Jimbere

ikirundi French English
Imboneza z'Abakenyezi

Imboneza z’urwaruka n’abakenyezi zo muri komine Muhanga na Bugabira zarifatiye ingingo zobafasha kubaho

Intara ya Kayanza ifise abantu baharurirwa mu bihumbi amajana umunani, abo bagatuma iyo ntara ija mu rutonde rw’intara zitatu mu Burundi zibamwo abantu benshi. Iryo yongerekerana ry’abantu rikaba ari isoko ry’ingorane nyinshi : Indyane z’amatongo, iyongerekana ry’urwaruka rutagira ivyo rukora, abigeme bibungenga imbanyi batipfuza, … Reta na yo ikaba itoshobora gutorera umuti izo ngorane zose. Ni muri iyo ntumbero imboneza zo ku mitumba zigizwe n’abakenyezi n’urwaruka zaciye zifatira ico kibazo c’ingorane zituruka kw’igwiririkana ry’abantu mu minwe. Izo mboneza rero zikaba ziriko zirigisha abandi ibijanye n’ugutatura amatati, kwitunganiriza imigambi no kwirinda ubushurashuzi.

Izo ngorane ziri mu Kayanza ni zo zibonekeza no mu buraruko bw’igihugu, mu ntara ya Kirundo. Na ho nyene imboneza zirerekana ko ari zo nkigi mu kibano zibamwo.

Médiatrice nk’akarorero, uyo agendana umugera wa Sida, aba muri komine Bugabira. Ariko, uwo mugera ntutuma atinya kw’igisha abandi uburyo bwo kuwirinda. Canke Epitace, aheruka guheza amashure yisumbuye akaba adatinya kuzinga amaboko y’ishati yiwe iyo agiye kurima, n’ubwo urundi rwaruka rwo ruterekwa ico gikorwa. Rero, imboneza ni abo bagore n’urwaruka bose bariko barakorana inguvu zabo zose kugira babere abandi akarorero mw’iterambere.

Ikinyamakuru Jimbere caragiriraniye ikiganiro n’izo mboneza z’iriko ziratsimbataza amahoro mu Burundi kandi zifashwe mu mugongo n’ishirahamwe Search For Common Ground.

˃ I MUHANGA, URWARUKA RW’IMBONEZA NUBWO RUHURA N’INTAMBAMYI NTIRUVA KW’IZIMA

˃ BARAGWANYA UBUKWE BUDACIYE MU MATEGEKO

˃  ARIHATA, NUBWO AGENDANA UMUGERA WA SIDA

˃  ABAKENYEZI B’IMBONEZA BARASHAKA CANE GUTEZA IMBERE I KOMINE YA BUGABIRA

˃ EPITACE: UMUGABO SI URUCUMU…  

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top