Umuziki usigaye ari bumwe mu buryo urwaruka rukoresha mu kwigisha, guhanura no guhimiriza abantu bo mu kibano inyifato ibereye ku bijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza. Vyagaragaye kuri uwu wa 29 myandagaro aho umuririmvyi Vichou Love yarikumwe mu Cibitoke n’urwaruka rufise impano yo kuririmba ruhurikiye mu mugambi « Menyumenyeshe » wa Care International Burundi, ufadikanije na Cordaid na UNFPA.
Si ibintu bimenyerewe cane kubona urwaruka 62 ruva mu ntara 11 zitandukanye inkumi n’imisore bakoranira hamwe mu ntumbero yo guhanurana no kwigishanya irondoka rijanye n’amagara meza biciye mu mpano basanganywe y’umuziki. Dr Nintunze Jacqueline arongoye umugambi « Menyumenyeshe » muri Care International Burundi avuga ko izo nyigisho abantu bahora bazironka biciye mu gusoma ibitabo, ibinyamakuru, kwitabira inama canke ibiganiro n’inyigisho biba vyatunganijwe. Ariko naho bamwe babigenza ukwo, si igice kinini c’abantu bashobora kwungukira kuri ubwo buryo. Umugambi « Menyumenyeshe » rero usanzwe wigisha urwaruka ibijanye n’ubuzima ndoragitsina bubereye. Ni ukuvuga uburyo rwogenzura umubiri warwo, rukirinda kurwa mu kosho k’urunganwe kotuma bashira ubuzima bwarwo mukaga. Umuziki rero ukaba ari bumwe mu buryo bwaciye bucagurwa kugira ucishwemwo inyigisho zihanura kandi zubaka igihugu.

Ni ubutumwa bumeze gute urwaruka rucisha mu ndirimbo zarwo?
Niyomukiza Nicaise ni umwe mu rwaruka ruririmba, akaba aba mu ntara ya Bururi. Uwu rero avuga ko ubutumwa bakwiragiza biciye mu ndirimbo buva mu nyigisho baba bahawe muri Menyumenyeshe. Zimwe muri zo ahanini ngo zishingiye ku nyifato n’indero runtu rutegerezwa kugira iyo hageze ko rwifatira ingingo ku bijanye n’igitsina. Aho rero harimwo guhanurira abandi kwirinda ukwubakana batarakwiza imyaka, inda zitipfuzwa, indwara zandukira biciye mu mibonano mpuzabitsina, ukudakorora inda. Eka ruranahimiriza kwijukira kugiriranira ibiyago n’abavyeyi, kwitabira amavuriro umugenzi w’urwaruka, kuja hamwe n’abandi mu mashirahamwe n’amakoperative mu ntumbero yo gukora ibikorwa vyo kwiteza imbere, hamwe n’ibindi vyinshi.
Ivyo urwaruka rwungukiye ku mugambi menyumenyeshe
Abarundi barayamaze bati: « Akuzuye ntikamurikwa ». Nishimwe Trésor w’i Muramvya nawe ati: « Ntibikenewe ko nihaya, uteze amatwi indirimbo zanje uca wumva ico nungukiye muri Menyumenyeshe ». Nishimwe rero, ngo yatanguye kwiyumvamwo impano yo kuririmba afise imyaka 14, ariko ngo ntiyabona n’iyo bita umutwe. N’indirimbo yaririmba ngo nta butumwa bwarimwo, ivyo bikaba vyatuma abavyeyi n’ababanyi bamubona nabi kuko bibaza ko ari ikirara. Ariko ngo kuva aho agiriye mu mugambi menyumenyeshe akigishwa ingene bakoresha impano neza, ariruhutsa. Agira ati: «Ingabirano yanje narayironkeye intumbero. Ubu sinkiririmba indirimbo zidafise ico zisigura. Ntanga ubutumwa bufise akanovera buhanura bose abato n’abakuze, kandi ubu no muhira basigaye bankunda kuko naciye niga kubaho njanisha n’impanuro ntanga mu ndirimbo kugira ndabe ko noba akarorero keza ko kwigirako mu kibano ».
Erega burya ngo si abahungu gusa bungutse, n’abakobwa ngo ni uko. Ndayizeye Frediane wo mu Ruyigi ngo ubwa mbere ntiyari azi ko afise impano yo kwigisha biciye mu gahogo. Agira ati: « Jewe nize kuririmba nkimara kwumva muri jewe ko inyigisho narose zifatiye ku buzima ndoragitsina zindudubizamwo. Ntangura kwumva ko novyigisha abandi. Ni kwo guca nja hamwe n’abandi dutangura gushira ivyo twize mu muziki no mu dukino. None ubu, ndabona ko bishobora kuba yo nzira yanje yo kwerekana ivyo nshoboye ».

Nk’uko ata mukuru abura mukuru we, Vichou Love aravunira akagohe urwo rwaruka, akarumenyesha ko nimba rushaka gushika kw’ihangiro ryarwo, bibereye ko rugendera impanuro ruhabwa n’abarukurira. Agira ati: « Mwirinde akosho n’uruhendo rw’abashaka kubatesha umurongo, shire imbere gusenga, indero kuri bose n’umutima wogukora. Hama mu muziki mwame mwibuka gucanga umudiho w’ubu n’amajambo y’akanovera ya kera, ni ho muzokora ku mitima y’abantu bose, abato n’abakuze ».




