Jimbere

ikirundi French English
Itororokanirizo ry'ivyatohojwe

Amakuru yaranze akarere ka EAC kuva 26 Ruhuhuma gushika itariki 3 Ntwarante 2024

Tanzania : ibitaro bikuru bikuru vy’abigenga vyahagaritse gutanga ubuvuzi ku bafise udukarata two kwivurizako « NHIF »

Abarongozi b’ivyo bitaro bavuga ko bafashe iyo ngingo kuva kuri uyu wa 01/03/2024, inyuma yaho Reta itangarije impinduka mu bijanye no gushigikira ikigega c’igihugu kijejwe gufasha itangwa ry’ubuvuzi, aho hagabanijwe intererano itangwa mu gushigikira ico gisata haba mu kuvura indwara zimwe zimwe ndetse no kuronka imiti.

Abo barongoye ivyo bitaro bakavuga ko igabanywa ry’ubwo buryo ryotuma ivyo bitaro bikora bihomba, maze bigahava bikabura ivyankenerwa, ndetse n’imiti yo kuvura abarwayi. Bagasaba Reta yuko yokwicarana nabo, maze hakarabwa icokorwa, kugira ngo igisata c’amagara y’abantu ntigisubire inyuma.

 Nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru The Citizen, umuyobozi mukuru w’ikigega co gushigikira ubuvuzi avuga ko iyo ngingo yafashwe mu ntumbero yo gufasha abatari bafise uburenganzira bwo kwivuza biciye mu gushigikirwa na Reta, kugira nabo baheze bashikirwe. Naho biruko, umushikiranganji w’amagara y’abantu wa Tanzania amenyesha ko hagiye gutangura ibiganiro hagati y’impande zose, harimwo n’abayobozi b’ibitaro vy’abigenga, kugira harabwe icokorwa mu maguru masha.

RDC : abarongoye ingabo z’ibihugu vya SADC  harimwo n’uw’Uburundi bahuriye i Goma

Abarongoye ingabo z’ibihugu vya Afrika y’Epfo, Malawi, Tanzania n’u Burundi bari bakoraniye mu gisagara ca Goma mu nama, kuri uyu wa 01/03/2024, nk’uko umuvugizi w’igisirikare cya RDC yavyiganiye BBC.

Afurika y’Epfo, Malawi na Tanzania ni bimwe mu bihugu bigize umuryango w’ibihugu bya Afrika y’amajepfo uzwi nka SADC vyarungitse abasirikare n’ibikoresho vyo gufasha ingabo za leta ya RDC kurwanya umugwi wa M23. U Burundi nabwo abasirikare babwo bivugwa ko barimwo gufasha ingabo za Reta ya RDC muri iyo ngwano, nubwo Reta y’Uburundi yagiye irabihakana.

Guillaume Ndike Kaiko, umuvugizi w’ubutegetsi bwa gisirikare bw’intara ya Kivu ya Ruguru mu butumwa bwanditse yabwiye BBC ko abarongoye ingabo z’ivyo bihugu koko bageze i Goma kuwa kane, gusa abajijwe ibitegekanijwe muri iyo nama yabo yishuye ati : “[Reka] turindire”

Iyi niyo nama ya mbere ikomeye ihuje aba basirikare bakuru b’ingabo zarungitswe muri RDC gufasha ingabo z’iki gihugu kurwanya M23. Iyi nama ikurikiye iyahuje abakuru b’ibihugu Félix Tshisekedi wa DR Congo, Cyril Ramaphosa wa Africa y’Epfo, Lazarus Chakwera wa Malawi na Evariste Ndayishimiye w’u Burundi, yabereye i Windhoek muri Namibia mu ndwi zibiri ziheze, inyuma y’urubanza rwo gushingura uwari Umukuru w’ico gihugu.

