Jimbere

ikirundi French English
Abakenyezi b’intwari bibagiwe

I Muyinga, umukenyezi yitangira abandi mu gihe c’intambara

©Jimbere | Uwurongoye CDFC Muyinga ariko yugurura ibikorwa ari kumwe na Christine Ntahe bakikijwe na Koreta Naruzaniye na Mariya Roza Nicimpaye

Kw’igenekerezo rya 10 Nyakanga 2019, « Abakenyezi b’intwari bibagiwe » bari bageze mu ntara ya Muyinga. Abahutukazi Mariya Roza Nicimpaye na Koreta Ndaruzaniye b’i Karusi ni bo bashinze intahe. Abantu bari bashwabadutse kandi barakengurutse cane. Ubitegereje warabona ko banyuzwe n’ivyo bashikirijwe, barongowe n’uwuramutswa ikigo kijejwe iterambere ry’ingo n’imiryango (CDFC).

Abanyamuyinga baratewe akamo barakitaba. Vyari bitangaje ukuntu bashwabadutse kandi hariho ikindi gikorwa co kwakira Umukuru w’igihugu. Baremeye barazinduka, kugira ngo bace baja kwakira iyo ndongozi. Bari benshi kandi ukabona ko bakurikira n’umutima umwe.

Uwurongoye CDFC – Muyinga amaze gutanga ikaze, ba bashitsi baciye bidondora bagirako banavuga ico umwe wese yamaze mu ntumbero yo kugarukana amahoro yari yahungabanye mu 1993. Abari ngaho barwiriyemwo abakenyezi baciye babakiriza amashi, maze babatega yompi.

Mariya Roza Nicimpaye ati : « Umubanyi w’umututsikazi yampungiyeko. Narabuze aho ndamunyegeza. Baje kumunyicirako ndarahira ndarengwa. Ndabwira abari bafise ibicumu n’ibibugita ko bamwica babanje jewe. Ntibabaye bakimwica, mu nyuma vyarakunze mpava ndamuherekeza ndamushikana iyo abatutsi bahungiye. »

Abariko baramwumviriza baratangaye, ukabona ko bakenguruka ubutwari bw’uwo mupfasoni. Umwe wewe yongoreye mugenziwe ati : « Ivyo bintu mpava ndara ndabirota. »

Nicimpaye yabandanije amenyesha ukuntu mu gusubira inyuma, ari kumwe n’abamuherekeje bajanye wa mututsikazi iyo abandi bahungiye ngo bagiye barabundabunda, kugeza aho barara mw’ishamba n’inzara n’akantu.

Bamaze gutandukana abahutu bagasigara mu zabo na bo nyene vyarashika bakarara rubunda, nayo abatutsi bakaja mw’ikambi y’abateshejwe izabo… Amakuba baciyemwo ngo ntagira izina.

Akabandanya ati : « Twarahagorewe tukarwara canke tukarwaza mugabo ntituronke imiti. Ntawashobora gushora utuntu mw’isoko canke ngo aje gusuma. »

Ubwo butwari umupfasoni Nicimpaye yagize, ni na bwo bwaranze mugenziwe Koreta Ndaruzaniye. Na we ngo yari yaratoye abana b’abatutsi bane, maze igihe urwo rwimo rwaduka baza kubamutsindako. Ico yakoze ngo yarabanyegeje kandi barahererwa bagenda uko baje naho bamusizi ari ikiruruma. « Baciye bantemagura mugabo Imana ishimwe narakize. Ubu nsigaranye inkovu gusa.”

Mu nyuma Imana yaracanye umututsikazi yitwa Bujeniya Bancako arabahuza bukebuke, bariyunga mugabo bigoranye bahava baraharanira amahoro birakomera kugeza aho bashinga ishirahamwe bararima barimbura amahoro arasasagara, abarabana iry’ingwe bagwana mu nda.

Umukenyezi arahangwa n’intambara kurusha abandi”

Bahejeje kuvuga umwe wese ayo yaboneye mu ntambara ariko agatabaruka kubera umutima wo kwitangira abandi, umupfasoni Christine Ntahe yarabunganiye. Ikintu yashimikiye ko kurusha ibindi ni uko abana n’urwaruka atawobashiramwo umugera w’amacakubiri. Ivyabaye ngo ntibigasubire, mugabo bitwigishe gutegura kazoza keza.

