
Wari uzi ko abakoroni aribo bahaye ikiyaga Rwihinda, izina rya « Lac aux Oiseaux »? Sobanukirwa amamuko n’urukurikirane rw’amazina yagiye ahabwa ico kiyaga gifise izinga ripima amahegitari 3 ribamwo ubwoko burenga 200 bw’inyoni harimwo n’iz’i Burayi…
Ikiyaga Rwihinda kiri mu Kirundo mu ntara ya Butanyerera. Ubwaguke bwaco ni amahegitari 425. Ico kiyaga cimbitse ku rugero rw’imetero 12. Hagati na hagati y’ico kiyaga hari ishamba ifise uburinganire bw’amahegitari 3 ribamwo ubwoko burenga amajana abiri bw’inyoni. Riri ku kirometero n’inusu uva ku nkengera ku mpande n’izindi hari ikirometero n’inusu (1,5km de rayon)
Nk’uko tuvyiganirwa na Hitimana Fidel, umurinzi w’ico kiyaga, ngo muri kahise ahari uyu munsi Lac Rwihinda hahoze uruzi ruto rutazwi neza izina. Aho ngo hagereranywa nko mu gihe ca kera cane imbere y’umuzo w’abazungu.
Agira ati: « Mu bihe vy’ici rero ngo aborozi b’inka barabura ibibara baragiramwo inka zabo. Bava mu mihingo itandukanye y’igihugu baje kugisha, arikwo kurondera ahoba ubwatsi bugitotahaye be n‘aho boronka boshora inka ngo zinywe amazi. Bashitse aha hari uyu munsi iki kiyaga, bahasanze abandi barundi barima igitoke cane bakagana inzoga y’urwarwa. Kumwe rero Abarundi bamye ari abantu bakirana neza bazimana aba borozi inzoga y’urwarwa, nabo bakabaha amata.Uko haca imyaka rero, bagarutse kugisha bavuga ngo bagiye ku kagwa. Uru ruzi rero barwita ku Karwa ».
Abandanya agira ati: « Rwagiye ruraguka bivanye n’uko umwonga witwa Nyavyamo wagiye uriyagurira imbibe, gutyo uno mwonga ukisuka muri rwa ruzi bita ku Karwa narwo rukagenda rwiyagura ivyo bise ngo kwihinda…ni aho hahavuye hava izina Rwihinda”.
Aho ngo hoba hari mu gihe c’umuzo w’abazungu (abakoroni). Bano rero bahageze, batangazwa cane n’ubwiza bw’ico kiyaga ariko cane cane bagatangazwa no kuhasanga ubwoko bw’inyoni buba n’iwabo. Nabo baca bahita « Lac aux oiseaux ».
Igituma ziza kuhateramira…

Uzokwumva kenshi abantu iyo bashitse mu Kirundo bose bipfuza kuvayo bageze ku kiyaga Rwihinda, abazungu bise « Lac aux Oiseaux ». Ni ukubera ubwiza n’inyoni zaho ziteye igomwe wohora uraraba.
Hitimana Fidel umurinzi wo kuri iryo tunga kama rishashe mu Kirundo avuga ko inyoni zihakunda cane kubera muri ico kiyaga harimwo izinga ririmwo ishamba cimeza ririmwo ibiti inyoni zikunda nk’umugunga, igitongati, umurinzi, igisandasanda, n’ibindi biterwa bitari bike inyoni zikunda. Kandi ngo inyoni ziza ziraja mu tuzinga duto duto turi muri ico kiyaga, kwimba imyobo zinyegezamwo utwana twazo, kuko mu nyoni zigenzi zazo « hari izirya inyama zishobora kurya utwana twazo nk’ibisiga n’inkona. »
Nk’uko uno murinzi yabituyagiye ngo ubwoko bw’inyoni buhaba burarenga amajana abiri. Ariko ngo ziza guhera mu ntango z’ukwezi kwa cumi na kabiri i Buraya hatanguye gukanya cane, hakaza izifise ubukomezi buke kurusha izindi zitarinda imbeho.
Ngo no mu kuguruka izisumbuye zigenda zirakingira zito zito, kandi ngo urugendo rubaye rurerure zirabisikanya kuja imbere n’inyuma ahari umuyaga mwinshi kugira zose zishike iyo zija. Ngo zisubirayo mu kwa kane zikimukira mu bihugu vya buraya na Aziya. Ngo zisubira kugwira mu gihe c’ici.
Izo twashoboye kwibonera ni inkona zitatu, imwe imwe ipima ibiro bishobora kurenga icumi. Mwomenya ko hano ariho honyene hari ikirere n’ishamba rishobora kubamwo inkona, nk’uko vyemezwa na Hitimana Fidel. Hari kandi inyange zifise amaguru asa n’umuhondo, izo bita « aigrette » zisa n’inyange ariko bigatandukanira ko zifise amaguru yirabura. Hari n’izo bita « dendrocines », izitwa « martin pêcheur », « héron », ifundi, inyamanza, « pélican blanc », n’izindi zitari nke.
Mwomenya kandi ko ikiyaga Rwihinda kiri mu biyaga umunani bigize icitwa imisozi ihanamiye uruzi Nil (versant du bassin du nil). Navyo ni : Cohoha, Gacamirindi, Nagitamo, Kanzigiri, Mwungere, Narungazi, Rweru na Rwihinda.




