Jimbere

ikirundi French English
Inkuru zo mu Karere

Urwanda rugiye gutanguza umugambi wo kwubaka ishuri ryigisha ivy’indege ku miriyaridi 65 z’amanyarwanda

Mu gihugu c’Urwanda hari umugambi wo kwubaka ishure ry’akarorero rizigisha ibijanye n’ugutwara indege no kuzikora mu gihe ziba zagize ikibazo. Muri Kenya na ho havugwa umunonotsi yari imbere y’abandi mu mahiganwa haza imbwa imutera ubwoba bituma atakaza ikibanza ca mbere. Nayo Muri Tanzaniya hari umunyeshure yakunda kuraba amasinema yo kwiyahura akabona abayakina ntibapfuye nawe acaja kuvyigana aca agiramwo. Aya hamwe n’ayandi ni mu makuru yaranze akarere ka Afirika y’ubuseruko mu ndwi yo kuva ku wa 25 Nyakanga gushika ku wa 1 Gitugutu 2023.

Reta y’Urwanda yatangaje umugambi wo kwubaka ishuri ry’akarorero ryigisha ibijanye no gutwara indege, kuzikora zagize ikibazo (kuzikanika) ndetse n’ubundi bumenyi bukenerwa mu bijanye no gutwara abantu n’ibintu mu kirere. Kandi hazoba harimwo no kwigisha ugutwara indege zitagira abadereva(drones). Uyo mugambi ukaba uzotwara amafaranga y’amanyagwanda imiriyaridi zirenga 65, ukazokorwa mu mezi 24, ni ukuvuga mu myaka 2.

Nk’uko tubisoma ku kinyamakuru Igihe, uyo mugambi uzokorwa biciye mw’ishirahamwe rya Akagera Aviation risanzwe rikora ibikorwa bijanye no gutwara abantu mu ndege imbere mu gihugu ndetse rikagira n’ishure rito ryigisha ivyo gutwara indege.

Iryo shure ngo vyitezwe ko rizubakwa mu gisagara ca Kigali, mu karere ka Kicukiro ahasanzwe hakorera ikibuga mpuzamakungu c’indege ca Kigali.

Uyo mugambi wo kwubaka iryo shure ukaba wiyumviriwe inyuma yo kubona ko ikibuga c’indege ca Bugesera kiriko kirubakwa kizokenera abantu benshi bazi ivy’indege bahakora.

Tanzania: Umunyeshure yaritavye Imana yiyahuye mu gihe yariko asubiramwo ivyo yabonye mw’isinema

Uyo munyeshure wo muri Tanzaniya yiga mu mwaka wa gatandutu kw’ishure Majengo riri muri komine Same mu ntara ya Kilimanjaro.  Uyo mwana w’imyaka 12 yiyishe yimanitse akoresheje ishuka mu gihe yariko yigana ivyo yabona mw’isinema yo kwiyahura yakunda kuraba. Ngo mu mpera y’iyo sinema uwuriko arakina yiyahura ngo yabona adapfa n’uyo munyeshure akaba yavyiganye yizera ko nawe adapfa.

Ivyo rero ngo vyabaye mu gatondo, nk’igihe c’isaha cumi na zibiri, ku munsi wa gatandatu w’indwi iheze mu gihe benewabo hamwe na inakuru wiwe bari bakiryamye. Nk’uko tubisoma ku kinyamakuru Mwananchi, inakuru w’uwo mwana yiyahuye avuga ko uyo nyakwigendera yakunda kuraba isinema ziteye ubwoba, aho mbere ngo yaza arabwira inakuru ko umuntu ashobora kwiyahura ntapfe afatiye ku vyo abona mu masinema.

Uyo mwana yari yanabwiye inakuru ngo agerageze kwiyahura arabe ko pfa, ahubwo ko abo bishika bagapfa biyahuye aba ari gisita (accident) ngo kuko no mu masinema abona biyahura ariko ntibapfe bakava mu mugozi bari bishize mu kanigo amahoro.