Yaramenyesheje abari ngaho ko mu mihingo yose y’igihugu habonetse abakenyezi badasanzwe, bitanze batiziganya, gutyo amahoro asubira gusasagara. Yaranakebuye abakenyezi bari ngaho, ubona ko ari bo bari benshi mu bitavye ati: “Umukenyezi arahangwa n’intambara kurusha abandi.”

Yaciye aboneraho akaryo ko guhanura urwaruka kutajana nyabahururu muri iki gihe himirije amatora. Yabasavye kudahirahira ngo bapfe imigambwe.

Abitavye barakengurutse

©Jimbere | Abigize ico bashikirije na bamwe mu bitavye barahawe udushimwe

Uwitwa Gérard Mbonigarura ni we yatanguye gufata ijambo. Yiyemeje ko agiye guhanura urwaruka kubana neza atakwisunga ubwoko, imigambwe, amadini canke ibindi.
Yaciye yunganirwa na Kandava Mariam. Na we nyene yamenyesheje ko yanyegeje abantu muri urwo rwimo. Yasavye ko abantu bose boshira imbere urukundo.

Ubona ko guharanira amahoro bidasaba gukora ibitangaza, Josiane Banderembako yamenyesheje ko azobwiririkanya n’abandi ibijanye no kubumbatira amahoro. Ivyo na vyo ngo bizoca mu gukorera hamwe. Ati: “Tuzohana ibivi turime tworore.”

Kuyagira amahoro abari ngaho, vyasa n’ugukeburirako gusa. Ivyo vyaragaragara mu vyo bavuga.

Uwitwa Rehoniya Miburo arabishingira intahe. We ntiyavuze ivyo yiyemeje, nyabuna yavuze ivyo agiye kubandanya ati: “Uwugwaye mu kibano nzomuba hafi nongere ndamuhe ikivi (kumufasha kurima) nk’uko nsanzwe ndabikora.”

Abagabo canke urwaruka rw’abahungu bari ngaho, baranyuzwe na bo nyene bakaza barashikiriza ivyo biyemeje gukora kugira ngo babumbatire amahoro.

Emmanuel Nduwayezu yavuze ko icigwa akuyemwo ari ukwitangira abandi. Ico agiye gukora na co ni ugukovya ku buryo azobigisha ubutwari, n’urukundo, kuko ngo ni rwo rwatumye abo bakenyezi barokora abandi.

Ba sokuru bati: “Ubuja gusha buratagata ». Umupfasoni Alice Ndagijimana yavuze ko amahoro mu kuyigisha nyabuna azotangurira ku bana biwe. Ho ngo azoca agirako aze arabiyagira n’abana b’abanyi, abamenyesha ko atakwitwaza ubwoko, intara, imigambwe canke ibindi.

Hari abari ngaho bavuze ko igihe amoko yaryana batari bwabeho. Mugabo bose ico bagenda biyemeje, kwari ukubumbatira amahoro.

Christine Ntahe yaciye abwira urwaruka rwari ngaho ico rwokora: “Ni vyo ubu nta ndyane zishingiye ku moko ziriho. Mugabo hari ukuryana bishingiye ku migambwe muturukamwo. Imigambwe myinshi ni vyiza, n’ibwirizwa nshingiro rirabirekura. Kubera ko igihugu ari umuvyeyi wa twese mu budasa bwacu, tucubake rero.”

Umwanya ico kiganiro camaze ntawarambiwe, kubera ko bose warabona ko bateze amatwi banyuzwe. Abagize ico bashikirije bose barahawe ubushimwe. Bwari bugizwe n’ibitenge, ibitabu, n’ibikoresho vy’ishure. Eka n’abandi batari bake barahawe ibitabu. Yaba uwurungoye ikigo kijejwe iterambare ry’ingo n’imiryango mu ntara ya Muyinga canke abandi bose bashoboye kuvuga, barakengurukiye abari ngaho bongera bakeza umupfasoni Christine Ntahe yanditse nya gitabo.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top