Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

Uburundi mu migambi yo kwihingurira imiti mu biterwa kama

Aho igiterwa artemisia kiva mwo umuti wa marariya giteye

Amadorari yababa 750.000 y’amanyamerika, ni yo ikigo kijejwe gushigikirana  ca  Suède (coopération suédoise), kibicishije mw’ishirahamwe ‘BioInnovate Africa programme’ kigiye gushigikiza umugambi wo guteza imbere imiti kama mu karere ka Afirika y’ubuseruko. Mu Burundi hakaba haratangujwe umushinge w’ihinguriro ryayo mbere n’ibikoresho vy’ukuyihingura bikazoba vyashitse mu mezi atatu, mu ntumbero  yo guteza imbere ico gisata. Vyemezwa na Ginette Karirekinyana, asanzwe arongoye umugambi wo kuvuza imiti y’ikirundi biciye mu ngaburo (Karire product).

Umukuru w’inama nshingamateka Pascal Nyabenda, mu gikorwa co gutanguza umushinge w’ahazohingurirwa imiti

Ibikorwa vy’itanguzwa ku mugaragaro iyubakwa ry’iryo hinguriro ry’imiti vyatangujwe ku wa 8 Munyonyo n’umukuru w’inama nshingamateka Pascal Nyabenda, ku mutumba Ruvumvu uri mu ntara ya Bubanza, komine Bubanza.

Hari abahinga bahari bokurikirana ivy’iyo miti ?

Nk’uko Karirekinyana abimenyesha, abigisha bo muri kaminuza y’Uburundi bariteguriye gufasha mu gikorwa c’ubushakashatsi gutyo iyo miti izohingurwa  mu biterwa kama izohore ikoreshwa ku rugero rwo.

Eka n’ikigo ICIPE (International Centre for Insect Physiology and Ecology) ngo caremeye gufadikanya n’abo bigisha muri ico gikorwa c’ubushakashatsi kugira ngo iyo miti izohore ihingurwa itagira akanenge kandi yasuzumwe ko ishobora gukiza koko ingwara igenewe kuvura.

Uko irimwa ry’ivyo biterwa ryiteguriwe

«Ha mbamvu ya wa mugambi wo gukwiragiza igiterwa artemisia mu ntara zose  zigize igihugu c’Uburundi (artemisia=igiterwa gikinga kikanakiza ingwara ya marariya), hari n’umugambi wo kurima iyindi miti kuko burya ubutaka bw’Uburundi nka bwose bwambaye imiti ni uko benshi batabizi :Ibicuncu, icanda, imibirizi, imiravumba n’iyindi myinshi, ni ibiterwa bivura kandi bikwiragiye hose».

Karirekinyana abandanya amenyesha ko ku mahegitari 5 yaguzwe ku mutumba Ruvumvu, imwe ari yo izokwubakwa ko inyubakwa z’amahinguriro, ane asigaye nayo, abe ayo gutera mwo ibiterwa vy’imiti kama, hisunzwe uburimyi bwa kijambere. Yongera ko ati :«Abanyagihugu na bo nyene bakwiye kwijukira kurima ivyo biterwa kuko bazohora babigurirwa aho iryo hinguriro buca ritangurira gukora».

Abanyagihugu b’aho baranezejwe n’ako gakuru

Paul Irankunda, aba ku musozi washinzwe ko iryo hinguriro, arashima cane kuko ngo yahora aha agaciro gato ivy’ibiterwa bivamwo imiti y’ikirundi ariko akaba yiboneye ko bishigikiwe. Ngo na we azokira kumenya ubwoko bw’ibiterwa bikenerwa, ngo nta catsi kizosubira kumupfa ko ubusa, azohora abishorera kw’iryo hinguriro,ngo azorara afunguye.

Pascal Nyabenda, umukuru w’inama nshingamateka akaba ashima uwo mugambi uje guteza imbere amagara y’abanyagihugu mbere ngo azonawushigikira. Akagira ko ahamagarira abanyagihugu b’aho i Bubanza kuwutahura ubwa mbere, ubona ko abatari bake bazoharonkera ubuzi, haba kuri uwo mutumba ivyo biterwa bizoba biteye ko, eka no mu mashamba.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top