Ku mpamvu zitatangajwe, inama y’i Windhoek y’abo bategetsi bafise ingabo muri RDC ntabwo yitabiriwe n’Umukuru w’igihugu Samia Suluhu wa Tanzania nubwo yari muri ico gihugu gushingura umuhisi Hage Geingob.

Izo ngabo zaje zifuzwa cane na leta ya RDC, zitezweho kunesha M23 mu ngwano, gusa ku rundi ruhande Umukuru w’igihugu Felix Tshisekedi aherutse kwumvikana avuga ko ashaka amahoro.

Uganda : ibikorwa vyo kwubaka ibarabara ry’indarayi biratangurana n’uno mwaka wa 2024

Kugeza ubu, abantu barenga 1.500 ku bagera ku 5.000 nibo bamaze gushumbushwa biciye muri uwo mugambi wo kwubaka ibarabara ry’indarayi, bivanye naho rizoca mu matongo yabo. Wamburu Perez, arongoye uyo mugambi avuga ko ibijanye n’inshumbusho vyatevye ahanini bivuye, yuko habaye indyane mu bafise amatongo, bikaba ngombwa yuko biba birahagaritswe mu kiringo kitari gito.

Iryo barabara ry’indarayi rikaba rizohuza ibihugu bitatu arivyo Kenya, Tanzania na Uganda. Rikaba rirubakwa mu ntumbero yo kworohereza uruja n’uruza na cane cane rw’ibidandazwa, aho hitezwe ahanini ko igiciro cavyo kizogabanuka bimwe biboneka. Bamwe mu bayobozi b’uturere turimwo abazoronswa inshumbusho basaba yuko abanyagihugu bohabwa ikiringo n’imiburiburi c’amezi atatu kugira ngo bizoborohere kuronka ahandi baja. Inkuru tuyikesha The Monitor.

Ubwongereza buzoriha Urwanda n’imiburiburi imiriyoni £370 mu bijanye no kurungika abasaba ubuhungiro 

Ikigo kigenzura amafaranga Reta y’Ubwongereza ukoresha (NAO) cerekanye ko kuri buri muntu uzorungikwa mu Rwanda, leta y’Ubwongereza izomuriha amafaranga y’abongereza 150,000 (ayangana imiliyoni 244 y’abanyarwanda) mu kiringo c’imyaka itanu.

Umugambwe « Labour » utavuga rumwe n’ubutegetsi mu Bwongereza, wavuze ko ubwo buryo bwanditse  muri ico cegeranyo c’ikigo c’igihugu c’ubugenduzi ari « igisebo ku gihugu ».

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ubutegetsi bw’igihugu yagize ati : « Kiretse tugize ico dukora, [naho ubundi] agaciro ko guha ubuhungiro ababusaba kitezwe kugera kuri miliyaridi 11 z’amafaranga y’abongereza buri mwaka bitarenze mu 2026.Ubwimukira bunyuranije n’amategeko bupfiramo abantu ndetse bugatuma hakomeza kubaho urudandazwa rw’abantu, kandi kubera iyo mpamvu birakwiye ko dushira amafaranga mu gutorera inyishu ivyo kumena uru ruhererekane rutaramvye. »

Icegeranyo c’ikigo NAO gisohotse inyuma yuko abashingamateka bo mu Bwongereza, bari bamaze igihe basaba ko habaho umuco  ku mafaranga uwo mugambi wo kurungika mu Rwanda abasaba ubuhungiro uzotwara.

Intumbero y’uyo mugambi ni uguca intege abantu bajabuka umuhora wa « English Channel » bari mu mato (ubwato) mato – ikintu Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Rishi Sunak yagize kimwe mu vyihutirwa, vyashizwe imbere ku butegetsi bwe,  nk’uko vyandikwa na BBC.

Ariko uyo mugambi wadindijwe n’ibirego  vyatanzwe mu ma sentare ndetse nta muntu n’umwe ararungikwa mu Rwanda, gushika iki gihe. Reta y’Ubwongereza ivuga ko ifise intego ko indege zitwaye abasaba ubuhungiro zizoba zahagurutse zerekeza mu Rwanda bitarenze mu ntango y’impeshi y’uyu mwaka.

