Jimbere

ikirundi French English
GUPAGASA

Amakoperative abayeho gute mu Burundi ?

Koperative sangwe kigina-mugomera yorora inkoko, inka (Igizwe n’abanywanyi 52)/Jimbere

Naho umwitwarariko w’amakoperative uri ku murindi udasanzwe, amakoperative aracafise intambamyi yo guhamvya uburyo bukenerwa mu ntumbero yo kwiteza imbere. Muti none araheza akibeshaho gute? Hokorwa iki kugira ngo ayo makoperative ashobore kwishura ku bibazo biyakikije hisunzwe amikoro y’umurundi?


kibazo  c’iyo  amakoperative  yo mu Burundi akura uburyo ni ikibazo gikomeye cane. Mu gihe  amakoperative  Sangwe  yo  yashoboye  kuronswa  na  Reta  ingurane  y’imiriyoni  icumi  (imwe  imwe)  zizorihwa  inyuma  y’imyaka 2, ayandi yo agerageza kwibako,  aho umunywanyi umwe umwe   abwirizwa   kuja   atanga   intererano  mu  kiringo  kanaka,  nayo ayakomakomeye agasaba ingurane   mu   mabanki   naho   nyene  aca  ahura  n’intambamyi  z’inyungu y’umurengera asabwa  bigatuma  batinya  kwama  baja  kwaka iyo ngurane…

 Ariko rero amabanki matomato « microfinances » ariko aragwira, ku   rundi   ruhande   n’amasoko   y’ivyimburwa  agenda  araboneka   bukebuke  gutyo amakoperative akaronka ukuntu yikenura mu vyo akenye, nubwo nyene  ano  mabanki  na  yo  aja  arerekana ubushobozi buke mu vyo    gutunganiriza    abayitura.    Ivyo    bikaba    bitumwa    n’uko    urugero   rw’inyungu      itangwa   n’amakoperative    ku    ngurane bahabwa  usanga  ari  ruto  cane  ibidaheza     ngo     vyorohereze     ayo   ma   banki   kugira   n’ayo   abandanye atanga inyungu.

 Ibibazo  bijanye  n’intererano zama zisabwa ku  banywanyi b’amakoperative

« Mu gihugu hagati, si icoroshe ku  banywanyi  b’amakoperative  kwama     baronse     intererano     batanga.   Ivyo   bikaba   bivana   n’ukubura  uburyo  kuko  abenshi  udufaranga      batuziga      mu  mwimbu baba    baronse    mu    burimyi,   uwutama   wabonetse.   Iyo  rero  umwimbu  utabonetse,  n’udufaranga    turabura.  Hari  n’aho uboneka,  ingwara   z’abanyamuryango zikama arizo ziwiremeka.    Haragera    n’aho    amakoperative    amwe    amwe    yugara kubw’ukubura uburyo mu mezi y’agahubo (y’inzara). », iyo ikaba intererano y’uwukurikirana amakoperative mu  ntara ya  kirundo           mw’ishirahamwe ANACOOP. Patrice Manariyo,  aserukira     koperative Twungurane, koperative  isanzwe  ikorera  mu  bijanye  n’igiterwa  c’ikawa,  muri  komine  Ntega  iri  mu  ntara  ya  Kirundo,   we   amenyesha   ko   udufaranga bahabwa twa avansi ari two tubasahiriza mu bikorwa Bo  ngo  bagira  ingorane  iyo  bishitse ihemba rigateba.

