Kw’igenekerezo rya 11 Nyakanga, igitabo « Abakenyezi b’intwari bibagiwe » cari kigeze mu ntara ya Kirundo. Ba bakenyezi b’i Karusi Koreta Ndaruzaniye na Mariya Roza Nicimpaye ni bo bashinze intahe.
“Banyakirundo, mwanke ico cose coza kibacanishamwo. Vyanka bikunda mutegerezwa kubana. Erega nta vomo, nta shure, nta sengero, isoko canke ivuriro ry’ubwoko bumwe canke ry’abasangiye umugambwe gusa. Eka mbere n’akaburi ni aka bose bahambwa hamwe.” Ivyo vyashikirijwe n’umupfasoni Christine Ntahe yacanditse. Ico gihe yariko arunganira nya ba kenyezi baje kuganirira abari ngaho ivyo bashitseko.
Igikorwa cabereye ku buyobozi bw’uburimyi n’ubworozi mu ntara ya Kirundo, vyitabwe n’abakiri bato co kimwe n’abakuze.
Abategetsi bo mu ntara bari bitavye inama bagirishwa n’umukuru w’Inama nkenguzamateka ku buryo batashobye kuza kwuguruza ico gikorwa. Mugabo barabwiye abaserukiye ikinyamakuru Jimbere ko ata ngorane ico gikorwa kiza kuba.
Nk’uko vyari vyegenze i Muyinga, Mariya Roza na Koreta barabayagiye amakuba baciyemwo. Abari ngaho baratangariye izo mboneza, kubona batatinye kuroha ubuzima bwabo kugira ngo barokore benewabo b’abatutsi. No ngaho nyene barafashe amajambo, umwe wese agira ico yimeje agiye gukora mu ntumbero yo guharanira amahoro bahereye aho babaye.

Christine Ntahe ariko arashikiriza Koreta na Mariya Roza bashikirije intahe z’ivyo babayemwo
Ubumwe n’urukundo imisi yose
Abafashe amajambo bose, bagiye barashimikira ku kuntu bagiye kwitwara. Danny Maniriho, asanzwe akiri muto yarashikirije ibintu vy’inkoramutima, avuze ugaca wumva ko yanyuzwe koko. Yagize ati: “Urwaruka nkanje ngiye kuruhimiriza biciye mu kigo c’urwaruka. Ninaba umutegetsi nzotwarira bose. Bishitse nkaba umudandaza w’inyanya hoho, ko nzobona abantu baza kuzigura nzomenya nti zaguzwe n’uyu canke uriya? Mbega hoho, ivomo mvomamwo rizoba ari irya bande “?
Abari ngaho bose baciye bamuhunda amashi. Aho bari bagandagaje ku kibuga, n’abahita barahagarara bakumviriza ibiriko biraba. Hari abaca binjira kwiyumviririza, ubona ko hasanzwe hafise urugo rw’ivyuma bitabuza kubona mu rugo.
N’abandi bafashe amajambo bose bagiye baravuga muri iyo nzira. Ashura Kayogera, umuvyeyi w’abana umunani yavuze ko ari ugufashanya aho babaye. Kira na noneho yabitanguye kera kuko yaravuze ukuntu aheruka gufasha umwana badasangiye ubwoko yarwariye kw’ishure aca aramuajana amushikana iwabo baramushimira cane batamuzi. Yemeye ko azobandanya muri iyo ntumbero.
Uko bavuga, warabona ko n’abashitsi banyuzwe. Bari batahuye ko gufatana mu nda bisaba ibikorwa bisanzwe mu buzima bw’umuntu. Uwitwa Fabrice iradukunda yarabigaragaje ati: “Uwuzoca kw’irembo akeneye amazi yo kunywa nzoyamuha. Niyaba akenye indaro nzomusasira. Eka n’abana mbere aje abafise nobaryamika hamwe n’abanje.”
Mu kwishura ibibazo warabona ko bose bashaka gufata ijambo. Mugabo ntivyabakundira kubera ko hari hamaze kuvuga benshi, kandi inyishu batanga wasanga ahanini zisa.
Mu gusozera, umupfasoni Christine Ntahe yaribukije ko inyungu y’intambara ari uguhekurwa, inzara, indwara, kurara rubunda nk’uko abo bari bahejeje gushinga intahe bavyiboneyeko mu 1993.
Abafashe amajambo bose baciye bahabwa udushimwe tugizwe n’ibitenge ibikoresho vy’ishure. N’ibitabo barabihawe, vyongera bihabwa abatari bake bari bitavye ubwo butumire.




