Jimbere

ikirundi French English
INDANGA

Epitace: umugabo si urucumu…

Epitace Nijimbere, imboneza mu rwaruka yatowe n’urunani rw’amashirahamwe y’urwaruka ruri ku kivi (REJA) ku bw’ibikorwa vyiwe vyiza akora vyigaragaza mu kibano c’i Bugabira. Ingoga n’ukutadebukirwa mu vyo akora niryo shimikiro ry’ibikorwa vyiwe.

Epitace afise imyaka 22, uyu muhungu arangije amashure yisumbuye, abona ibintu mu buryo butandukanye n’ubw’urundi runganwe rwiwe. Nimba urunganwe rwiwe rugendera kwa za mvugo zigira ngo uwize akira isuka, Epitace we si uko abibona. Gufata isuka akaja kurima kuri we nta co bimutwara. Mu gatwengo kavanze n’agahemo agira ati : « Mu vyukuri, bamwe mu bagenzi twakuranye barantwenga iyo bambonye ku mugoroba nitahiye ibirenge vyuzuyeko uburimiro n’uduhuzu tutakimenyekana kubera intuguta ».
Yongerako ati : « Nta co bintwaye, iciza nuko umwe wese acungana n’ubuzima bwiwe. Ivyo bavuga vyose ndavyima amatwi kuko ico nshaka gushikako ndakizi ».

Ivyo yaciyemwo

Iyo umuntu abaye umunyabwenge kuri bagenziwe, abamwegereye cane baramutamarira bakamushimagiza cane. Kuba Epitace abantu bamuzi neza kandi ari umunyengoga kuva mu buto bwiwe, bituma aguma aronka abamwizigira bakamushigikira mu bikorwa vyiwe. Akarorero n’aka sewabo yashoboye kumwihera akazu yoshiramwo ikirabo.

Epitace agira ati : « Jewe natanguje umutahe muto w’amafaranga y’amarundi 100.000. Buhorobuhoro abanshorera batinda baragwira. Ivyo nkora biriko bigenda neza cane kuko ndamaze kwigurira ibibuguru vy’ingurube bine navyo bikaba vyaranavyaye. Ubu mfise ibibuguru vyinshi ntonashobora kuragira kuburyo nahisemwo kubibitsa incuti n’abagenzi kugira nabo baze barironkera umwavu ».

Imboneza mu Kibano

Bamwe mu batoye ikibazo ca Reta kibaha uburenganzira bwo kuja muri Kaminuza bamara umwaka wose bayenzera. Inyuma y’imyaka 13 canke irenga wicaye ku ntebe y’ishuri, usanga uwo mwaka wo kurindira kuja kwiga muri kaminuza ari akaryo barose ko kwirirwa bitaragaje ku kazuba gusa. Iyo nzira Epitace we akaba yaramaze kuyizibira.

Kuri we ntavyo kuryamira canke ngoyirirwe mu mpari zitaja ntizize. Kuzindukira mu mirima no gutaha ashikira mu kirabo ciwe ni vyo aha agaciro gusa. Umwe mu babanyi biwe agira ati : « Ni akarorero keza urwaruka rwacu rukwiye kwigana, rutegerezwa kuguma i muhira kandi narwo rukarondera ivyo rukora nkuko na Epitace abikora. Nimba we akora akunguka, kubera iki abandi bo batobikora»?
Epitace azoshikanwa i Bujumbura n’ukwiga Kaminuza, agira ati : « Mu kurindira ko nja muri Kaminuza, nzoba ndagumye ku gatumba nikorera ivyanje kugira mbe ndarondera ibizomfasha kubaho ninashikayo ».

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top