Ubutegetsi bugwanya gute iyo ngeso mbi ititura akanovera k’inyigisho ndetse kagatosekaza imico n’imibano muri rusangi? Edouard Minani, umuhinga mu mategeko akaba n’umuhanuzi mu bushikiranganji bw’Ubutungane , akaba ajejwe n’ugutunganya poritike ngenderwako yo mu kiringo ca 2016-2020.
Haraheze imyaka itari mike na canecane kuva hadutse intambara yo mu 1993, haravugwa abanyeshure baryamana n’abigisha kugira ngo baronke amanota meza.
Hoba hariho itegeko ritomoye rigenga imigenderanire hagati y’umwigisha n’umunyeshure?
Mu gihugu gifise kahise karanzwe n’amabi nk’iki cacu, ibijanye n’ubushurashuzi usanga birenze. Ababigira ubasanga mu bisata vyose, gushika no mu bajejwe gukingira no guteza ibere agateka k’umukenyezi, na canecane abajejwe kurera. Mu bijanye n’indero, hari itegeko rigenga inyigisho riravuga neza imigenderanire hagati y’umwigisha n’umunyeshure. Ibijanye rero no “kwideribera” vyovyo bihanwa n’itegeko mpanavyaha ryo mu 2009 (Itegeko n°1/05 ryo ku wa 22 Ndamukiza 2009), hamwe rero n’itegeko n°1/13 ryo ku wa 22 Nyakanga 2016 ririnda rikongera rigakingira abashurashujwe canke bakorewe amabi afatiye ku gitsina.
Mu bushikiranganji bw’indero bavuga ko umwigisha agengwa n’amategeko agenga abakozi n’akazi nk’abandi bakozi bose.
Kubera iki ata mategeko abagenga asanzwe ahari mu gihe tubona turi mu bihe bidasanzwe mu mashure yo mu Burundi (imico yaratitutse, ubukene, indero yo ku ziko idashemeye…)?
Itegeko rigenga abakozi ni itegeko ryerekana ko Reta ari umukoresha, umukozi wa Reta na we ari uwuhembwa na yo. Rigarukira gusa ku bijanye n’ico umwe wese yiyemeza ku bijanye n’umurimo ajejwe n’impera abwirizwa kuronka. Mu gihe umukoreshwa akoze amakosa mu kazi, arakurikiranwa n’amategeko n’ubutungane. Aho rero ni ukumenya neza ko iyo bigaragaye ko umwigisha yatanze amanota abanje kuryamana n’umwigeme, arahanwa cane n’itegeko ridasanzwe rigenga amabi afatiye ku gitsina .
Nk’umunyeshure w’imyaka 20 yiga mu w’icumi na kabiri atwajwe inda n’umwigisha wiwe, biragaragara ko uwo mwana aca yirukanwa. Itegeko rihana uwo mwigisha iyo amenyekanye ni irihe? Ahanishwa iki?
Uwo mwigisha arakurikiranwa kuko aba yashurashuje uwo ajejwe. Itegeko
rica rimukurikirana kuko yakoresheje ububasha afise ku munyeshure. Hari itegeko rihana bene ivyo rero iyo umuntu akoresheje ubwo bubasha haba ku bijanye no gutanga amafaranga canke kuduzwa amapete mu kazi. Itegeko rihana amabi afatiye ku gitsina, mu ngingo yaryo ya 35 rivuga riti: “ Umuntu wese yagirijwe kugira imibonano mpuzabitsina n’uwo ajejwe ahanishwa umunyororo w’imyaka iva kuri itanu gushika kw’icumi. Igihano kiraduzwa kuva ku myaka 15 gushika kuri 30 iyo uwabigiriwe atarashika mu bigero canke ari umunyeshure.”
Itegeko rero riratomora ko ico caha kiri mu bitababarirwa na gato. Ni ukuvuga ko n’Umukuru w’igihugu adashobora gutanga ikigongwe ku caha nk’ico.
Hari aho mwoba mumaze kuronka ibirego vy’umwigisha w’igitsina gore yaryamanye n’umunyeshure?
Oya nta vyo ndumva jewe. Mugabo abahinga baravuga ko hama hariho ako kabi mugabo katibonekeza. Usanga biriho mugabo binyegeye ku buryo mu biharuro ubutungane bufise ivyo bitarimwo. Ibuka nawe abo bita “abapfubuzi” vyaragwanijwe cane mbere bisa n’ivyatujijwe n’igiporisi kijejwe gukingira imico. Abagore bakuze bahora baza ku mashure bakigira abavyeyi b’abahungu bakabajana. Ivyo vyatumye haba igiporisi kibituza. Sinzi ko hoba hakiri udusigarira.
Muri rusangi muvyifatamwo gute kugira ngo murandurane n’imizi ingeso mbi nko “kwideribera?”
Iyo ingeso yadutse, tugasanga nta mategeko ayihana, ubutungane buca bushiraho amategeko abigenga. Abahinga mu mategeko barashobora kubona ko hari ingeso ishobora kwaduka, bagaca batangiriza bagashiraho amategeko abihana. Mu buhinga bwacu, itegeko ryose rihana ingeso riba rifise amahangiro abiri: Gukinga (kugira ngo duce inguvu ababigira ntibasubire) no guhana (kugira ngo uwabikoze yishure akabi yakoze twisunze amategeko mpanavyaha.




