Jimbere

ikirundi French English
UBUTUNZI

Abafundi b’amazu basaba ko Reta yohagurukira abanyegeza isima

Nta kazi kakiboneka mu bafundi bubaka amazu mu gisagara ca Bujumbura. N’aho kabonetse bahembwa intica ntikize. Ivyo bigaterwa n’uko abubaka amazu batakironka isima ya Buseko(BUCECO). Bagasaba ko Reta yokurikiranira hafi abantu bayidandaza kuko hoba harimwo abayinyegeza kugira bayigurishe izimvye.

Kuri Gare du Nord neza na neza ahazwi kw’izina ryo kuri Main d’œuvre, mu gisagara ca Bujumbura ni kimwe mu bibanza abafundi bubaka amazu barindirirako ababaha akazi. Ariko muri ibi bihe, ubwanwa bwarapfutse umunwa. Kuronka uwubajana kubereka aho bubaka n’ink’ukubonekerwa. 

Ajumumarariwe, kubera isaha yariko irerekana igihe c’isaha zitanu, ata cizere co kuronka ikiraka agifise, Gasupari avuga ko imiryango yabo itakibukura mu cibo. Ubu ngo arataha yagera mw’irembo akamaramara kuko abana baza kumusanganira ata n’itu afise mu minwe abaha ngo binjize mu nzu.

Agira ati: « Akazi kakiboneka, ku munsi umu “maçon” yahembwa 25.000Fbu, umu “tâcheron” akaronka 30.000Fbu, na yo umu “ingenieur” yahembwa 60.000Fbu. Ariko ubu akazi karagoye kuronka kubera abubaka bitwaza ko isima yabuze n’aho ibonetse iba izimvye. Ugize amahirwe ukakaronka rero uwo wubakira, n’amafaranga aguhemba nawe aca ayagabanya, ngo isima yamuzimvye. Dusaba Reta ko yohagurukira abadandaza b’isima, abayinyegeza bagahanwa vy’akarorero, kuko bari mu batuma tubura akazi. »

«Muri Mukaza harafashwe ingingo zo gutuza abanyuruza isima…»

Mu gihe yari mu nama n’abafise ivyo bakorera mu makaritiye ya Centre-ville na Asiatique kuri uwu wa 24 Myandagaro 2022, Musitanteri wa komine Mukaza Renovat Sindayihebura yaragabishije abadandaza b’isima boba baja kuyizana muri buseko, ariko ntibayishikane aho bayicururiza. Ngo ikamyo ikayizanye bagaca bayikatishiriza mu bundi bubiko bwabo butazwi buri mu yandi ma karitiye canke mu yindi komine kugira idandazwe n’abakomisiyoneri ku giciro kiri hejuru. Aho usanga isima igurwa 24500Fbu boba bayitanga ku yarenga 30.000Fbu kugira bunguke umurengera. 

Uyo musitaneri anavuga kandi ko, hari n’abatakizana isima ku murango. Bikika ijoro bakayizana mu gicugu, iyo kamyo bakayipakururira mu wundi muduga bugaca bamaze kuyungururiza mu bundi bubiko butazwi. Eka kandi ngo hari n’abayizana, ariko hageze kuyitanga ugasanga hari abantu baje kuyitora bafise impapuro bamaze kuyirihirako kuri banki, ivyo na vyo bigatera amakenga.

Ku bw’ivyo, Renovat Sindayihebura ati: « Ingingo zafashwe ni uko abacuruza isima babwirizwa kuyitanga ku mugaragaro, bizwi n’abajejwe intwaro, abajejwe umutekano hamwe n’abajejwe iperereza. Ko abazoyitanga izo nzego zose zitabizi bazofatwa kandi bagahanwa hisunzwe amategeko. Na yo abo bitwaza impampuro zerekana ko isima bayirihiye itaraza, bazobanza kwerekana inzu bariko barubaka iyo ziri. N’ayo ububiko bw’isima butazwi, bugiye gutohozwa, iyo buzofatirwa hose, banyenebwo bazobuhanirwa. »

Mwomenya ko umwe mu bari muri iyo nama yariko iragirishwa na musitanteri, yaterereye iciyumviro c’uko imiduga ija kurangura isima, yoshirwako ivyuma bifata amasanamu (caméra de surveillance) kugira bigende birafata amasanamu y’ahantu hose iyo miduga yaciye kandi habeho abajejwe kuyikurikirana. Ivyo vyotuma isima bazana ishika. Ubwo none ico ciyumviro coshoboka? Tubitege amaso.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top