Jimbere

ikirundi French English
Itororokanirizo ry'ivyatohojwe

Amakuru yo mu karere ka EAC: iduga ry’ibiciro vy’ibitoro, imishamirano mu buseruko bwa Kongo, inagurwa ry’ubutunzi bwa Kenya…

Repubika iharanira Demokarasi ya Kongo yarinjiye mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko

Muri rino yinga turangije,  inkuru yavuzwe cane mu karere ka Afrika y’Ubuseruko ijanye n’iyinjira mu muryango w’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko bw’Igihugu ca Republika Iharanira Demokarasi ya Kongo. Umukono wo kwinjira ukaba waterewe i Nairobi kuwa 08 Ndamukiza 2020. Igihugu ca RDC kikaba ari kimwe mu bihugu bifise ubutunzi bw’ubutare n’agataka bwinshi kandi buhambaye kw’isi. President Felix Tschisekedi akaba yasavye abakuru b’ibihugu bari muri ivyo birori vyabereye i Nairobi ko kimwe muvyo kwihutirwa kwoba ugushiraho urwego rugenzura ivyo kwimba ubutare mu karere ka EAC. Kwinjira kwa RDC muri EAC bikaba bitumye uwo muryango Ukwinjira muri uwo muryango wiyongera ubwaguke bungana ibirometero bishika 4.000.000 kwadarato, ukazoba ufise isoko ry’abaguzi barenga imiriyoni 280. Ku bijanye n’akunguko ko kwinjira kw’ico gihugu mu muryango wa EAC tubisanga kuri Jeune Afrique.

Samia Suluhu ati: ‘’Ivyashara vyose bizoduga ibeyi’’

Umukuru w’igihugu ca Tanzania Samia Suluhu atumurira abashikiranganji kubwiza ukuri abanyagihugu ku bijanye n’iduga ry’ibiciro. Agira ati: « Bashingamateka, bashikiranganji, ubahuke mubwize ukuri abanyagihugu, ibiciro vyose bigiye kuduga. » Ivyo umukuru w’ico gihugu akaba yabivuze inyuma y’ukwo hari imyidogo myinshi y’abanyagihugu bavuga ko ibiciro vyimonogoje mu kuduga na canecane igitoro. Samia akagira ati: « Dutahure ko ikiza Covid19 catumye urudandazwa rutirigana mw’isi. Ubu rero isi ikaba yariko iragerageza gusubiza ibintu ku murongo, haca hisukamwo intambara yo muri Ukraine. » Tubisoma mu kinyamakuru Mwanainchi.

Kenya mu rugamba rwo kunagura ubutunzi

Imiriyoni 26 z’amafaranga y’amanyaburaya nizo zigiye gukoreshwa mu gihugu ca Kenya mu ntumbero yo kunagura ubutunzi bwasinzikajwe n’ikiza ca Covid19. Mu gihe yari yagiye gusigura integuro y’itegeko rigenga amafaranga azokoreshwa mu mwaka w’ubutunzi wa 2022-2023, Umushikiranganji w’ikigega ca Reta Ukur Yatan amenyesha ko bizosaba uburyo budasanzwe kugira Kenya ishobore gusubira k’umurindi nk’uwo yariko imbere y’ukwo akaranda ka Covid19. Bikaba bitegekanijwe ko ubwo buryo buzotuma ubutunzi bwa Kenya bwiyongera ku murindi wa 6% nk’ukwo tubisoma mu kinyamakuru The Citizen.

Igisasu caturitse muri Goma mu buseruko bwa Kongo gihitana abantu 6

Igisasu caturitse ku wa kane muri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo (RDC), mu kabare kari mu nkikuro y’ikambi ya gisirikare mu gisagara ca Goma cahitanye abantu 6. Mu bahitanywe n’ico gisasu hakaba harimwo abagore 3 n’umwana umwe. Icatumye ico gisasu giturika n’ubwoko bwaco bikaba bitaramenyekana. Soma vyose kuri TV5 Monde.

Tukiri muri Kongo, Imishamirano hagati ya M23 n’igisirikare ca Reta ntivyorosha muri Nord-Kivu

Muri Kongo nyene, mu ntara y’uburaruko bwa Kivu (Nord-Kivu), imishamirano hagati y’abaroberi ba M23 n’igisirikare ca Kongo yatumye abatari bake bata izabo bahungira muri Uganda. Abashika 10.000 akaba aribo bamaze guhunga. Umugwi wa M23 wari wahagaritse urugamba mu 2013 ariko ukaba wasubiriye gufata ibigwanisho kubera ko Reta ya Kongo ngo yoba itubahirije ivyo yari yiyemeje urugamba rugihera bijanye n’ugusubiza mu buzima busanzwe abagwanyi. Tubisanga kuri MSN Actualités.

Uganda n’Urwanda birabandanya urugendo rwo kunagura imigenderanire yavyo

Inyuma y’imyaka 3, ibihugu vya Uganda n’Urwanda bidacana uwaka, Abakuru b’ivyo bihugu barahuye mu gisagara ca Nairobi maze baragirana umubonano. Aho ni mu gihe hari haramutse haba ibirori vyo kwinjiza icese igihugu ca Republika iharanira Demokarasi ya Kongo mu muryango w’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko EAC. N’ubwo ivyo baganiriye bitashizwe ahabona, ni ikimenyetso c’ukwo ivyo bihugu 2 bigomba gukemura ibibazo vy’imigenderanire itari myiza vyari bifitaniye. Mukibukako umuhungu wa Prezida Museveni Lt General Muhoozi Kainerugaba amaze kugendera igihugu c’Urwanda incuro 2 kuva umwaka wa 2022 utanguye aho yaragiye afise ubutumwa bwa Se wiwe ku bijanye no gusubiza hamwe kw’ivyo bihugu 2. Irya nyuma abo bategetsi bahuye akaba ari mu mwaka wa 2020 mu kwezi kwa Ruhuhuma. Tubikesha ikinyamakuru Chimp Reports.

Amakuru yatorokanijwe na Guillaume Muhoza

Ukwo iyinga rirangiye, ikinyamakuru Jimbere Magazine kigiye kuzohora kibashikiriza amakuru yaranze akarere ka Afrika y’Ubuseruko. Ano makuru atororokanywa n’Uruganda rwa Jimbere rufashwe mu mugongo n’ishirahamwe La Benevolencia Grands Lacs rishigikiwe n’Ingoma y’Ubuholande hamwe n’ishirahamwe ry’ugufashanya mw’iterambere ry’abaswisi(Coopération Suisse)

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top