Mu gihe abavyeyi bose bobera itara rimurikira abana babo mu vyo bakora, bakiyegereza urwaruka, bakaruyagira ivy’irondoka rijanye n’amagara meza, bano bana na bo, bakabakundira bakabigendera, inda z’indaro zotuzwa gose mu mashure, mu kibano eka mbere n’ubumenyi bukongerekana.
« Menya umenyeshe abandi, uhinduke maze uhindure n’abandi » : iryo ni ryo pfundo ryari ripfundikiyemwo ubutumwa bwashikirijwe n’abanyeshure bo kw’ishure ryitiriwe amahoro ryo ku Muyange, muri komine Nyanza-Lac, ku wa 25 Ruheshi 2020 babicishije mu dukino bakinye. Kuri ico kigo, hari hakoraniye abavyeyi n’urwaruka. Léonce Nibaruta wo muri AIDH Burundi, ikorana na Cordaid mu mugambi Menyumenyeshe mu ntara zo mubu manuko bw’Uburundi, akaba ariwe yararongoye ivyo bikorwa.
Intumbero nyamukuru yari yakoranije abana n’abavyeyi, kwari ukuganira ibijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza, hamwe n’ukurabira hamwe imvo ituma indero yo ku ziko itera itituka, urwaruka rugatwazanya inda z’indaro ku bwinshi, ukwubaha abavyeyi bikaba bitakirangwa mu rwaruka. Harabonetse akanya ko kubazanya ibibazo, abana babaza abavyeyi, bano baheza kwishura, na bo bakabaza gutyo gutyo.
Nubwo ubu ata kiyago kigwiriye hagati y’abavyeyi n’abana, carahahoze…
« Harabayeho igihe aho umuvyeyi yabona umwana wiwe w’umwigeme amabere atanguye gusonga, akamwegera, akamwihanikiririza ko ata muhungu akwiye kuyakorako kuko umubiri uca ushuha gutyo bakaryamana, ubukumi bwiwe akabusiga aho. Aho hambere hahise umwigeme agiye mu butinyanka, nyina canke inasenge akabimenya, yaramwihereranya akamusigurira ivyo bimushikiye eka akanamumenyesha ko ahirahiriye agahuza ibitsina n’umuhungu azoca asama inda itipfujwe gutyo abe atosekaje ubukumi bwiwe ». Amajambo yashikirijwe na Dorothée Niyokwizera, umwe mu bavyeyi bari bitavye ivyo biyago.
Ezechiel Ntiranyibagira, umwe mu bagize komite nshingwashure nawe ati : « Impanuro zashoboka kuko umwana yahamagarwa n’umyuvyeyi akitaba, yamwihereranya akagamburuka, nayo ubu umwana abona ko umenga nta jambo umuvyeyi afise yomuhanura, ahubwo nyabuna agashaka ko umuvyeyi ariwe atekereza akigishwa n’umwana. Aho hambere umwana yafata umuvyeyi wese ari mu rugero rwa se canke rwa nyina nk’umuvyeyi w’amaraso bwite. Umuvyeyi wese yaratoza indero umwana wese abonye ariko agira mw’ikosa kuko yamubona nk’umwana wiwe uno mwana na we akamubona nk’umuvyeyi. Ubu vyaratitutse, ntivyoroshe kubogora. »
« Nokura he umutima wo kwubaha mu gihe abodutoje indero ari bo badusaba ? »
Zouena, umwe mu bigeme biga kuri ico kigo ntahakana ko indero y’urwaruka yatitutse, ariko akibaza aho azokura umutima wo kwubaha abavyeyi bo mu kibano bari mu runganwe rw’abiwe b’amaraso mu gihe abo bavyeyi bacubahuka kumusaba ngo bahuze ibitsina kandi ari bo bomubereye abahanuzi beza. « Hari abavyeyi baba bakibona utubere tw’umukobwa kanaka dututuje aho kumuha impanuro bakagwana no kuja kudukoramwo. Na bo nyene bakwiye kwikebuka ».
Cédric, umunyeshure bigana, asa n’uwumwunganira, ati: « Bamwe ntibitworohera guhanuza abavyeyi bacu kuko usanga turiko tugwanira ku mukobwa umwe mu gihe bobo baba basanzwe bafise n’abagore b’amasezerano ariko bakayarengako. Harya umuntu atanga ico afise. »
Hejuru y’ivyo vyose rero, Léonce Nibaruta akaba yasozereye ashima ikiyago, ariko kandi akavunira urugohe urwaruka, aho yabibukije ko borengera vyose bagahanga amaso kazoza kabo, kuko ari bo bo kugafutanya canke kugategura neza. Akaba yasavye n’abavyeyi, kuba hafi abana babo, bakabugurukira mu biyago, kandi bakagerageza kubabera akarorero keza mu ngeso zabo. Inama yaheze impande zoze zumvikanye gusenyera ku mugozi umwe.
Ivyo bikorwa vyateguwe mu ntumbero y’umugambi Menyumenyeshe, ufashwe mu mungongo n’ubuserukizi bw’ingoma y’Ubuhorande mu Burundi. Ukaba ushirwa mu ngiro n’urunani rw’amashirahamwe : Cordaid,Care International,UNFPA na Rutgers. Mu Burundi,Cordaid ikaba irangurira uwo mugambi mu ntara 8 arizo : Karusi, Cankuzo, Mwaro, Muramvya, Rutana, Bururi, Makamba na Rumonge.




