Jimbere

ikirundi French English
GUPAGASA

Buterere: Abatwa ngo bagiye guheba iyarara bijukire imyuga

Eunice Reddick, umunyamabanga nshingwabikorwa mu buserukizi bwa reta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi arikumwe n'umuyobozi w'ikigo Don Bosco

Mu gihe igice kinini c’abatwa bo ku Buterere babeshejweho n’ivyo batoratora mw’iyarara, ubu abatari bake muri bo bemezako ico kibanza bagiye kugiheba maze bijukire imyuga yo izobafasha kwibeshaho hamwe no kwigisha abana babo, gutyo bahebe kuzera inze.

Isidore Ndacayisaba icegera c’uwurongoye ishirahamwe «Umwizero ku rwaruka rw’abatwa» ASSEJEBA (Association Espoir pour les Jeunes Batwa) afatiye kuri rusasuma yabaye mu 2015 avuga ko abatwa barenga 300 ari bo baba ku Butere. Abo bose bakaba batagira akazi kuko batize kandi nta n’amatongo yo kurima bafise.

Ndikumana Evariste arongoye ishirahamwe ASSEJEBA, umwizero w’uko abatwa bazosirimuka bakabaho nk’abandi barundi bose ni wose. Biciye mw’iryo shirahamwe risanzwe ryitaho ikibazo c’indero kandi bakaba bazi ko abana batokwiga bashonje kukaba nkako « hakora mu nda», baratanguje umugambi wo kwigisha imyuga abato n’abakuze kugira bige kwiyungunganya no kwibeshaho.

Ni muri uwo mugambi nyene, mu kigo Don Bosco kiri ku Buterere hatunganirijwe inyigisho z’imyuga zamaze amezi abiri (kuva mu ntango za kigarama 2019 gushika mu mpera za nzero 2020), aho abatwa bashika 120 bagizwe n’abagore79 n’abagabo 41 bigishijwe kubaza, gushona no kujisha.

Abaronse izo nyigisho baranahawe impapuro z’umutsindo batako baranatekererwa ibikoresho bizobafasha gutangura gukora ivyabo bisunze imyuga bize. Eunice Reddick umunyamabanga nshingwabikorwa mu buserukizi bwa reta zunze ubumwe za Amerika mu Burundi ari na bwo bwafashe mu mugongo uwo mugambi arakenguruka ico gikorwa cakozwe. Agirako anatera akamo abasangwabutaka ko bokoresha neza ingabire baronkejwe bakirinda kuyigurisha ahubwo nyabuna ikabashikana ku vyo bipfuza.

Abatwa bahawe inyigisho z’imyuga basaba gukurikiranirwa hafi

Ange Nkurunziza  ni umutwakazi wo ku Buterere. Mw’ishirahamwe ASSEJEBA yahigiye umwuga wo kubarira impuzu kandi arawishimira cane. Avuga ko uwo mwuga ugiye kumukura kw’iyarara maze yijukire ibikorwa vyo kwiteza imbere. Ariko arasaba ko abiyumviriye uwo mugambi batoca babaheba, ahubwo nyabuna ko bobaguma hafi, bakaza barabagendera baraba ko bariko barashira mu ngiro neza ivyo bigishijwe.

N’umunezero mwinshi ubonekera mu maso, Bucumi Francine ati: «Bahora bavuga ko abatwa ata co dushoboye, ubu ni baze barabe. Narize kujisha ibiseke,inkoko, indaha(Sacs à mains ). Nshobora kuja aho ari ho hose bakampa akazi mu vyo nize. Eka noneho tugiye no kuja hamwe twebwe abasangwabutaka twigirire «atelier» yacu, maze iyarara turihebere ibikona».

Na yo Innocent Nduwimana umwe mu rwaruka rwize umwuga wo kubaza, agira ati: «Ubumenyi barabuduhaye, n’ivyuma babiduhaye, none tuzokorera he? Uwukoze iciza aracuhira, ni baduhe n’isaramara (ibaziro) baturonse n’imbaho tuzotangurirako. Kandi bazohore baza kuturaba batwereke n’ibindi kuko tutazi vyose bivuye ku mwanya muto twavyize».

Isidore Ndacayisaba icegera c’uwurongoye ASSEJEBA asaba ko abo basangwabutaka bahawe inyigisho boca bishira mu migwi bagatangura guhiga aho bazokorera imyuga bigishijwe. Akaba yabasezeranije ko ASSEJEBA rizobaguma hafi mu kiringo c’amezi abiri. Ariko abo batwa bagahamagarirwa kandi kugira umutima wo gukora no kwigisha abandi bataronse izo nyigisho kugira bose bavavanure n’iyarara.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top