Umukuru wa komine Same akavuga ko ivyo bikunda kuba kubana bakunda kuraba amasinema kandi baba babana na ba inakuru batabama hafi, kubera abavyeyi b’abo bana baba bibera mu bisagara. Akaba asaba abavyeyi ko bokwama bitwararika abana babo kandi bakagerageza kuza barabarinda amasanganya nk’ayo. Kuko ngo abavyeyi benshi bahebeye abana babo ba inakuru na ba sekuru.

Imbwa iragirizwa kubuza umunyakenya kuba uwa mbere muri Marathon

Umukenguzamateka wo muri Kenya yaneguye inzego zijejwe inkino kuba ata co zakoze ngo zigizeyo imbwa yirutse inyuma ya Robert Kimutai Ng’eno mw’isiganwa rya marathon ku 42 km i Buenos Aires muri Argentine mu ndwi iheze.

Amakuru avuga ko uwo munonotsi wo muri Kenya yari imbere y’abandi hasigaye ibirometero 4 ngo atsinde ihiganwa aca abona imbwa iriko iramukurikira.

N’ubwo hari abarorerezi bagerageje guhinda iyo mbwa ngo ive inyuma yiwe, bivugwa ko yasamje Ng’eno aca atakaza umurindi amaherezo aca arangiza isiganwa ari uwa gatatu. Nk’uko tubisoma ku kinyamakuru BBC, ngo umukenguzamateka Samson Cherargei abicishije ku rubuga rwiwe rwa X yanditse ko uwo munonotsi yabwe agateka kiwe kandi aramaramazwa bitagira izina. Ico kinyamakuru kikavuga ko uyo mukenguzamateka wa Kenya yavuze ko umushikiranganji wa kenya ajejwe inkino Ababu Namwamba n’urwego rwa kenya rujejwe ubunonotsi batereranye uwo munonotsi. Ko ata gaciro bahaye ivyo kwanka ivyashitse no gusaba ko abategetsi ba Argentine bakora amatohoza.

Goma: Igisasu ca Rokete caguye kuri stade kirica kinakomeretsa abari mu kibuga

Ubutegetsi bwa gisirikare bw’intara ya Kivu ya ruguru muri RDCongo bwatangaje ko igisasu caguye kuri stade de l’unite mu gisagara ca Goma gihitana umuntu 1 gikomeretsa abarenga 10.

Ivyo vyabaye mu masaha y’ikigoroba ku munsi wa kane w’indwi iheze, aho ico gisasu mu buryo butitezwe cavuye ku nkoho y’umusirikare yari ari ku modoka ya gisirikare iriko iragenda mw’ibarabara iriceka gica kirirasa.

Bamwe mu bari bari hafi y’iyo stade nk’uko tubisoma ku kinyamakuru BBC, bavuga ko hahise haba uruhagarara mu gihe bari bamaze kwumva ico gisasu no kumenya ko coba cishe no gukomeretsa abantu. Ariko itangazo ryasohowe n’umuvugizi w’iyo ntara ya Goma, rimenyesha ko mu bakomeretse harimwo n’uyo musirikare igisasu cavuyeko. Kandi nk’uko tbisoma kuri BBC, ngo mu yandi makuru atangwa n’ibindi binyamakuru vyo muri RDCongo akavuga ko hari harimwo kandi n’abakinyi b’ikipe ya FC Likonji bari bari mu kibuga bakina.

Ivyo rero nk’uko tubandanya tubisoma kuri BBC, bibaye mu gihe i Goma haheze igihe mu banyagihugu agashavu kaniga inyuma yaho abasirikare bo mu mugwi ucungera umukuru w’igihugu barashe ku banyagihugu ba Wazalendo bari bagiye kwiyerekana mu mpera z’ukwezi guheze bakica abarenga 50.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top