Jimbere

ikirundi French English
IJAMBO RY'IBANZE

Ingaruka z’ukutamenya

Mu mwaka w’ishure wo mu 2018-2019, abigeme 1.268 baratwaye imbanyi batifuza mu mashure atandukanye ari mu Burundi. Biri mu cegeranyo cakozwe n’ishirahamwe FNUAP rifadikanije n’ubushikiranganji bw’indero n’ubushakashatsi. Muri ico cegeranyo nyene, abigeme 747 nibo basamye imbanyi batifuza mu mwaka w’ishure w’2023-2024. Naho ibiharuro biriko biragabanuka, ni ngombwa ko tumenyesha, tugahimiriza, tukibutsa ku vyerekeye imbanyi zitifujwe. Kuko ntituvuga ivyegeranyo mu biharuro gusa, ariko ni ubuzima bw’abantu bukeneye kurokorwa!

Mu mahimiriza yakozwe n’ikinyamakuru Jimbere mu mashure ari mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu c’Uburundi, ubajije abanyeshure ivyerekeye ubuzima ndoragitsina, vyaragaragara ko ata vyinshi babiziko, ndetse bikanabatera isoni kuyagako.
Benshi muri bo, ntibatahura cane umubiri wabo, uko bokwirinda imibonano mpuzabitsina idakingiye, aho bokwitura mu gihe bibashikiye, na canecane ko aho tubaye mu Burundi womengo biteye isoni kuganira ku buzima ndoragitsina. Naho biri uko, uko kwanka kuyaga ku vyerekeye umubiri, uko abavyeyi bibananira kwisanzura ngo bayagire abana, bitera ingaruka nyinshi zidashobora kuzitirirwa mu nyuma nk’ingwara zandukira zifatira mu bihimba vy’irondoka, n’imbanyi zitifujwe.

Soma agatabu « Kuki ata numwe yabimbwiye! »

Twategerezwa rero gushimika ku ngaruka mbi z’imbanyi zitifujwe, kugira dukaburire urwaruka kugira inyota yo gutahura neza ubuzima ndoragitsina, kwiyumvira kuri kazoza no kugategekanya kare, ku buryo biborohera gufata ingingo zerekeye ubuzima bwabo mu mwidegemvyo.

Ni nayo mpamvu twahisemwo kubasabikaniriza ivyiyumviro vyacu ku vyerekeye ubuzima ndoragitsina turabiye ku buzima bwa minsi yose bw’urwaruka, na canecane ko mu civugo c’uruganda rwacu dusanzwe turi «  Ijwi ry’urwaruka n’abakenyezi ». Twashimye gutanga ubwo butumwa tubicishije muri iki gitabu gicafye kugira twerekane ko no muri ya mikino yo mu bwana hashobora kuva imbanyi zitipfujwe, naho atawovyiteze. Muri kino gitabu, turabaganirira rero mu buryo bw’umwidagaduro ivyo bataronka akaryo ko kubwirwa.

Imbanyi zitifujwe zironona kazoza k’umwana w’umwigeme cane kubw’ukutamenya. Ariko, abaye yarigishijwe bihagije agatahura vyinshi, yoshobora kwirinda izo ngorane, akabandanya yiga amashure yiwe neza akayaheza, agaheza agakoresha ubumenyi yaronkejwe mu gukorera igihugu no gushitsa imigambi yiwe, akagira uruhara ntangere mw’iterambere ridakumira. Vyonafasha ko umwana w’umuyabaga akura yisanzuye, na rirya yoba afise ubumenyi buhagije ku vyerekeye kwirinda imbanyi zitifujwe.

Musome, muzirikane!

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top