Inyuma y’iminsi mike ihaciye huguruwe ingoro y’umukuru w’igihugu iri mu Gasenyi mu gisagara ca Bujumbura, abantu bandira utuntu kw’ibarabara (RN1) basabwa n’umukuru w’igisagara kuba baritegurira kuhava kugira ibarabara rigume rihita neza. Ivyo na vyo bikaba bitakiriwe neza n’abahisumamwo.
Uciye kw’ibararabara ryiswe RN1, uva kuri Gare du Nord, uhasanga uruja n’uruza rw’abantu bashakisha icorirenza. Uri amakinga, amapikipiki, amabisi, abanze utuntu kw’ibarabara, abandaza eka ntiworaba. Ariko n’ubwo biri uko bamwebamwe mu baharangurira imirimo, imitima ntiri mu nda kuko umwanya n’umwanya bavuga ko bashobora kuhimurwa bakarondera ahandi baja gukorera. Ni inyuma yaho umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy Mbonimpa aganiririye n’abasanzwe bahafise ivyo bahakorera.
Manirumva Juvénal yari mu nama yabahuje n’umukuru w’igisagara. Uwu avuga ko bitagiye kuborohera kuko ngo iryo barabara rigiye kwubahirizwa risigarizwe imetero zisabwa n’amategeko, hamwe ata bantu barivogera ngo barikorereko utuntu n’utundi. Si ivyo gusa ngo n’amabutike yose ahari bisabwa ko ibidandazwa vyose vyocururizwa indani ata vyo kubirunda hanze. Uwu rero agaterwa amakenga n’uko uruja n’uruza rw’abantu rwahora ruzanwa n’abahatereka utuntu, nirwagabanuka bazohava babura abaguzi, gutyo batinde biyomore.
Na yo kubijanye n’abo yoba yarumvise bashobora kuhava mu maguru masha, agira ati: «Nimba natahuye neza, bashaka gukura mu nzira barya bantu bamaze kurengera ibarabara canecane turya tumeza turi impande n’impande z’ibarabara RN1, ariko kandi bavuze ko bashizeho umugwi uzokwiga ingene iryo barabara borikubura, mugabo atari ukwirukana bose, ahubwo abatari mu mategeko canke bari mu bibanza birenze. Naho bimeze uko, ngo inkuru itomoye izova mu vyo umugwi washizweho uzoshikiriza».
Iryo gabisha ryakiriwe gute?
« Aha ubu ndahari nta hari. Ndara nti buca niyumvira aho nshobora kwungururiza. Iri barabara ryari rintungiye umuryango kuko ni ho naza kwanda amapasiteke n’utuyoba abahita bagenda baragura. None ngo dutegerezwa kuhava kugira ubwinshi bw’abantu n’ibintu bugabanuke. Vyanguye nabi, ariko nta co ndi buhindure kuvyamaze kwiyumvirwa n’abakuru», nkuko vyiganwa na Eliane umwe mu bahadandariza.
Na yo Claude we, ngo n’ubu ntaratomokerwa neza ko vyoba ari ukuri. Aracizeye ko ibintu bizoguma uko vyari bimeze. Ngo atari ukwo abatari bake bazokwangara batagira iyo bata umutwe. Akagira ati: «Jewe aha nsanzwe ndahatereka ibirato, kandi hari hamfashe neza. Abantu baca muri iri barabara bahita baragura ivyo baduga baduganye ni benshi, bigatuma natwe dushikirwa. Rero nimba, ikibazo ari ugutaramuka umukuru w’igihugu agire arengane, nta co vyodutwaye twohava tukinjira mu mazu nk’uko vyari bisanzwe bikorwa akarengana, hama tukagaruka tukabandanya ibikorwa ».
Candide Kazatsa ajejwe kumenyesha amakuru muri Mairie ya Bujumbura ati : « Ni mutenyenye , umuco muzowuronka, kuko hariho umugwi ubikurikirana, uzoshikiriza uko bigiye kugenda». Ubwo uwo mugwi uzohava ubareka babandanye kwicira akanoti ko kw’ibarabara nkuko Claude abisaba?




