Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

Ni ryari umuvyeyi yandikirwa kuvyara akorewe «Césarienne»?

« Césarienne » canke « gukorwa », ni uburyo bwo kuvyara, umuganga arinze kwugurura inda y’umuvyeyi, akabaga igitereko agakuramwo umwana hama akongera kucugara. Mu mwaka wa 2018, raporo y’ivyatorokanijwe mu mavuriro yerekana ko muri uwo mwaka abavyeyi bose hamwe bibarutse bakozwe bangana na 31 938 harimwo n’abavyeyi 387 bakuwemwo igitereko.

Si vyiza ko umuntu ashobora kuvyara neza yisabira Césarienne kubera gutinya ibise. Augustin harushimana yanonosoye ivyerekeye irondoka rijanye n’amagara meza akaba anarongoye ishirahamwe M.A.A Vyara Uheke avuga ko umuvyeyi bamukurikirana kuva agisama gushika yibaruke. Mu gihe rero azibaruka neza canke akozwe ngo barabibona hakiri kare hama bakamurungika aho azokorerwa. Uyo muganga rero akavuga ko umuvyeyi ashobora gukorwa nk’iyo imbanyi yibugenze irimwo amahasa, abo bana bakaba ari banini cane, canke umwe yicaye mu gitereko uwundi acuritse ibipimo (échographie) bikavyerekana. N’iyo umwana ari mu nda ari mu nini arenza ibiro 3,5 umuvyeyi arakorwa co kimwe n’igihe umuvyeyi agendana umugera wa Sida, uwo mugera ukaba ukiri hejuru babona ko umwana yokwandura mu kuvuka.

N’iyo umukenyezi ku ncuro ya mbere avyaye akozwe, hanyuma agaca asama hatarahera umwaka n’igice (amezi 18) ni itegeko ko n’iyo nda nyene yibungenze mu kuvuka arinda gukorwa. Ni co gituma umuntu bamukoze ahanurwa guca aja kuburyo kugira azosubire gusama haheze nk’imyaka 2. Umuntu amaze gukorwa 2, ni itegeko ko inda zose zikurikira azivyara akozwe. Kandi sivyiza ko igitereko gikorwa incuro zirenga 4. Mu gihe na ho igitereko ciyuguruye ariko nticiyugurure cose canke umwana yarushe akaguma yiryamiye mu gitereko adashaka gusohoka eka mbere n’igihe umuvyeyi aguma ava amaraso kandi ari ku bise naho nyene umuganga arashobora kwandikira umuvyeyi gukorwa. No mu gihe umuvyeyi afise ivumbuka ry’umurindi w’amaraso mu gice ca 3 c’imbanyi hama agahabwa imiti ntikore, ikiba gisigaye ni ugukurwamwo umwana. Umuvyeyi arakorwa kandi mu gihe igitereko catabutse ari ku bise canke iyo umugore afise inzira icamwo umwana ntoya, yegeranye kandi itaguka, nk’uko bivugwa na Harushimana.

Ingaruka zishobora kwibonekeza inyuma yo gukorwa

Mu gihe bivugwa ko hari abavyeyi b’abanebwe canke batinya ibise, bahitamwo kwisabira kuvyara bakozwe, Augustin Harushimana avuga ko iyo umuvyeyi bitakunze ko avyara neza akavyara arinze gukorwa hashobora kwibonekeza ingaruka mbi. Zimwe muri zo ni nko kuza arasohora imicafu myinshi biciye mu bihimba vy’umwanda muto. Kandi hagati y’iminsi itatu n’itanu umuvyeyi yarakozwe araribwa mu gitereko hama agatangura gusohora imicafu myinshi inuka. Ikindi cemezwa n’uwo muganga n’uko umuntu wese yavyaye arinze gukorwa, hama hariho ingeramizi z’uko azotabuka igitereko ku mbanyi ikurikira.

Rero nk’uko bimenyeshwa na Harushimana, mwomenya ko iyo umukenyezi avyaye arinze gukorwa, ariko ingorane zitavuye ku muvyeyi mugabo zavuye ku mwana kandi rikaba ryari ikorwa ryiwe rya mbere, hama umuvyeyi agaca arenza imyaka 2 atarasubira gusama, arashobora kuronka akaryo ko kuvyara neza imbanyi zikurikira. Na yo mu gihe ugukorwa bitavuye ku mwana ariko vyavuye ku muvyeyi nko mu gihe aba afise ikiyugunguyungu kigizwe n’amagufa adashobora kureka umwana ngo arengane, kenshi baguma bamukora no ku mbanyi zikurikira.

Sabikanya kuri
1 Comment

1 Comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top