Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

« Hari amajambo menshi ari mu gifaransa gusa umuganga n’umurwayi bikagora gutahurana »

Inès Kidasharira, Dr Tania Gahama Ineza na Pr Ferdinand Mberamihigo

Ivyo vyashikirijwe na muganga Tania Gahama Ineza asanzwe arongoye ishirahamwe Uzima ryitaho amagara y’abantu, hari mu ndwi igira gatatu ya rya sekeza ngarukamwaka Curijambo, aho hariko haracurwa amajambo yifashishwa cane mu gifaransa mu gisata c’amagara y’abantu ariko adafise ukwo yitwa mu Kirundi.

Abakunzi b’ururimi rw’ikirundi bahagarikiwe na Ferdinand Mberamihigo, Umwigisha wa Kaminuza y’Uburundi, Tania Gahama Ineza, umuganga akaba n’umurongozi w’ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu « Uzima », Inès Kidasharira, umukenyezi akorera mu gisata c’irondoka rijanye n’amagara meza na Napoléon Ahishakiye, umuryoshakiyago wo mu Ruganda Gusoma, bari bitabiriye iryo sekeza kuri uyu wa 1 Myandagaro 2024 mu ntumbero yo gufasha gucura amajambo afise intumbero, insiguro n’inyubako y’ikirundi bitomoye.

Inès Kidasharira agira ati: « Turakunda kubura amajambo atomora neza akadomako ico tuba dushaka kuvuga. Buri munsi duca twamana ikibazo co kurondera amajambo yegereza insiguro ariko bikarangira n’ubundi tudahuje n’abenegihugu. Amajambo ducura nibayamenyera bizotworohera. »

Abahari bahari bose bahavuye bafise inyota yo kwongera kugaruka gucura ayandi majambo, haba muri ico gisata no mu bindi, kuko babona ko aje kubafasha guhuza ibiyago n’abenegihugu bajejwe gutunganirizwa.

Aya niyo majambo yacuzwe/yibukijwe mu masaha abiri y’ico kiyago:

  1. Procédure : ingengabikorwa, ingengangendo
  2. Variole du singe: akaryama ka nkende
  3. Consultation : isuzuma
  4. Urgence : mu batabarizwa
  5. Santé sexuelle : amagara ndorabitsina
  6. Maternité: iyakiriro
  7. Autopsie: isuzuma ry’ikiziga
  8. Facteur de risque: impánamizi
  9. Infection: ubwandu
  10. Chirurgie: isaniro
  11. Opération: isanasana
  12. Sage-femme: umwakirizi
  13. Pédiatrie: aho bavurira abana
  14. Pluridisciplinaire: inkoranyabuhinga
Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top