Jimbere

ikirundi French English
Abakenyezi b’intwari bibagiwe

« Abakenyezi badutse bakina umupira w’amaguru mu Kinama, kugira bunge kandi ikibano »

Baratanguranwa gufata ijambo

Uwafata ijambo wese yaguma atumirira abari aho guharanira amahoro. Mu kubunganira Christine Ntahe yaza aributsa bwimwe mu bihambaye batavuze, agaca atera akamo abari ngaho. Abakenyezi yababwiye ati: “Abakenyezi murwanye indyane mwivuye inyuma. Erega mu ntambara umukenyezi ahagorerwa kurusha abandi. Ni we apfakara, ni ahekurwa, ni we abana barwarirako bakamusonzerako.”

Mu bitavye ako kamo, harimwo abapfasoni Zenayidi Nagashira na Eugénie Bancako basanzwe na bo nyene banditswe muri ico gitabo.

Yaciye atera akamo abagabo n’urwaruko bari ngaho, abamenyesha ko mu matora buca aba bokwumviriza bose mugabo ntibumvire uwubajana mu macakubiri uko ari kwose.

Abafashe amajambo bose biyemeza guharanira no kubumbatira amahoro. Salomée Gakobwa ati: “ Uko uyu mupfasoni Ntahe yatwigishije kuva kera n’ubu ni ko avuga. Nanje ngiye guhera gukovya mparanira mahoro aho mbaye gushika no ku rwego rwa komine.”

Umwigeme Marie-Chantal Irandagira na we nyene yiyemeje kuja gushikiriza urwaruka nka we ivyo yumvise. Akiyemeza kubishikiriza abo babanye mw’ikambi y’abateshejwe izabo. Yanasavye ko abo bakenyezi bokwishikira muri komine yabo ya Mutumba, kuko ngo haracibonekeza ukwinubana gushingiye ku mvo za poritike.

Abashoboye gufata ijambo bashika 10, mu gihe abashika 30 bandi bagumye basaba kugira ico bashikirije. Bose barakenguruka bakavuga ico biyemeje gukora.

Umusore Cédric Ndayishimiye na we nyene yemeye ko agiye gushikira abandi bahungu nka we ugira ngo bashobore kutumvira abaharanira intwaro babacanishamwo na canecane muri iki gihe hazoba amatora mu mwaka uza.

Abanyakarusi bari batahuye ko atari kuvuga ivyo baciyemwo, nyabuna ari ugushikiriza ico umwe wese akuye mu kiganiro n’ico yiyemeje gukora.

Abagize ico bashikirije bararonse udushimwe tugizwe n’ibitenge,ibikoresho vyo mw’ishure, udupira n’ibitabo. Eka mbere n’abatafashe ijambo hari abatari bake batahanye nya gitabo “Abakenyezi b’intwari bibagiwe.”

Umunezero wari wose ku buryo batagomba gutaha. Nyabuna bamwe baciye bahaguruka barakanyukura bakikije Christine Ntahe, bakwirikije indrimbo mvamakungu canke iz’Abarundi zariko ziravuga.

Sabikanya kuri

Pages : 1 2

Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top