ikirundi French English
INYUBAKO

Abanyeshuri b’i Kiriri baratinya ko inyubako ibahenukirako

Mu kigo c’i Kiriri ca Kaminuza y’Uburundi, bafise ubwoba ko inyubako igeretse gatatu bararamwo yubatswe mu myaka ya 1950 izohava ibagwako.

Ushitse kuri iyo nyubakwa, usanga inzu yo munsi ushikirako yuzuyemwo amazi, ivyondo n’ibishanga. Abanyeshure baganiriye n’ikinyamakuru Jimbere kuri uyu wa 4 Munyonyo 2025 bavuga ko haciye imyaka itari mike ico kibanza co munsi carahebwe, kitakiberamwo ivyigwa

Abanyeshure basanzwe barara mu nyubakwa zo hejuru y’iyo ushikirako, ni ukuvuga kuva kuri niveau ya mbere ya étage. Bavuga ku mpamvu iyo nyubakwa yahebwe, abo banyeshure bagira bati: « Imiringoti ndetse n’amabombo y’iyo étage kuva hasi gushika hejuru yatanguye imeneka maze ntiyakoreshwa. Rero haraciye imyaka itari mike amazi aje aca aseseka indani mu nyubakwa, ugasanga inyubakwa yose yuzuye amazi. Abakozi ba kaminuza baragerageza kuyakoropa ariko ntahera. Akenshi aca anyengetera kuva mu mpome no mu madari, akava mu nyubakwa yo hejuru agashikira mu yo munsi. Mu 2020 ni ho abanyeshure bahagarika gukoresha iyo nyubakwa yo munsi kubw’ayo mazi »

Babandanya bati: « Kubera ko izo mpome n’amadari vyamamwo amazi, ubu ntibigikomeye. Hari igihe uba uriko urarengana muri corridor ukabona isima ihomotse hejuru ikagukorokerako. »

Bavuga ko bafise ubwoba ko umunsi umwe bazobona iyo nyubakwa yose ibaguyeko. Bavuga ko bavuye ruguru baje kwiga bazi ko bazoba mu buraro, bakagira bati: « N’uko tudafise iyo tuja, ubundi hoaha twohavuye ». Bavuga ko haciye amezi atari make ikigo c’igihugu kijejwe inyubako OBUHA kije kuhasuzuma, ariko ngo ntikiragaruka kugira ico gikoze.

Harakenewe ko Reta iseruka

Séverin ajejwe inyubakwa muri iyo Campus avuga ko hamaze kuza ibisata vyinshi gusuzuma iyo nyubakwa, harimwo n’umugwi w’abashingamateka, ariko bose bakavuga ko iyo nyubakwa yotwara amamiriyaridi menshi, ayo na yo ngo akaba atoshoka aboneka.

Abona ko Kaminuza y’Uburundi ikwiye kwicarira ico kibazo, igakorana n’inzego za Reta zijejwe inyubako, bagasanura izo nyubakwa kuko zishaje, narirya zubatswe mu myaka ya 1950. Asaba ko inzira z’imiringoti ica mu mpome bazihoza, bagashiraho inzira z’imiringoti ica hanze kugira ngo hagize uwononekara ushobora gusubirwamwo.

Basaba Reta y’Uburundi, bagatakambira Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye kuyisanura no kubaronderera ahandi baba barabaye. Bavuga ko « bidakozwe vuba bazokwibuka kubikora iyo nyubakwa yahitanye abana b’igihugu. »

Hambavu y’iyo nyubakwa, kuba imiringoti imeneka ntisubirizwe bituma amazi adashika mu bwiherero, gutyo ugasanga bumwe bwarazivye, ubundi na bwo umwanda uri hejuru.

Ivy’ubwiherero ni ukwo vyifashe no mu buraro bwo muri Campus Mutanga, naho ho usanga inyubakwa zo kwigiramwo n’iziri ahantu abantu bashikira ziba zitaweko kandi zisukuye, iziri kure y’aho abagendera Kaminuza bashikira usanga zisa nabi cane kandi n’ivyononekara ntibisanurwe.

Basaba uburongozi bwa Kaminuza ko bwosanura imiringoti n’amarobine, kugira ngo barinde abanyeshure indwara ziva kw’isuku rike nk’amacinya, korera n’izindi.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top