Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

Burundi : ubukene bw’imiti mu ma « pharmacie ya Mutuelle » buzorohereza abakukuruke ?

Ibanki BCB na Mutuelle kuri uwu wa 09 Ruhuhuma 2021 bagiranye amasezerano yo kuvuza 100% abakukuruke ba BCB. Ariko twokwibaza nimba imiti yo kubavura izoboneka narirya mu ma « pharmacie ya Mutuelle » hibonekeza ubukene bukabije bw’imiti.

Mu ma « pharmacie ya Mutuelle » harakunda kuba hari ubukene bw’imiti. N’iyo uba ufise urupapuro urihirwako na mutuelle « bon » ugiye kuwugura mu ma pharmacie y’abigenga ntibawuguha. Bakubwira ko atawo bafise. Ivyo bikorwa mu gihe babonye ko urihirwa na mutuelle. Ivyo biri ukwo mu gihe uwundi aje kugura uwo muti nyene ku giti ciwe aca awuronka bidatevye, nk’uko vyemezwa na Claudine Uwineza wo mu Bwiza mu gisagara ca Bujumbura.

Ku kibazo c’ubukene bwibonekeza mu ma pharmacie ya mutuelle, Annociatte Sendazirasa arongoye Mituelle amenyesha ko ico kibazo bakizi kandi bagihagurukiye. Avuga ko ikigo Camebu gisanzwe kirangurira Mutuelle imiti kigiye kwama kiriko kirabaronsa imiti yose ikenewe kandi ku gihe.

Agira ati :« Ikigo Camebu caremeye ko kigiye kuza kiratanga ku gihe imiti kigurira Mutuelle, kuko tuyiha amafaranga ngo itugurire. Camebu iratwemeza neza ko ikibazo cahora cibonekeza mwiteba ryo gutanga imiti muri Mutuelle iriko iraraba ingene igitorera umuti. Ni co gituma rero nizeza abakukuruke muri rusangi ko ikena ry’imiti rigiye kuba umugani muri Mutuelle. » Anamenyesha ko hari imiti imwimwe yatanguye kuboneka n’iyindi iri mu nzira.

Abakukuruke bo muri BCB bazofashwa mpaka…

Tharcisse Rutumo, umuyobozi mukuru w’ibanki BCB avuga ko ico bipfuza ari uko abakukuruke bavurwa neza. Ukuvurwa neza na vyo ngo ni uko baronka umuganga n’imiti ku gihe bikenewe. Rero ngo kuba hari abarondera imiti mu ma Pharmacie ya mutuelle bakayibura biterwa n’uko Mutuelle hari urutonde rw’imiti irihira abantu hama igaca ivuga iti uwu muti tuwuriha uku. Igiciro ntarengwa.

Mu masezerano ibanki BCB yagiriranye na Mutuelle rero ngo harimwo yuko iyo umugwayi w’umukukuruke wa BCB agiye muri pharmacie ya mutuelle akabura umuti kananaka, ari BCB ica yigira muri Pharmacie y’abikorera utwabo, ikawigurira ku mahera mutuelle itanga kuri uwo muti bakarenzako n’ayo uwo akora muri pharmacie awutangako. Tharcisse Rutumo ati: «Igikuru si amahera. Oya. Ahubwo igikuru ni uko uwo mugwayi aba yaronse umuti. »

Umuyobozi mukuru w’ibanki BCB amenyesha ko, iyo umugwayi amaze kuvurwa, BCB na Mutuelle baca baja hamwe bakaraba ivyo bumvikanye mu masezerano hama umuti uzoba waguzwe baharure kuburyo Mutuelle iriha 50%, BCB na yo irihe ayasigaye yose. Agira ati: «Ivyo vyose rero vyakozwe kugira ntihagire umurwayi abura umuti ngo n’uko muri pharmacie ya Mutuelle atawuhari canke ugurwa ku giciro gisumba ico mutuelle iwutegekanyako. »Mbere Tharcisse Rutumo anamenyesha ko n’iyo umukukuruke wabo yoba afise ingwara zivurwa n’imiti itari ku rutonde rw’imiti Mutuelle iriha, muri BCB aribo baca bayimugurira.

Annociatte Sendazirasa, agahamagarira ayandi mabanki eka mbere n’ayandi mashirahamwe yikorera utwabo, kwigana akarorero ka BCB mu kuvuza ata co barinze gusaba abakukuruke baba barakoranye, kugira bahe agaciro ibikorwa n’inguvu bakoresheje.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top