Kuryamana n’umwigisha wawe kugira ngo uronke amanota meza, ni uburyo abanyeshure bamwe batoye. Biriyamirizwa naho bigoye kuranduranwa n’imizi. Abayobozi ntibiyobagiza ko iyo ngeso mbi iriho…
Turi igihe c’isaha zine n’igice zo mu gatondo kw’ishure rimwe ry’abigenga mu gisagara ca Bujumbura. Ni mu mwanya w’akaruhuko. Abanyeshure baranyagara irya n’ino, hamwe usanga bari kumwe n’abigisha bavugana. Hamwe ubona hari abasa n’abatanga amategeko, ahandi abanyeshure baza bitura abigisha. Uretse umwambaro w’ishure, n’uwujejwe indero aguma yamama ngo ntihagire uwusimba uruzitiro rw’ishure, nta na kimwe cerekana ko hari ishure. Abanyeshure biyambariye utujipo tugufi, imishatsi irahinduye, abandi bafise ibisuko, barikora uko bashatse bakambara amahereni n’ibindi. Haheze iminota cumi n’itanu, inkengeri ibamenyesha ko akaruhuko karangiye iravuga. Umwigisha umwe ashikiriye abo banyeshure abasengasenga, nk’uko womengo barangana ati : “Ni mwinjire basha!” Bano na bo bariko barinywera isoda ata co binona bafungura n’ibitumbura. Haheze umwanya, M.I, umuyobozi w’iryo shure ahava aremera kutuganirira. Ameze nk’uwicuza kandi abuze uko agira. Ati: “Ishure ryacu, abashika 80% bahigira ni abakobwa, na yo abahigisha bakagirwa ahanini n’abasore”.Amaze imyaka cumi arongoye iryo shure, aremera ahigimanga ko hari ivyo yumvise. Nk’uko womengo ashaka guhisha ako kabi kabishe, aremeza ko mu myaka ibiri iheze bitigaragaje cane. Akagira ati; “Hari umunyeshure yitwariye umwigisha ngo yamusavye ko yohebana n’umusore bagendana, maze agafatana na we. Aho ngo yamubwira ko avyanse amuyobeza.”
Agahabwa rero ku bw’uwo muyobozi ngo kahabaye haheze imyaka itatu. Yemeza ko bagize amatohoza mu mpisho. “Umwigisha yari yavyigamvye abwira uwo bakorana.” M.I yemeza ko nya mwigisha yakuwe mu kazi ubutarariye. Kuva ico gihe iyo ngeso ngo ntirasubira kwigaragaza.“Twama twumvise binugwanugwa ko hari imibururano hagati y’abanyeshure n’abigisha mugabo nta vyo twofatirako dufise bigaragara.”
Naho umuyobozi avuga ko ababi ari abigisha, ariyamiriza abanyeshure bama bashaka kwunguruzwa uko bigenda kwose ati: “Haraheze imyaka ine numvise umukobwa yoba yamenye biciye muri ubwo buryo. Narabimubajije mugabo arabirahira. Aca aruhira guhindura ishure.”
M.I aremeza ko adashobora kuba hose mu gishingo kimwe mugabo ngo biragendeka: “Kw’ishure ryacu nta vyo kwangatwa bibaho. Izo nyifato iyo ziba zikiriho nobimenye.”
Barabihisha?
A.N amaze umwaka yigisha kuri nya shure mugabo ngo ntarumva na rimwe ivyo bintu. Naho atavyemanga, avuga ko “ata mwonga ubura isato….”
Iyo bari mu nama, ubuyobozi ngo bwama bwagabishije abigisha bubabuza “gutangira amanota mu vyumba” . Mugabo rero ngo muri uwu mwaka w’ishure, ngo ntavyigeze bija ahabona. Yamara rero A.N aremeza ko vyama vyavuzwe ko hari imibururano hagati y’abanyeshure n’abigisha. Ati: “Nta mwigisha aradomwako urutoke.” Ku bwa A.N iyo ngeso nimba ihari, bibera mu mpisho.
Bose birabaraba |P.M ni umuvyeyi. Abona iyo ngeso ukundi. Ku bwiwe,
iyo umwana yitwaye nabi ngo bitukwa umuvyeyi. Ngo abana b’ubu barataye indero. Ni umuvyeyi w’umwana umwe kuri iryo shure. Wewe ngo nitiyigeze ahigimanga na gato kwandikisha umwana wiwe ngaho. “Iri shure ritunganije neza ugereranije n’ahandi usanga bitwara nk’impene zo mu ci atacamira”. Ni ko abibona.
Ku bijanye n’ingeso
yo “kwideribera”,
uyo muvyeyi wewe
ntaco abivugako. Nyabuna ngo ico amaze kwumva ni abanyeshure baha igiturire abigisha
babo kugira
babahe amanota. Akagwa akavyuka
ati: “Mugabo rero
hari abanyeshure b’abakobwa bamwebamwe bitwara nk’abadandaza umubiri. Ivyo na vyo bitukwa ubwa mbere abavyeyi.”