Muri uyo mugambi, ubushikirangaji bw’ubutegetsi bw’igihugu bwemeye kuriha amafaranga mu kigega co gufasha iterambere ry’ubutare mu Rwanda, no gutanga ayandi mafaranga yo kuriha ivyankenerwa vyo gutunganya uyo mugambi no kwimurira abo bimukira mu Rwanda.

Kuva mu kwezi kwa kane mu 2022, Ubwongereza bumaze kuriha u Rwanda imiriyoni 220 z’amafaranga y’abongereza (ayangana n’imiliyaridi 358 y’abanyarwanda) muri ico kigega c’iterambere ry’ubutare, ndetse mu myaka itatu iri imbere vyitezwe ko buri mwaka buzaruriha inyongera ya miriyoni 50 z’amafaranga y’abongereza. Ayo yose hamwe ni imiriyoni 370 z’amafaranga y’abongereza mu kiringo c’imyaka itanu.

Kenya : umukuru w’igihugu William Ruto na mugenzi we Yoweri Museveni wa Uganda bagiraniye ibiganiro barikumwe n’uwutavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Kenya

Raila Odinga, umukuru w’abatavuga rumwe na Reta muri Kenya ararondera ikibanza co kuba umukuru w’urwego rutwara ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika (Union Africaine). Ashaka gusubirira umunya-Tchad Moussa Faki Mahamat azorangiza ikiringo ciwe mu kwezi kwa kabiri mu mwaka uza.

Raila Odinga ku wa mbere yari muri Uganda ajanye n’umukuru w’igihugu ca Kenya, William Ruto, bagiye gusaba Umukuru w’igihugu Museveni gushigikira Odinga. Museveni yabakiriye ku rugo rwiwe ruri ahitwa Kisozi.

Ku rubuga X, rwahoze rwitwa Twitter, Odinga yagize ati : ‘’Ndakengukiye cane Museveni kwemera gushigikira bikomeye icipfuzo canje hamwe na Ruto mu kugishigikira.’’

Umubonano w’abo bagabo batatu usa n’uwatangaje abatari bake mu bihugu vyompi. Ubaye mu gihe hari hasanzwe ugukebana bikomeye hagati ya Kenya na Uganda ku ruhande rumwe, no hagati ya Ruto na Odinga ku rundi.

Raila Odinga ntiyigeze yemera ko yatsinzwe na Ruto mu matora. Mu mwaka uheze, Odinga yakoresheje urukurikirane rw’imyiyerekano yo kurwanya Reta ya William Ruto ishingiye ku kibazo c’ubuzima buzimvye, bituma haba icuka kibi hagati y’indongonzi.

Hagati ya Kenya na Uganda naho, mu kwezi kwa Munyonyo, haradutse ukutumvikana bikomeye ku bijanye n’ibitoro vyinjira muri Uganda – itagira umuhora ushika kw’ibahari – biciye muri Kenya, aho Museveni yavuze ko ‘’igihugu ciwe cibwa’’ n’abikika mu kiza hamwe n’abaranzi [commissionnaires] murj Kenya.

Inyuma y’umubonano wo ku wa mbere, William Ruto yanditse kuri X ko we na Museveni ‘’bumvikanye’’ kandi ko ibibazo bijanye n’ingene ibitoro bishika muri Uganda biriko biratora inyishu.

Ruto yananditse kandi ko bavuganye na mugenzi we wa Uganda ko bovyura umugambi wari warateguwe wo kwubaka umuringoti wotwara ibitoro biyunguruye ubivana Eldoret muri Kenya ukabishikana i Kampala muri Uganda n’i Kigali mu Rwanda. Isoko ry’inkuru BBC.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top