Muri RDC havugwa Pierre Kas umwungere w’ishengero afise imyaka 68, yapfunzwe azira kwubakana n’umwigeme w’imyaka 18. Ivyo vyabaye inyuma yaho hagaragaye ku mbuga hwaniro, amasanamu y’ubugeni bwabo. Nk’uko yabishikirije ku mboneshakure zo muri RDC, uyo mwungere asanzwe ahamagarira abakirisu kurongora abagore benshi avuga ko uyo mugore wiwe mushasha yamuhawe nk’agashimwe na se wiwe amuvyara .Nkuko vyanditswe na BBC, sebukwe mu kumuha uyo mukobwa yagize ati: »Akira uyu mukobwa nakurereye ». Uyo mwungere rero, bivugwa ko yarafise abandi bagore 11 n’abana bagera kuri 25. Ikindi co kumenya n’uko uyo mu vugabutumwa yemeje k’uyo mugeni mushasha ataramuzi. Uyo Pierre Kas kandi ngo ntiyigera yubakana n’abagore b’abandi ahubwo we yirabira abigeme bakiri isugi. Se w’uyo mukobwa nawe nyene yaciye afatwa n’abajejwe umutekano baho muri RDC. Uwaserukiye igisata co gukingira ubuzima bwa kiremwamuntu we avuga ko ifatwa ry’abo bagabo 2 rizoba akarorero ku bantu bose bakora ibikorwa nk’ivyo.
Mu Rwanda, ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo kurondera uburyo n’imitahe y’iterambere mu Rwanda buvuga ko amafaranga Abanyarwanda bari mu mahanga baterereye mw’iterambere ryo muri ico gihugu yiyongereye ku buryo bushimishije. Mu myaka 10 gusa (kuva mu 2013 gushika mu 2023), ubwo buryo bwavuye ku miriyoni 65 buja kuri 470 z’amadorare y’abanyamerika. Jeanine Munyeshuli, Umushikiranganji ajejwe kurondera uburyo n’imitahe y’iterambere atera akamo aba Diaspora bose ko bobandanya baterera mw’iterambere ry’ico gihugu cabo mu kugura amatongo canke mu kuyashira mu mashirahamwe biba vyagenzuwe n’ikigo kijejwe gutegekanya kazoza mu Rwanda canke amashirahamwe yigenga ari muri ico gihugu, aho hari mu ndwi turangije. Ido n’ido ry’iyo nkuru tuyisanga kuri New Times Rwanda.
Muri Kenya, harabaye imyiyerekano yo kwiyamiriza ubwicanyi n’ihohoterwa rimaze iminsi rikorerwa abakenyezi bo mur’ico gihugu. BBC yanditse iyo nkuru, ishikiriza ko abari bitavye iyo myiyerekano yabaye mu turere dutandukanye twa Kenya, bari bafise ivyapa biriko amazina y’abigeme canke abagore bagandaguwe n’ibindi vyandiko bihamagarira ihagarikwa n’ihanwa ry’ivyaha nk’ivyo. Iyo myiyerekano yabaye inyuma y’aho umwigeme Rita Waeni agandaguwe atemaguwe, ibihimba vyiwe bigatorwa mu kamwanya (isashe). Mu cegeranyo cakozwe n’ishirahamwe mpuzamakungu Amnesty International, rirerekana ko hagati ya 2016 na 2023 abagore canke abigeme bashika 500 bishwe muri izo mvo zo guturubikwa akenshi bikaba vyakorwa n’abo bakundanye canke abo bizinanye. Amashirahamwe aharanira agateka k’abagore muri ico gihugu asaba ko reta yotangaza ko igandagurwa ry’abagore n’abigeme biri mu bihanze ico gihugu.
Muri Tanzania, igisata co gutumatumanako amakuru, ubuhinga bwa none n’ubutunzi kirajwe ishinga n’abakoresha amayeri mu kwiba amafaranga bakoresheje ama karata simu. Ikigo kijejwe kugenzura no gutunganya ugutumatumanako amakuru co muri Tanzania TCRA camenyesheje ko ubusuma bugera kuri 21 788 ari bwo bwigaragaje mu mezi 3 arangiza umwaka wa 2023. Ubwo busuma bwariyongereye ugereranije no mu mwaka wa 2022 muri ayo mezi nyene, kuko hari habonetse ubusuma bugera kuri 12 603. Uwurongoye ikigo ca TCRA Dr Jabir Bakari we yashikirije ko ayo mayeri bariko barayakemura mu kuza barugara ama karata simu akoreshwa mu buryo butanditswe canke budasuzumwe (Non verified). Ikarata Simu zigera kuri 30 309 zarugawe kuva muri Gitugutu 2023 gushika muri Kigarama 2023. Naho biri uko, ikinyamakuru The Citizen catanze iyo nkuru kimenyesha ko impinga ikiri ndende narirya ama karata simu ariko arakoreshwa mu gihugu ca Tanzania ari menshi kuruta abanyagihugu bari muri ico gihugu.
Muri Sudani y’epfo, Salva Kiir Umukuru w’igihugu caho yasavye Ubushikiranganji bw’ubutunzi burikumwe n’ubw’akazi ka reta ko bwotegura ubuhinga buhanitse bwo kuza barahemba abakozi ba Reta bose hatarinze kwibonekeza ubunenge bw’abantu bahemberwa ku mazina y’abantu batabaho. Salva Kirr yaciye ategeka ubwo bushikiranganji ko mu guhemba boza barasuzuma neza ko abaronse agashahara bahawe igipapuro cemeza ko bahembwe (Fiche de paie) kandi ko vyobanguka kugira abahembwa ku mazina y’abandi canke abantu batabaho bafutwe mu maguru masha. Nkuko vyanditswe n’ikinyamakur Eye Radio Uyo mukuru w’igihugu yahaye uburenganzira ubushikiranganji bw’ubutunzi bwo gushiraho urwego rurabira hafi ikibazo c’abaheraniwe na Reta ko imyidondoro yabo ari iy’ukuri kugira batunganirizwe.
Muri Somalia haranzwe n’urugendo Umukuru w’igihugu Hassan Sheikh yagiriye mu gihugu ca Qatar mu ntumbero yo gutsimbataza imigenderanire n’ico gihugu co ku mugabane wa Azia (Asia). Muri urwo rugendo akaba yarabonanye n’uwurongoye ico gihugu ca Qatar Tamim Al Thani. Ariko icavuzwe cane muri urwo rugendo n’umubonano yahaye Mohamed Abdullahi Farmajo, uwo yasubiriye mu mabanga yo kuyobora igihugu ca Somalia aho baganiriye vyinshi harimwo ikijanye n’umutekano muke urangwa muri Somalia, na cane cane ko hasubiye kwongerekana ibitero bigizwe n’imigwi y’iterabwoba nka AL Shabab n’iyindi migwi nka SNA. Ibindi Hassan Sheikh na Abdullahi Farmajo baganiriyeko ni ibijanye n’ifutwa ry’ibihano vyatuma Reta y’ico gihugu ca Somalia itagura ibigwanisho n’ibindi bijanye no kworoherezwa mu gusaba ingurane nk’uko vyandikwa na Shabelle Media Network.




