Jimbere

ikirundi French English
INDERO

Urwaruka: ngizi zimwe mu nkingi z’ubushobozi bwo kwibeshaho ziriko ziratuma rufata kazoza keza mu minwe yarwo

Abanyeshure bo kuri lycée Mukike bariko barakurikirana ivyigwa vy'ubushobozi bwo kwibeshaho,inyuma y'amasaha y'ivyigwa vyo mw'ishure

Kwimenya, kwiha agaciro, kugira amahangiro, kwivyukiranya, gutahura ubuyabaga kubungabunga amagara no kugira isuku ni zimwe mu nkingi shingiro zigize ubushobozi bwo kwibeshaho. Urwaruka rw’abanyeshure rumaze kugira ibakwe ryo gusoma rugasogongera kuri izo nyigisho ngo nta mpungenge z’ubuzima rugifise. Ni muri iyi nkuru.

Mu ntango z’umwaka wa 2020, ikinyamakuru Jimbere cari catunganije inyigisho z’ubushobozi bwo kwibeshaho ku mashure 5 yaserukiwe n’abarezi 10 n’abarerwa 20, zifashwe mu mugongo n’ishirahamwe mpuzamakungu UNICEF. Izo nyigisho zakiriwe neza cane n’abanyeshure biga kuri ayo masomero kuko zabigishije kwimwenya, kugira amahangiro eka no gutahura imyaka bagezemwo y’ubuyabaga.  Zabahinduriye ubuzima nk’uko babishingira intahe kuko zatumye bajijuka biga gutegura kazoza kabo guhera ubu bakiri ku ntebe y’ishure.

Mbega izo nyigisho zisumbije iki izindi?

Kubw’inyigisho urwo rwaruka rwahawe, rwarahinduye inyifato. Nimubona Jean Darcy umurerwa  yiga kuri Lycée communal Bugabira ashinga intahe agira ati: « Nahora ndi umuntu agambarara cane kandi atukana nkiberaho uko, ariko maze kuronswa inyigisho zo kubana neza n’abantu, menya ko ikiganiro ari umushinge wa vyose, nkamenya kandi ko mu mugwi w’abagenzi hashobora kubamwo beza na babi, nkigishwa ingene nohitamwo n’ingene nokwitwara mu bagenzi bene abo, narahindutse ubu ndi umuntu mushasha ashobora kubana n’abandi. »

Julienne, umwigeme yiga kuri Lycée Mukike ngo yari abayeho ata hangiro agira. Inyuma y’izo nyigisho yihaye ihangiro ryo kuba umuganga. Agira ati: « kubera natahuye ko kugira nshobore gushika kw’ihangiro nihaye mbwirizwa kugira ico nkora, ubu ndihata nkiga cane gusumba uko nahora. Aho rero ivyo vyigwa ndabifatanya no kurima ibiraya no kwororora udukwavu ngo bisahirize abavyeyi banje mu vyo ndabakenerako ».

Shella yiga kw’ishure Umugabekazi w’Ubwitonzi, ngo kuva aronse izo nyigisho yaramenye ko mu gihe c’ubutinyanka ari ngombwa ko yokwoga nka gatatu ku munsi akanahindura agatambara ko mu kwezi buri masaha munani mu kwirinda ingwara zivuye kw’isuku rike. Uwu arashima kandi ko izo nyigisho zatumye ashimangira indoto yamye afise yo kuba umuhinga mu guhingura ivyamwa ngo afashe mu kurwanya ingwara zifatira ku gufungura nabi.

Nk’uko Ndihokubwayo Aqueline, umwe mu barezi batanze inyigisho kuri lycée Rumonge, abimenyesha, izo nyigisho zarakunzwe cane n’abana kuko zibayagira ivy’ubuzima babayemwo nk’ihindaguraka ry’umubiri n’inyifato mu gihe c’ubuyabaga bwabo eka n’inyigisho ndoragitsina,zatumye abana bamenya ubushobozi n’intege nke zabo hanyuma bafatira aho maze biha ihangiro nakare ico ushaka kuba ejo ngo ugitegura uwu munsi ».

Abanyeshure bo kuri Lycée Mabanda bafashe iya mbere mu gushira mu ngiro ivyo bize

Inyigisho zimaze kunyura abanyeshure, hari iciyumviro ciza caciye kivuka mu bagize Club Mabanda, bafashwe mu mugongo n’abarezi babo babakurikirana ku mashure, kugira ivyo bize ntibabisige aho maze bafata ingingo yo gusaba umurima rusangi kw’ishure. Bamaze kuwuronka barawurimye bawuteramwo isoya nuko bimbura hafi ibiro mirongo itanu, ubu na ho bakaba bateye ibiharage barindiriye kwimbura mu minsi iza.

Nduwimana Fabrice asanzwe arongoye iyo club arashima cane ingene izo nyigisho zabigishije kwiyumvira kure na cane cane kuri kazoza narirya bamwe muri bo bagira baheze amashure, akitangako akarorero aho avuga ko nubwo yoheza ata mpungenge yo kwirihira kaminuza afise kubera ingurube yororora n’ibirato adandaza aho nyene i Mabanda, bikamwungukira hafi ibihumbi mirongo itanu ku kwezi. Avuga ko ivyo vyose amaze amezi ane gusa  abikora inyuma yo guhabwa inyigisho z’ubushobozi bwo kwibeshaho.

Nubwo rero izo nyigisho zishimwa aho zatanzwe hose, haracibonekeza ubukene bw’ibitabu kugira abana bashobore kuzinoganza iyo bageze i muhira canke mu bubiko bw’ibitabu. Mwomwenya ko izo nyigisho zatanzwe kuri lycée communal Mukike, lycée Rumonge, lycée communal Mabanda, lycée notre dame de la sagesse, i Gitega na lycée communal Bugabira mu ntara ya Kirundo.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top