Ni urwaruka rungana rute rw’abarundi ruzi ibahasha y’amahera y’amarundi arenga imiriyaridi 2 ? Ikigega kijejwe gushigikira no guteza imbere imigambi y’urwaruka «FIGA» catanze kw’ibanki y’urwaruka «BIJE» mu ntumbero yo gushigikira imigambi y’urwaruka ?
Kw’igenekerezo rya 6 Myandagaro 2021, iyo banki yaramenyesheje ko mu madosiye 825 amaze kwemererwa gushigikirwa, hafi igice kimwe kuri bitanu ni ay’urwaruka rwishize hamwe mu makoperative. Kandi kugera muri Nyakanga, amakoperative 8 gusa agizwe n’urwaruka ni yo yaronse ingurane ingana hafi imiriyoni 60 y’amafaranga y’amarundi atanzwe n’iyo banki y’urwaruka.
Kubera iki hatangwa ingurane nke ku rwaruka ? Olga Nyampundu, arongoye «FIGA» avuga ko biva kw’ibura ry’ubuhinga no kutitwararika gushira akabirya mu vyo urwaruka rukora. Agira ati: « Dutegerezwa gushira mu rwaruka rw’abarundi agatima ko kurondera gukora ibintu bishasha kugira ntihabeho ugukoporora ivyo abandi bamaze gukora kuko ivyo bituma badatera imbere. Nk’akarorero, ibanki «BIJE» kuva itangujwe, iramaze kwakira imigambi y’urwaruka iharurirwa mu majana, ariko mikeya muri yo, ni yo imaze kuronswa ingurane ku mvo z’uko iyindi migambi iba idateguye neza. »
Ariko mu rundi ruhande, urwaruka rusa n’urutemera uwu mwihwezo. Twofatira kuri Egide Mpabwanayo yorora ingurube mu ntara ya Mwaro. Uyu ni umwe mu rwaruka rw’imboneza tuza kubayagira muri iyi nomero ya kabiri y’umugambi NUKU, asanzwe yorora amagi y’isazi agaburira ibitungwa vyiwe. Muca mubona ko ari akabirya katari kamenyerewe mu bworozi bwo mu Burundi. Ariko rero aridogera amabanki na canecane ibanki BIJE kuba itabagirira icizere ngo ibaronse ingurane.
Hejuru y’intambamyi zo kutaronka ingurane ku rwaruka, iyi nomero y’aka gatabu iragaruka no ku bushobozi bwo kuronka akazi biciye mu kujanisha ubuhinga bw’inyigisho n’iterambere ryibonekeza mu kibano no guha urwaruka ubumenyi bukwiye kugira ruronke ico rwerekana kw’isoko y’akazi.
Tukiri mu migambi y’urwaruka, ntitwibagiye no kubayagira ku bijanye n’imigambi nkoramutima y’abatsindiye kuba aba Miss Burundi 2021. Musome muzirikane !