Libère  Bukobero, umunyamabanga  mukuru  w’ishirahamwe   ADISCO  amenyesha ko amakoperative yo mu Burundi yama ahanze amaso ubufasha    hanze,    imfashanyo    nayo  ikaba  imugaza  gusumba  uko  ifasha:  «  Wihweje  usanga  abahurikiye   mu   makoperative   benshi  bama  bahanze  amaso  imfashanyo  z’ibikoresho   canke  iz’amafaranga  mu  gihe  intumbero   y’ishirahamwe   ADISCO ari ukubigisha ibijanye n’ubuhinga. » Arongera  ati  :  «  Turemeza neza  ko abanyagihugu bahurikiye    mu    makoperative    bafashwa    neza    mu    bijanye    n’ubuhinga  bwo  kuyatunganya,  kubigisha  ingene  bakurikirana  ibikorwa,         n’ukubaherekeza         mu   bijanye   n’imigambi   yabo   ijanye   n’uburimyi   n’ubworozi.   Ivyamwa       vy’izo       nyigisho       biragaragara.    Gushika    uno    munsi       turamaze       gufasha       abanyagihugu     batari     bake     bahurikiye mu makoperative mu bijanye  n’ukuronka  amakarata  yo    kwivurizako,    turabavugira    mu   bitari   bike   nk’akarorero   hari   abo   twasabiye   umuceri   w’umuyapani  wari  winjijwe  mu  gihugu   na   Reta,   twarafashije   kandi   mw’ishingwa   ry’urunani   ruhuza  amakoperative  akorera  mu       bisata       bitandukanye       (UHACOM).      Urwo      runani      rukaba rwaje nk’inyishu y’ikibazo cari     kimaze     igihe     kirekire     kijanye n’ikena ry’amasoko aho ivyimburwa  vyashobora  kubora  mu  gihe  mu  kandi  karere  hoho  biba bikenye cane. »

Reta ihamagarirwa gushiramwo inguvu zidasanzwe kugira amakoperative ashobore kuronka uburyo

Muri  CNARI,  Ku Muzinda,  komine    Gihanga,    intara    ya    Bubanza,   Ali   Amos   aserukira   urwo runani rw’amashirahamwe ry’abarimyi      b’umuceri      mu      gihugu, arakenguruka ishaka rya Reta  rihimiririza  abanyagihugu  kwijukira  amakoperative  kuko  :  «  Iterambere  ry’amakoperative  ni     ngirakamaro     haba     ku     mashirahamwe      atandukanye      akorera  mu  bisata  nko    mu         mahinguriro   yaba  ay’imyavu,ayahingura umwimbu,kuko  hashizweho   imigambi  y’ukwegeraniriza         imyimbu  hamwe, hakaba  ibigega,  amakoperative  usanga  yabaye  isoko  rikomeye  ry’ibihingurwa. »

Eka  na  Jean  Marie  Hakizimana  wo mu runani rw’amakoperative Mutoyi   mu   ntara   ya   Gitega   babibona   kumwe.   Yagize   ati   : «  Reta  yarikwiye  gushigikira  amakoperative   kuko                  ashoboye   kuronka   umwimbu   w’umusesekara ata bidandazwa vyinshi biba bigikenewe kuvanwa mu  bindi  bihugu,  kandi  burya  abantu    bamaze    kwegeranira    hamwe, biranafasha kuko haba ukwungurana ivyiyumviro ndetse bikarushiriza   gutuma   bisanga,   bakiga   ukubana   n’ugukorera   hamwe. »

Ikindi gikwiye  gukomezwa   mu bijanye  n’uguherekeza  amakoperative,    ni    ukugwiza    abaguzi   b’umwimbu.  Ivyo   bikerekana  vy’ukuri ko bikenewe ko  amakoperative  afatwa  mu  mugongo  kugira  ngo  ashobore  kuronka umwimbu mwiza kandi ufise    akanovera.    Deogratias    Niyonkuru,    mu    gitabu    ciwe    yanditse  yagize  ati  :  «  Agateka  ku  mwirimizi  »,  ugutsimbataza  ubutunzi    bw’abahurikiye    mu    makoperative  bishoboka  igihe  wabanje      gutorera      inyishu      intambamyi  bafise  :  «  Nimba  kugira bikunde ko umunyagihugu ( wo muri koperative ) yibeshaho bisaba     ukubanza     kuronswa     imfashanyo    ivuye    hanze  ,  haracariho    agahaze.    Nibaza    ko   nyabuna   icari   gikwiye   ari   ukubashigikira  mu guteza   imbere    amakoperative    yabo    agakomera   akabaha   gushika   ku  butunzi  bwabo  bwite  kuko  ari     bwo     buryo     bwonyene  bwobakura  mu  bukene  bagasezerera  ugusegerereza.  Kugira  ngo  babishikire,  bikwiye  ko  haba  ugushigikira  imigambi  mishasha. »

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top