Jimbere

ikirundi French English
GUPAGASA

Hari ubuzi Tanzania yaraye ibujije abatari abanyatanzaniya gukorera mur’ico gihugu

Mw’itegeko ryasinyweko n’umushikiranganji ajejwe ubudandaji Selemani Jafo, hari ubuzi 15 ubu buteremerewe abadafise ubwenegihugu bwo muri Tanzaniya. Ufashwe n’agasho urakinjira… Ubwo na bwo ni nko:

🔘 Kugurisha ibidandazwa utariko ukorera mu bibanza vy’amasoko binini

🔘 Guca amahera mu gufasha abarungika amahera bakoresheje za terefone

🔘 Gukora amaterefone canke utundi twuma twapfuye

🔘 Kumwa (ni mpaka ubikorere mw’ihoteri, canke uriko urafasha ingenzi)

🔘 Ivyo kugira inganda nto nto zo gucukura ubutare

🔘 Gukora akazi k’umuranzi kuri ba mukerarugendo

🔘 Kuba nyene radiyo canke tereviziyo ukazikoresha mu guca amahera

🔘 Kugira inganda nto

🔘 Kugira ishirahamwe ryo gukora isuku

🔘 Kugurira ivyimburwa mu mirima

Reta yo muri Tanzaniya yafashe iyo ngingo kugira « ikingire amashirahamwe mato n’ayabayabaye (PME) y’abenegihugu ba Tanzania », yariko arinjiramwo cane abantu bakomoka mu bihugu vyo muri EAC (cane cane abanyakenya) bo n’abashinwa.

Ku bari basanzwe bakora ubwo ubuzi, bazobubandanya gushika ikiringo bari bemerewe kubukora kirangiye.

Ku bazofatwa naho bariko barakora ubwo buzi batafitiye uruhusha, hategekanijwe ibihano: amande atari munsi ya miriyoni 10 za shiring ya Tanzania (ni ukuvuga miriyoni 30 z’amarundi), agasho k’amezi 6, be no kwamburwa uburenganzira bwo kuguma mur’ico gihugu.

Abanyatanzaniya nabo bazofatwa bariko barafasha abatari imvukira z’ico gihugu gukora ubwo buzi, nabo nyene bazohanishwa amande, n’agasho kajeko mu gihe badahagaritse.

Ino ngingo ije mugabo kuvuguruza intumbero y’itegeko rigenga Umuryango w’Ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko (EAC), aho mu ngingo 104 rishinga ko abakomoka mu bihugu vya EAC bafise uburenganzira bw’uruja n’uruza bo no kurondera akazi hose muri EAC.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top