Jimbere

ikirundi French English
INYUBAKO

Ubu, ikivuko ca Bujumbura gishobora kwakira kontineri 400 ku ndwi

Umukuru w’igihugu c’Uburundi aheruka kwugurura icese ikivuko ca Bujumbura casubiwemwo ku buryo bwatanzwe nk’ingabire y’abanyagihugu bo mu Buyapani burenga imiriyaridi 3 z’amafaranga y’amayapani, ni ukuvuga yababa imiroyoni 31 z’amadorari y’abanyamerika.

Ku bw’ubwo buryo, umuhora uva mu Buyenzi wisuka mu kiyaga Tanganyika ku mwega w’ikivuko warahinduriwe inzira haca hubakwa aho amakontineri y’ibidandazwa ashikira n’ikibanza kigezweho gishikiramwo amato hamwe n’ibikorwa vyo kwagura ikivuko.

Godeliève Nininahazwe, Directeur Général de l’Autorité Maritime et Portuaire du Burundi.

Ku bwa Godeliève Nininahazwe, umuyobozi mukuru w’urwego rujejwe uruja n’uruza mu kiyaga Tanganyika n’ibivuko, ngo uwo mugambi watumye ikivuko ca Bujumbura kigira ikibanza gishasha gifasha mu kwakira canecane amato atwara amakontineri y’ibidandazwa. Amenyesha ko iyo nyubakwa nshasha ishobora kwakira amakontineri 400 y’ibidandazwa bifise uburemere bungana n’amatoni 29 imwimwe.

Ni akanyamuneza rero ku bazana ibidandazwa vyabo kuko bagiye kuza barakoresha umwanya muto kandi bikabatwara n’uburyo buke bw’amafaranga.

Bazokwunguka n’umwanya

Hisunzwe ivyigwa vyakozwe n’ikigo Nathan, ukwunguruza ibintu mu makontineri atwara amatoni 29, abikuye i Dar-Es-Salaam azananye ibarabara ry’indarayi gushika i Kigoma hanyuma kuva i Kigoma gushika i Bujumbura biciye mu kiyaga Tanganyika ntivyorenza 2.403USD.
Ariko biciye mu mabarabara yo ku misozi, gushikana ayo makontineri i Bujumbura bitwara uburyo bwinshi kuko bwoshika 8.441 USD avuye i Mombasa, na 6.961 USD ayo makontineri avuye i Dar-Es-Salaam.

Hashasha basanurira amato…

Ariko rero, abakorera mur’ico gisata co kuzana ibidandazwa bavuga ko bagiye kwunguka umwanya bahora bata mu bijanye n’ibikorwa vyo kuriha amakori n’amatagisi hamwe n’amasuzumwa y’ivyo baba batwaye vyahora bibera ku mabariyeri ari ku mipaka. Rero, bivuye kw’iyugururwa ry’ico kivuko, akarusho ni uko ivyo vyose bizohora bibera gusa ku kivuko imiduga ihagurukiyeko n’ico ishikirako.

Nininahazwe amenyesha ko kwunguruza ibidandazwa biranguwe mu bindi bihigu, biciye mu mabarabara y’indarayi bikabandanya mu kiyaga Tanganyika bizotera imbere: « Ikivuko ca Bujumbura ubu citunganije neza, mbere gifise abahinga n’ibikoresho vyo gushobora gusanura ubwato bwoshobora kugira ikibazo. »

Imbere yuko uwo mugambi ushirwa mu ngiro, iyo ubwato bwo mu Burundi bugize ikibazo bwarinda kujanwa i Kigoma muri Tanzaniya canke i Kalemie muri RDC kugira busanurwe. « Rimwe na rimwe ubwato bwo mu Burundi bwarashobora kumara n’imyaka ibiri butarasanurwa », nk’uko bisigurwa na Nininahazwe.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top