Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

« Nahenzwe n’amashuri menshi uwo twakundana afise, nsanga yantwaje inda ntipfuza »

Ni C.N, umwigeme w’imyaka 17 aba mu Kirundo. Uyo mwigeme mu gihe yari atanguye umwaka w’indwi w’amashure shingiro yatwawe n’ibishobisho vy’uko akunzwe n’umuhungu yiga muri kaminuza bimunanira gufata ingingo yo kutemera guhuza ibitsina, yibwira ko umukunzi wiwe aciye ubwenge atomutera inda. Bakiriye guheza gukora ivyo bakora, inda yagiye ayijanye

Ni 8h37, ku mugwa mukuru wa komine Kirundo. Akazuba kaserutse neza nta n’ibicu bikarimwo. Abantu baguma bacanacanako baja kurema isoko. N’abakiri bato biboneka ko boba bakiri ku ntebe y’ishure ntibatanzwe, kuko ni mu kiruhuko c’igice ca kabiri.

Muri urwo ruja n’uruza rw’abahita, ng’uyo umwigeme akiri muto. Aribungenze. Ukuboko kumwe yagushize mu mafyinga. Atambuka yiyengenga. Ariko mu maso asa n’uwurushe canke afise ibibazo. Ni kwo kwibaza nimba yoba yerekeje kwa muganga kugira tumushikaneyo. Ariko siho yari agiye.
Hari umugenzi wiwe yari agiye kuraba kugira babe barahanurana. Uyo mwigeme tumubajije impamvu yubatse akiri muto kandi yobwirijwe kuba akiri kw’ishure, aho kwishura amosozi yaciye azunga mu maso. Yari yibutse ko kwiga vyahagaze. Ni ko kwinanata atubwira ko atoganirira mw’ibarabara. Duca tujana mu kigo maze atubwira ko ata mugabo afise ahubwo hari umusore yamutwaje inda atipfuza. Aca araduka ararira.

« Nasamye inda ntipfuza ntanguye kwiga mu w’indwi, amashure mba ndahagaritse…« 

Uyo mwigeme twashimye kwita C.N, kubera adashaka ko amazina yiwe aboneka, agira ati : «Uwanteye inda twari tumenyeranye kuko tuva hamwe. Mbere twese twari n’abakirisu mu rusengero rumwe, twaranajana gusenga. Niga mu wa gatandatu wa ECOFO nawe yiga mu wa mbere muri imwe mu kaminuza yigenga ari mu gisagara ca Bujumbura. Ni ho yansaba ngo dukundane. Nanje ku gihababu c’uko nkunzwe n’uwugira amare kaminuza sinatevye kwemera. Ngiye mu w’indwi nkwije imyaka 17 nawe agiye mu wakabiri wa kaminuza -haheze umwaka dukundanye-, umuhungu niho yansaba ngo turyamane. Duhuze ibitsina. Yaranyinginze. Ico gihe yambwira ko ata ngorane ziba kuko azi guharura neza igihe c’ugusama. Nanje sinari ndanibuka igihe naherukira kubona ubutinyanka. Sinanavyitwarika. Kubera yiga muri kaminuza nabona ko ansumvya ubwenge nca ndamwemerera. Ariko ndamubwira twikingire kuko kw’ishure twari twarize ibijanye n’ukwikingira mu gihe vyanse ko umuntu yihangana, aranka. Nanje mbura n’ubwenge bwo kuvuga oya ku vyo ansavye. Duca turaryamana. Turabikora araheza. Wanashaka ryari irya mbere nta vyo nari bwakore. Natashe ntameze neza mfise ubwoba. Ukwezi guheze mbona singiye mu butinyanka. Ndamubwiye ko noba narasamye akandemesha ambwira ko iyo umukobwa yagize
ubwoba ubutinyanka bushobora guteba ugasanga n’ukwezi kuraheze. Nagiye kwemera ko kabaye ukwezi kwa kabiri guheze. »

« Naryamanye n’umukobwa mfise imyaka 23 ntazi ko ngeze gutera inda »

Abavyeyi bacu baciye bumvikana, umuhungu yemera kuzorera umwana

C.N., avuga ko amaze gupimisha imbanyi kabiri, igihe tuganira nawe mu kwezi kwa kane 2024, imbanyi yiwe yari imaze amezi indwi. Kubera ubwoba,vyari yaratinye kubibwira abavyeyi. Ariko ngo kubera baba bakuze, baravyibwiye bafatiye ku bimenyetso yagenda arerekana: guciragura, kubura akayabagu ku mfungurwa zimwezimwe, n’ibindi. Ati: «Bambajije nkavyemera ko nibungenze nkanababwira ko n’uwayinteye avyemera, baravyakiriye.»
Uyo mwigeme avuga kandi ko abavyeyi b’umuhungu bagiye gusaba ikigongwe ngo ntibije hejuru, barumvikana, umuhungu yemera inda no kuzokurikirana umwana azovuka.

Uyo mwigeme aricuza kuba yarahagaritse kwiga ariko umuhungu we akaba yarabandanije yiga. Akibaza icatumye yemera gukora ubuhumbu n’amosozi agakoroka. Nta n’icizere co kuzosubira kwiga afise. N’ay’abantu ngo baramuvuze ko ari indaya, yiyorobeka mu rusengero banduruka bararuha. Aricuza ariko akibuka ko akajambo « iyo menya kama kaza inyuma y’ubujuju. »
C.N, afatiye ku kuba ivyamushikiye atari abizi, mbere atari anavyiteze, atera akamo urundi rwaruka kwihangana bagaheba utwosho n’amayeri yose abahungu babagirako, kuko vyotuma bagwa mu kaga bagasigara baricuza.
Ivyo biri uko mu gihe mu Kirundo ibitigiri vy’abanyeshure b’abakobwa batwaye inda zitifujwe mu mwaka w’ishure wa 2022-2023 n’igice ca mbere c’umwaka wa 2023-2024, bagera ku 73, nk’uko ibitigiri biva mu buyobozi bw’indero muri iyo ntara bivyerekana.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top