Jimbere

ikirundi French English
NGIZE NTI

Kwideribera, akabi katemangwa kandi katavugwa

Uko tugiye kubayagira si nk’uko tubimenyereye. Mu bisanzwe iyo Jimbere yishikiye gutororokanya amakuru, turerekana abantu batuyagiye, ibitigiri, amasanamu n’ibindi vyerekana uko ibijanye n’inkuru tuba turiko turatunganya imeze. Ubu hoho si ko bimeze na gato.

Bivugwa mu bwongoshwa, ntibabigaragaza, abandi bakabivugira mu biro vyugaye, kubera ko ari agatukisha kwumva ko ishure wigako canke urereyeko canke utangako ubumenyi hakorwa ako kabi.

Naho biri uko, urasanga umunyeshure umwe abwira mugenziwe mw’ibanga ko azi umwigeme yaryamanye n’umwigisha wiwe kugira ngo yunguruzwe. Ivyo rero vyoba bigirwa mu gihugu hagati co kimwe n’i Bujumbura. None vyoba bibandanya no muri kaminuza ? Nta wovyemeza canke ngo abihakane.

Ico Jimbere ishoboye gukora, muri uyu mwanya ni ukubishira ahabona.

> IBITERASONI BIGOYE KUVUGA….
> UMURUNDI YAMYE APFANA ISONI…
> FIDELA, IGISHUSHUNGWE
> AMATEGEKO KU BIJANYE N’ UGUHUZA IBITSINA
MU MASHURE ABIVUGAKO IKI?


Kugira ngo
iyi nkuru itunganywe, tubikesha Ubuserukizi bwa Reta zunze ubumwe za Amerika bwafashe mu mugongo ikinyamakuru Jimbere. Ni mu ntubero yo kwegeranya inkuru zitohojwe neza dufatiye ku guteza imbere agateka k’umukenyezi.
Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top