
Zone ya Buyenzi yo mu gisagara ca Bujumbura yahora irangwamwo uruja n’uruza rw’abariko bakora imiduga, ubu amabarabara amwe amwe arera. Na vya bikankara vy’imiduga vyahakuwe. Abahora bahakorerera bari mu gahinda…
Ni inyuma y’ingingo iheruka gufatwa n’uburongozi bwa zone ya Buyenzi komine #Mukaza mu gisagara ca Bujumbura, aho kur’uyu wa 06 Ruhuhuma 2024 abarongoye iyo zone bagendera ibanza bikorerwamwo imiduga. Bahavuye basavye abahora bahakorera bose kuva muri ivyo bibanza vuba bwango, bakarondera ahandi bakorera kandi hugaye, bakava mu mabarabara « mu ntumbero yo kuja mubibanza bizwi kandi bagatangura kuriha n’ikori. »
Nk’uko twavyiganiwe n’abari basanzwe batunzwe n’uwo mwuga wo gukorera imiduga muri ivyo bibanza aho twahashika kuri uyu wa 09 Ruhuhuma 2024 , bati: « Ni umubabaro n’agahinda ku miryango irenga 3000 yari itunzwe n’akazi ko gukora imiduga. »
Bakidogera nya ngingo « yafashwe gihutihuti, abajejwe intwaro batabanje guha umwanya abo izokorako ngo baganire, bagire n’ico bayivuzeko. » Bakagirako basaba ko « ababijejwe bosubiramwo iyo ngingo kuko atari benshi bazoronka ibibanza vyugaye bakoreramwo », bati « benshi bagiye kwangara kandi bari bafise akazi kabatungiye imiryango. »
Si abo bakora imiduga gusa bidoga, n’abari basanzwe bacuruza ivyuma vyo gusubiriza (pièces de rechange) niko kw’uko , ngo bagiye kuba mu ruhombo runini cane kuko batazosubira kuronka ababashorera, bo bakabona ko iyo ngingo izokora kumiryango myinshi, yaba abakora imiduga, abacuruza ivyuma, na bene amazu bari bapanze n’abandi.

Si ubwa mbere iyo ngingo itangajwe
Sefu Niyonkuru arongoye zone Buyenzi we siko abibona: « Kubimura muri ivyo bibanza si ingingo twafashe giturumbuka. Twarakoranye amanama menshi nabo, turabateguza. Harya hantu mu mabarabara bakorera, vyaronona ama barabara kuko bata imicafu mu mifurege kandi ntibigera bahakorera isuku. »
Ati mu gushira mu ngiro iyo ngingo, « twashatse ko Buyenzi nayo itosigara inyuma mu kwitegurira ihangiro igihugu gifise ryo gushika mu mwaka wa 2040 ari igihugu cifashe. Dushaka ko Buyenzi iba nyabagendwa n’abahaba bahabe bisanzuye nk’ahandi hose ».
Mwomenya ko ingingo nk’iyo yo kubuza gukorera imiduga mu mabarabara ya Buyenzi atari ubwambere itangajwe. Muri 2018, Umukuru w’igisagara ca Bujumbura yari yanashizeho ikiringo ntabanduka co kutarenza (itariki 1 Kigarama) abafise inganda zo gukora imiduga n’ibikankara vyazo bakaba babikuyeho, mugabo ntiyigeze ikurikizwa.
Kukaba nkako, ibikorwa vyo gukora imiduga biracabandanya ukuri kwamye, bamwe bararonse ibibanza biri mu mpangu bakoreramwo, ariko haracariho n’abandi batari bake bagikorera imiduga mw’ibarabara .




