Jimbere

ikirundi French English
GUPAGASA

Gutembereza ibicuruzwa mbumbarugo umuhana ku wundi, uburyo bugezweho bwo guca akanoti?

N’ubwo abadandaza ibifungurwa mbumbarugo co kimwe n’ivyamwa basigaye babitembereza ku bwinshi umuhana ku wundi, ngo ni ukubura uko bagira kuko ngo ari uburyo bwo guhigisha udufaranga kugira basimbire muhira guhembura abana n’aho nyene kuturonka bitama vyoroshe.

Muri iki gihe ubuzima busa nk’ubugoye. Ifaranga kuribona inomero bisaba kubira akuya bigakomera, kanatsinda uwushaka umubira abira akuya. Abakurambere ni bo bayamaze bati: “Ikiri kure kirya abari n’amaguru”. Barasubira ngo “ntarataze aruta mbundarare”. Ni koko uwarivuze aryumeko.

Kabirori Claudine ni umukenyezi w’imyaka 38, afise abana 5. Avuka mu ntara ya Kayanza, ariko ubu akaba aba ku Mugoboka wa kabiri, umwe mu misozi ihanamiye igisagara ca Bujumbura. Yarajijutse! Kuzera inze yabikavye no gutembereza ibiribwa mbumbarugo mu mihana y’abifise bo mugisagara. Mu buzima bwiwe, agatiro ngo ntacibuka ico arico.
Isaha cumi n’imwe z’igitondo, Kabirori aba akubise ikibondo mu mugongo, akiremeka ikivumvu c’imyumbati. Akira kurenga umutaru, aca atangura gutereza mw’ijwi agira ati:
«Ya myumbati, ya myumbati, ya myubati… »
Nabo abari hakurya no ha kuno mu mpangu badaheruka umwumbati bagashwabaduka bayigwamwo canke naho bakamuraba nk’umusazi.

Mu vyukuri ayo majambo yarahevye acika nk’ururirimbo kuko atakanya yomara atariko arayavuga akangurira abantu kumugurira.

Bitunganya gute ?

Kabirori na bagenziwe bose batembereza ibicuruzwa vy’ubwoko butandukanye. Igihe c’isaha cumi na zibiri n’inusu baba bageze ku gasoko ko mu Nyakabiga kari munsi y’ikigo ca Kaminuza yo ku Mutanga. Babanza gutororokana, hanyuma bakagabura inzira bacamwo n’ingene bagenda barabisanya abafise ibicuruzwa bimwe bakirinda kujana inzira imwe. Bagenda mu tugwi tugwi basemerera bavuga ivyo bikoreye.

Ni ya ndya irya uwurambije uwarambiwe yatashe. Kabirori yahagurutse mu Nyakabiga isaha imwe, agenda arahamagara inzira yose, ageze aho bakunda kumushorera akadodora ku rugi bakaza kuraba. Hari aho aca bakamuzomera ngo nareke kubakangurira abana, canecane abakozi bo mu nzu.
Hari abamutumako bakaraba ariko ntibagure, nk’uko hari n’abamusaba ngo abahonje bumve ko iryoshe ata n’umugambi wo kugura bafise, bagahonja bagaheza bakigira. Arazunguruka Nyakabiga akayimara akinjira no mu Bwiza, hagera isaha zitanu z’umusase, agasubira ku kirindiro co mu Nyakabiga kuruhuka.

Aho aruhukira niho aca arangura utundi twumbati duke tw’abarambiwe kuzunguruka bashaka kwitahira, akatwongereza ku yo yasigaje agaca aba arayiteramiyeko mu kurindira ko isaha icenda zigera ngo asubire kugorobeza.
Kabirori ngo vyagenze neza araronka nka 5.000 Fbu ku munsi vy’inyungu. Ariko kandi ngo hari n’aho abura gose agataha atawumubajije n’ivyo yikoreye ivy’ari vyo. Aho rero umubonye womwibwira kuko usanga yapfunze isura, iminwa yakabiranye, atagomba n’uwumuvugisha kiretse umukiriya aba azeyeko urukiza.

Ntakangwa n’inzara nubwo aba arushe, habe na gato! Agira Ati: « Hari abavuga ngo sasita niyo masaha yogufungurirako. Ivyo babisoma he? Ivyo ni vy’abavutse neza bakavukira mu vyuzuye ». Yongerako ati: « Jewe iyo nabuze abangurira, mpekenya mu vyo mba ndandaje nkashozako amazi. Ariko iyo naronse ndafungura duke twa majana atandatu ». Ariko ngo naho we yemera agatubika umukanda, abana biwe bose arabasigira utwo bateka bagafungura mu kurindira ko ahingukira ku muhana.

Boba ari ho bunguka gusumba kuja mw’isoko?

Ihibambewe! Mukeshimana asanzwe aba mu Rweza. Uwu we atembereza ibijumbu mu bice vyo mu Kanyari no mu Gatoke. Agira ati: «Si ukuvuga ko ariho twunguka cane gusumba mw’isoko, ahubwo kuba guhigisha kugira turabe ko tworonka nk’uwoca atudukurako ningonga kugira dusubire muhira kuvuna inzara abana kugira birirwe bafunguye». Yongerako ati: «Kira noneho mw’isoko hajayo abafise ivyo batwara, jewe mba nifitiye ikivumvu kimwe naho nyene kituzuye, nojayo? Ndagitembereza mw’ibarabara sindinda kukijana mw’isoko kwiha amenyo y’abatwenzi ngo nashoye za majumbu».

Wewe aho uherereye ubibona gute ivy’ugutembereza ibifungurwa mbubarugo mu mihana? Hoba hari ico uvyibazako?

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top